Abana bariko baricwa n'inzara ariko Ethiopia ivuga ko ata nzu iriko irasha

Abanyagihugu bashonje muri Ethiopiya

Ahavuye isanamu, REUTERS

Inzara irugarije ibice bimwe bimwe vya Ethiopiya. Ahababaye cane ni mu ntara ya Tigray iri mu buraruko bw'ico gihugu.

Ibigwati bitari bwasubire gutoha inyuma yo gutabagurwa n'ingwano yahaheruka, ubu naho vyugarijwe n'uruzuba rukaze cane.

Amakuru aguma yiyongera ko mu misozi ya kure hari abana baharugwa mu majana bariko baricwa n'inzara.

Igiteye impungenge n'uko ako kaga kadutse mu gihe muri iyo ntara ubu ari ho hategerezwa kuba hari ivyo kurya. Igihe co kwimbura muri Tigray n'akarere bihana urubibe ka Amhara ni mu kwezi kwa cumi na rimwe, muri iki gihe c'umwaka rero ibifungurwa vyokabaye bigwiriye.

Leta yo ku rwego rw'igihugu i Addis Abeba irahakana ko inzara yugarije ikavuga ko iriko irakora kugira itange imfashanyo.

Ariko, abakurambere mu bikorwa vyo gufasha abari mu kaga, akariko karaba bakagereranya n'ako mu 1984, igihe uruzuba n'ingwano vyahitana abantu bagera ku muriyoni.

Igisata ca ONU citaho abari mu kaga OCHA kigereranya ko abantu miriyoni 20 bakeneye imfashanyo z'ibifungurwa- muri abo ica gatatu bakaba bariko barafashwa. Muri Tigray ho ibintu bibabaje kurushiriza.

Mu kwezi guheze, abategetsi ba Tigray bavuze ko miriyoni 3,5 z'abantu, ni ukuvuga abarenga ica kabiri c'abanyagihugu baba muri iyo ntara, bakeneye imfashanyo mu kiringo c'umwaka wose.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Bibiri vya gatatu bari abarimyi, ica gatatu kindi bari abateshejwe izabo n'intambara batari bwashobore gusubira mu ngo zabo. OCHA ivugako abandi bangana umuriyoni n'ibihumbi amajana indwi hari igihe bashobora kuzokenera imfashanyo mu 2024.

Imvo nyamukuru z'ako kaga ni uko ingwano yashize Tigray mu bukene bukabije .

Iyo ngwano yabaye hagati ya reta ya Ethiopiya n'abayifasha ku ruhande rumwe, n'ingabo za Tigray ku rundi ruhande, inyuma y'ukutumvikana gukomeye hagati ya reta ku rwego rw'igihugu n'ubutegetsi bw'intara.

Iyo ngwano yamaze imyaka 2 kuva muri Munyonyo (11) mu 2020 kandi yasambuye ibintu vyinshi.

Naho abategetsi babihakanye, abasirikare baragirijwe kwiba no guturira ibifungurwa n'imirima, harimwo no kwica ibitungwa, harimwo n'ibikoreshwa mu kurima hamwe no kwonona imigende y'amazi.

Abantu barenga umuriyoni n'ibihumbi amajana ane barateshejwe izabo ku gahato, na cane mu turere two mu burengero bwa Tigray tumera kurusha ahandi, twaciye twigarurirwa n'intara bihana urubibe ya Amhara.

Umwe mu ngabo zidasanzwe za Amhara afise inkoho ya mitrailleuse (machine gun) ku kirindiro c’ikambi imbere ya butike, Ethiopia, ku wa 22 Munyonyo, 2020

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ingabo za Amhara zaciye zifata ibice vya Tigray gato inyuma y'aho ingwano yadukiye mu 2020

Benshi mu barimyi ba Tigray bafise amatongo mato mato, bakaba baronka ibibatunga ukwezi kwose kuko abakiri bato baba bagiye gukora ubuzi mu bisagara canke akazi k'igihe ku barimyi babigize urundandazwa.

Ariko ubutunzi bw'ako karere bwarasinzikajwe bikomeye: amahinguriro yarasahuwe canke araturirwa, ubukerarugendo burahagarara burundu n'isi ndimwa yimbuka iratwarwa.

Hejuru ya vyose intara yarugaranywe. Ubudandaji burahagarara. Intica ntikize y'imfashanyo yonyene niyo yemerwa gushikayo.

Amabanki yarugawe. Abarimyi ntishobora kuronka ingurane. Imfashanyo ya reta kuri bantahonikora ntiyasubiye gutangwa , kiretse abantu bake barinda bashobora kwinjiza amafaranga bidaciye mu mategeko.

Imishahara y'abakozi 130.000 ntiyarishwe kandi n'abari mu zabukuru 90.000 ntibashoboye kuronka amafaranga [ya pansiyo] yabo. Abantu bakoresheje utwo bari baraziganije bongera bagurisha ivyo bari bafise vy'agaciro. Iduga ry'ibiciro ryatumye ivyo kurya bizimba cane.

Aho habonekeye amasezerano yo guhagarika intambara muri Munyonyo mu 2022, ukwugarana iyo ntara kwaratezuwe. Ariko nta vyinshi vyasanuwe. N'ubu ubudandaji buracari hasi kandi ubushomeri ni bwinshi.

None uruzuba ruje gusongera isibe.

Amakomine 36 kuri 97 agize intara ya Tigray yarakariwe n'uruzuba, imvura nayo hagwa iyiri munsi y'ica gatatu y'iyigwa mu bihe bisanzwe.

Hagati aho , uruzuba n'intanbara mu ntara bihana urubibe ya Amhara vyatumye muri iyo ntara naho ubukene bw'ivyo kurya bwiyongera.

Mu bumanuko bwa Ethiopiya, uruzuba rwisubiriza rwatumye aborozi basa n'abasigara bifumbereje.

Mu kwezi kwa Gitugutu (10), ishirahamwe rya Amerika ryo gufashanya USAid n'ishami rya ONU rijejwe ibifungurwa (PAM/WFP) barasemereye.

Ku ngero zitanu z'ubukene bw'ibifungurwa, kuva ku ngero nya mbere (ibisanzwe) gushika ku ya gatanu (akaga canke inzara) barererekanye ko hariko hariyongera vuba igitigiri c'abantu, na cane cane muri Tigray ariko n'ahandi, bariko baraja ku ngero ya kane, (bakeneye gufashwa vyihutirwa) mu ntango zo mu 2024.

Kuri iyo ngero imbere y'uko havugwa ko hateye inzara, urugero rwo kubura ivyo kurya ruba ari runini bihagije kugira abana bo mu miryango ikenye bicwe n'inzara canke indwara.

Urwo rwandiko rwarimwo umurongo udahumuriza: ''Ugusubira buke buke gutanga imfashanyo y'ibifungurwa kuva mu ntango z'umwaka wa 2024 kwitezwe kugabanya bibayabaye urugero rwo kubura ivyo kurya ntanganguvu mu bazoyironswa, ariko ntikuzoshika ku murindi wo kubuza ko haguma abageramiwe no kutaronka ico barya.''

Mu mvugo y'urupfasoni, abavyanditse bariko babwira amashirahamwe yabo ko akwiye gutegura gutanga imfashanyo yihuta kandi nyinshi.

 Umuryango uriko uravoma amazi mu bumanuko bwa Tigray

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ingwano n'uruzuba vyataeye amagume menshi mu ntara ya Tigray y

Aho vyandurutse ni uko mu mwaka uheze, abakozi b'amashirahamwe afasha batoye urufatangane rw'ubusuma bw'imfashanyo y'ivyo kurya.

Vyatanguye gushirwa ahabona muri Tigray aho abategetsi ba reta ku rwego rw’igihugu n’abo muri Tigray bagirizwa gukevya amakamyo y'imfashanyo akarungikwa ku nganda zihingura ifu bagaca bayigurisha kw'isoko.

Mugihe c’ingwano, abasirikare ba Ethiopiya bagumye babonwa n’abakozi b’abagiraneza bafata imfashanyo y'ibifungurwa ku musi ku musi baja kubirya, kandi hari igihe abasirikare baharugwa mu majana ba Eritrea - bari baje gufasha reta ya Ethiopia - vyavuzwe ko bakebeje ingaburo za Unicef zari zigenewe abana.

Nta vyinshi vyashizwe ahabona ico gihe.

Mu mwaka uheze , abategetsi barafashwe biba ibifungurwa muri Tigray- abavyagirizwa 186 baramenyekanye- kandi imiryango yasabwa guha ingabo za Tigray ibiro bibiri kuri 15 yahabwa ku kwezi , ku citwazo c'uko umuryango wose wari ufise umkusirikare wo kugaburira.

Ikibazo c’ubusuma cari mu gihugu cose.

Ivyegeranyo vy’amatohoza ntivyashizwe ahagaragara ariko kimwe bivugwa ko cerekana ''ubukozi bw'ikibi butunganijwe neza'' mu ntara indwi kuri cenda zigize Ethiopia. Umwe mu bahagarariye ibihugu vyabo muri Ethiopia yasubiwemwo avugako ifu ivuye mu ngano z'imfashanyo yajanwa kugurishwa muri Kenya na Somalia.

Mu mpera z’ukwezi kwa Rusama (5), USAid n’ishami rya ONU rijejwe infungurwa PAM yarahagaritse gutanga imfashanyo mu gihugu kugira asubiremwo itangwa ryayo. Mu kwezi kwa cumi na rimwe niho yatangura gutanga imfashanyo ku rugero ruto mu buryo bwo kuraba uko bigenda, ubu baja barongereza, ariko buke buke.

Hagati aho imiryango yo mu bigwati bikenye yaragurishije impene yari itunze canke irarya imbuto. Hamwe hamwe, abana barishwe n'inzara. N’inyuma y'aho akamo ko kugabisha gaterewe mu cegeranyo co mu kwezi kw'icumi, abatanga imfashanyo ntibongereje umurindi w'ibikorwa vyabo.

Imvo yo kutavyihutisha n’uko Leta ya Ethiopiya yakomeje ivuga ko vyose bimeze neza.

Umushikiranganji wa mbere wa Ethiopiya Abiy Ahmed yishimiye ko Ethiopia yikwije mu ngano ko mbere ifise n'umusesekara wo gushora mu bindi bihugu.

Mu kwezi guheze, umuvugizi wa reta yarahakanye ko hashobora kuba inzara muri Tigrray imbere yo kwisubirako akemera mu ruhande rumwe ko hari ikibazo c’uruzuba ruguma rwisubiriza.

Mu gihe havugwa iyo nzara, Abiy ariko arakoresha miriyaridi 10 z'amadorari mu kwubaka ikirimba gishasha c'igihugu hamwe n'uwundi muriyaridi ku gisirikare. Amerika, igihugu ca mbere mu guha imfashanyo Ethiopia, iriko irayigabanya.

Haraheze imyaka 40, abamenyeshamakuru ba BBC Michael Buerk na Mohamed Amin nibo bafashije mu kumena agacerere k'abategetsi baramenyesha amakungu akaga kariko karaba.

Benshi mu banya-Ethiopia bizeye ko ak'ubu kazocureha, katazoba kabi gusumba.

Ariko nk’uko uwujejwe igisata ca ONU co gufasha vyihuta Martin Griffiths avuga, ''umwanya ni nyamukuru iyo hageze kurokora ubuzima bw'abantu’’.

Alex de Waal ni umuyobozi nshingwabikorwa wa World Peace Foundation mu gisata Fletcher c'amategeko n'imigenderanirekuri kaminuza ya Tufts muri Amerika.