Kenya: Raila Odinga yahagaritse imyiyerekano asaba kugandarira no gufasha abo yahitanye

Uwuri mu myiyerekano muri Kenya

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu agereranya ko abantu 30 bamaze kugwa mu myiyerekano muri aya mezi aheze

Umukuru w’abatavuga rumwe n’ubutegetsi muri Kenya Raila Odinga avuga ko agiye gutanguza ikigega co gufasha ‘’imiryango y’ababuze ababo n’abakiriko baravurwa mu bitaro’’ baguye canke bakomerekeye mu myiyerekano yabaye mu gihugu cose.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru bo mw’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru bo muri Afrika y’Ubuseruko (International Press Association of East Africa) ku wa kabiri, umukuru w’urunani Azimio yongeye avuga ko ico kigega uwubishaka wese azoshobora kugitangamwo intererano.

Vyari bitegekanijwe ko haba iyindi myiyerekano ku wa gatatu kuva isaha 12 zo mu gitondo gushika 12 zo ku mugoroba, ariko, mw’itangazo ryo kuri Twitter, Odinga yasavye ko hoba ubundi bwoko bw’imyiyerekano.

Yavuze ko hazoba defire (défilés) n’ibigandaro vyo kwifatanya n’abahuye n’ihutazwa ry’abaporisi mu bibanza bitandukanye mu gihugu cose.

Yagize ati: "Turahojeje imiryango yabuze ababo kandi ni bo babaye impamvu y’uko dusivya imyiyerekano".

Igiporisi kimaze igihe gihangana n’abagira imyiyerekano biyamiriza ubuzima buzimye hamwe n’iduzwa ry’amakori.

Raila Odinga

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Urunani Azimio rurongowe na Raila Odinga ruvuga ko mu myiyerekano hamaze kwicirwa abantu 50

Urunani Azimio ruvuga ko hishwe nibura abantu 50 gushika ubu, abandi amajana barakomereka bajanwa mu bitaro.

Rwagiriza igiporisi gukoresha inguvu z’umurengera n’uguhutaza abanyagihugu basanzwe, bamwe bamwe ruvuga ko batigeze begera ahariko harabera imyiyerekano.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yarashigikiye iryo koreshwa ry’inguvu n’igiporisi avuga ko cahanganye "n’ibihe bibangamye cane".

Reta yagiriza kandi Azimio kurenza urugero rw’abaguye muri iyo myiyerekano.

Urwego rugenzura igiporisi ruvuga ko rwatanguye amatohoza ku mabi ya vuba yabaye muri iyo myiyerekano, ariko rwabwiye BBC ko ubushobozi bwarwo bwo gukora amatohoza ari buto kuko rufise abakozi batarenga 250 bakwiragiye igihugu cose.