Imyiyerekano muri Kenya: Ruto ashima igipolisi abandi bagatera utwatsi

Igipolisi ca Kenya mu gikorwa co guhasha imyiyerekano

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abaharanira agateka ka muntu bagiriza igipolisi ca Kenya kwica n'ibigirankana, Prezida Ruto agashima uko carinze umutekano
    • Umwanditsi, Anthony Irungu
    • Igikorwa, BBC Nairobi

Umukuru w’igihugu ca Kenya, William Ruto, yakeje igipolisi ku kuntu carinze umutekano mu gihe c’imyiyerekano nayo ishirahamwe rikomeye mu yaharanira uburenganzira bwa muntu rivuga ko ivyo abapolisi bakoze ari “igikorwa c’iterabwoba”.

Mu mezi ane aheze y’imyiyerekano harapfuye abantu benshi, harimwo cumi barashwe n’igipolisi mu ndwi iheze. Ibitangazamakuru vyo muri Kenya bivuga ko abantu batandatu bapfuye ku wa gatatu mw’itana mu mitwe n’abapolisi.

Ishirahamwe Kenya Human Rights Commission, ridaharanira ivyicaro vya politike, ryavuze ko “hari ivyabaye kenshi biteye ubwoba vyerekana ko gukunda gukoresha inguvu z’umurengera kw’igipolisi vyerekana umugambi uba wateguwe”.

Ariko Bwana Ruto yavuze ko igikorwa c’igipolisi cari igikorwa co kurinda abanyagihugu hamwe n’ivyabo.

Bwana Ruto yagize ati: “Ndakeje igipolisi ku kuba carahagaze rugabo, kibungabunga amahoro kandi gihasha inkozi z’ikibi zose.”

Nta giharuro cemejwe n’inzego c’abapfuye kiriho, ariko Amnesty International ivuga ko abapolisi bishe n’imiburiburi abantu 30 kuva mu kwezi kwa Ntwarane (3), igihe imyiyerekano yo kwiyamiriza leta yatangura.

Prezida William Ruto mu giteramo ca Global Citizen's Power Our Planet i Paris mu kwa gatandu 2023

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Prezida William Ruto avuga ko igipolisi citwaye neza mu myiyerekano yo kwiyamiriza ukuzimba kw'ubuzima

Umwe mu bagize sosiyete sivile bareretse ingene igipolisi cavyitwayemwo mu guhasha abiyerekana mu burengero bw’igihugu, mu miji ya Kisumu na Migori, yavuze ko abajejwe umutekano basa “n’abakurikiza itegeko rya rasira-kwica”.

Iyo mpirimbanyi, itashatse ku amazina yayo amenyekana, yavuze ko bafise ibimenyetso vy’amafoto y’abantu barashwe mu mugongo n’amasasu nyayo.

Uwo muntu yongeyeko ati: “Mu ndwi iheze kuwa gatatu, umupolisi umwe yaranse gukurikiza itegeko rya kurasa abari mu myiyerekano aca akubitwa na bagenzi biwe aca yinjizwa ibitaro.”

Abatavugarumwe na leta barahamagaje urukurikirane rw’imyiyerekano yo kwiyamiriza amakori mashasha hamwe n’ukuzimba kw’ubuzima. Uno munsi wabaye uwa kabiri w’imyiyerekano igomba kumara iminsi itatu.

Amashirahamwe y’agateka ka muntu yo muri Kenya na mpuzamakungu co kimwe n’abaserukiye ibihugu, berekanye umwitwarariko.