'Nongorera inzuki – zica zimenya uwo ndi we'

Incuti n’ababanyi batanguye bagira amakenga ariko ubu bavuga ko afise impano idasanzwe

Ahavuye isanamu, Tamirat Getachew

Insiguro y'isanamu, Incuti n’ababanyi batanguye bagira amakenga ariko ubu bavuga ko afise impano idasanzwe

Ubushobozi bw’uno munya-Ethiopia Tamirat Getachew bwo kwiyegereza inzuki buratangaza abantu bo mu karere avukamwo ka Asosa.

None abigenza gute?

Abwira BBC ati: "Ni impano”.

Uno musore w’imyaka 18 arareka izi nzuki zikuzura igikiriza n’umutwe ata kintu na kimwe yambaye co kwikingira. Rimwe na rimwe aranazireka zikamwinjira mu kanwa.

Asigura ati: "Mfise ubushobozi budasanzwe bwo kureka inzuki zikantondera ntipfutse umunwa n’amatwi”.

Haciye imyaka itanu gusa Tamirat atanguye kwimenyereza inzuki.

Ati: "Zaraje zinyuzura umubiri wose igihe nari ndaziciye iruhande [ahari imizinga yazo] hanyuma zitangura kwumviriza neza ivyo nariko ndavuga”.

Tamirat Getachew avuga ko we n'inzuki bizerana

Ahavuye isanamu, Tamirat Getachew

Insiguro y'isanamu, Tamirat Getachew avuga ko we n'inzuki bizerana

Nk’uko we nyene avyivugira, nta kintu na kimwe yigeze akora kugira ngo aziyegereze.

Ati: ''Ziratahura gusa uwo ndi we. Inzuki ni nk’abantu kuri abo bose bazegereye”.

Hagati aho, incuti n’ababanyi batanguye bagira amakenga.

“Bari bafise ubwoba. Bahora bangabisha ko ntokwegera inzuki kuko zashobora kumerera nabi. Ariko jewe nari nzi impano yanje ico gihe”, niko Tamirat avuga.

Mu nyuma niho bahavuye babona ko afitaniye ubucuti budasanzwe n’inzuki.

Ibikorwa vyiwe ni ibintu bidasanzwe na gato mu karere abamwo.

Mu bisanzwe, abavumbi bahakura ubuki mw’ijoro kugira ngo ntizibarye, cane cane mu turere two mu mitumba ya kure.

Ubushakashatsi bwerekana ko inzuki zishobora kwica.