Ruto na Museveni bashigikiye Odinga arondera gutwara ishirahamwe rya Afrika

Ahavuye isanamu, President Yoweri Museveni/X
Umukuru w’abatavuga rumwe na reta muri Kenya ararondera ikibanza co kuba umukuru w’urwego rutwara ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, Union Africaine/ African Union. Raila Odinga ashaka gusubirira umunya-Tchad Moussa Faki Mahamat azorangiza ikiringo ciwe mu kwezi kwa kabiri mu mwaka uza.
Raila Odinga ku wa mbere yari muri Uganda ajanye n’umukuru w’igihugu ca Kenya, Willian Ruto, bagiye gusaba perezida Museveni gushigikira Odinga.
Museveni yabikiriye ku rugo rwiwe ruri ahitwa Kisozi.
''Ndakengukiye cane perezida Museveni kwemera gushigikira bikomeye icifuzo canje hamwe na perezida Ruto mu kugishigikira.'' Niko Odinga yanditse kuri X, yahoze ari Twitter.
Umubonano w’abo bagabo batatu usa n’uwatangaje abatari bake mu bihugu vyompi.
Ubaye mu gihe hari hasanzwe ugukebana bikomeye hagati ya Kenya na Uganda ku ruhande rumwe, no hagati ya Ruto na Odinga ku rundi.

Ahavuye isanamu, Raila Odinga/X
Raila Odinga ntiyigeze yemera ko yatsinzwe na Ruto mu matora
Mu mwaka uheze, Odinga yakoresheje urukurikirane rw’imyiyerekano yo kurwanya reta ya perezida William Ruto ishingiye ku kibazo c’ubuzima buzimye, bituma haba icuka kibi hagati y’indongonzi.
Raila Odinga ni igicocoro muri poritke yo muri Kenya. Amaze imyaka myyinshi ari indongozi y'abatavuga rumwe n'ubutegetsi . Amaze kwitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu incuro zitanu, ariko nta na rimwe aratsinda kandi hose avuga ko yibwa.
Irya vuba ni mu matora aheruka yabaye mu 2022 aho yahiganywe na perezida William Ruto.
Uwo mutama w'imyaka 79 amaze imyaka irenga 40 muri poririke ya Kenya. Yarabaye n'umushikiranganji wa mbere w'ico gihugu hagati ya 2008 na 2013.
Kuba ariko arondera gutwara ishirahamwe rya Afrika rifise icicaro i Addis Abeba muri Ethiopia bisigura ko aramutse aronse ico kibanza azoba yigiwe kure canke asezeye poritike yo muri Kenya.

Ahavuye isanamu, Wiiliam Ruto/X
Hagati ya Kenya na Uganda naho, mu kwezi kwa Munyonyo (11) haradutse ukutunvikana bikomeye ku bitoro vyinjira muri Uganda -itagira umuhora ushika kw’ibahari - biciye muri kenya, aho Museveni yavuze ko ''igihugu ciwe cibwa'' n’abikika mu kiza hamwe n’abaranzi [commissionnaires] murj Kenya.
Inyuma y’umubonano wo ku wa mbere, perezida Ruto yanditse kuri X ko we na perezida Museveni ''bumvikanye'' kandi ko ibibazo bijanye n’ingene ibitoro bishika muri Uganda biriko biratora inyishu.
Perezida Ruto yananditse kandi ko bavuganye na mugenziwe wa Uganda ko bovyura umugambi wari warateguwe wo kwubaka umuringoti wotwara ibitoro biyunguruye ubivana Eldoret muri Kenya ukabishikana i Kampala muri Uganda n'i Kigali mu Rwanda.













