Hannibal umuhererezi wa Mouammar Kadhafi yarekuwe inyuma y'imyaka cumi apfungiwe muri Libani

    • Umwanditsi, Doug Faulkner

Hannibal Gaddafi, umuhererezi wa Muammar Gaddafi yahoze arongoye Libya, yarekuwe inyuma y'imyaka hafi cumi yari amaze apfungiwe muri Libani.

Abategetsi ba Libani bahagaritse Hannibal, ubu afise imyaka 49, mu 2015, bamwagiriza kunyegeza amakuru ajanye n'indongozi y'ishami rya Isilamu ry'aba-Shia ba Libani yaburiwe irengero muri Libya mu 1978, ico gihe akaba yari afise imyaka ibiri gusa.

Amashirahamwe aharanira uburenganzira bwa muntu yariyamirije ibi birego.

Abashingwamanza biwe babwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ko ingwati y'amadorari y'Abanyamerika 900.000 yasabwa yarishwe.

Laurent Bayon agira ati: "Kuri we ni iherezo ry'akaga kari kamaze imyaka 10".

Muri Gitugutu (10), umucamanza yari yategetse ko uno muhungu wa Gaddafi ariha ingwati y'imiriyoni 11 y'amadorari kugira ngo arekurwe, ariko mu ndwi iheze yaragabanijwe bisabwe n'abamuburanira, nk'uko AFP ibivuga.

Bayon avuga ko umukiriya wiwe ashobora kuva muri Libani akaja ahantu "h'ibanga".

Asubirwamwo na AFP avuga ati: "Nimba [Hannibal] Gaddafi yarapfunzwe ata mvo muri Libani mu kiringo c'imyaka 10, ni kubera ko ubutungane butigenga".

Mu 2015, Hannibal Gaddafi yaranyurujwe umwanya muto n'umurwi witwaje ibirwanisho muri Libani hanyuma aza kurekurwa. Mu nyuma yahavuye ahagarikwa n'abategetsi ba Libani.

Inyuma y'uko se wiwe yirukanwa ku butegetsi n'inyeshamba hanyuma akicwa mu 2011, yahungiye muri Syria hanyuma aza kubaho apfunzwe ic'amaso muri Oman ari kumwe n'umugore wiwe Aline Skaf.

Imbere y'uko ahungira muri Syria yabanje kugiriranira ibibazo n'ubutungane mu Bufaransa no mu Busuwisi mu myaka ya 2000.

Imbere y'uko intwaro ya se wiwe itembagazwa, Hannibal yari azwi cane mu buzima bwiwe bwo kwiryohera.

Ukubura kw'iyi ndongozi y'idini ry'aba Shia, Musa al-Sadr, muri Libya mu 1978 kwabaye intandaro y'icuka kibi hagati ya Libya na Libani mu myaka mirongo.

Ico gihe, Hannibal Gaddafi yari afise imyaka ibiri yonyene, kandi n'aho amariye gukura nta kibanza yari afise mu buyobozi bw'igihugu bwo hejuru.

Abategetsi ba Libani bikeka ko se wiwe, Muammar Gaddafi, yagize uruhara mw'ibura ry'ino ndongozi y'aba Shia.

Mu 2011, ONU n'Ubumwe bwa Bulaya bari basavye ko amatungo yiwe hamwe n'amakonte yiwe yo muri banki afatwa.