'Umugabo wanje yanciye ukuboko kubera gupfuha' - Veronica Kidemi

Veronica Kidemi
    • Umwanditsi, Munira Hussein
    • Igikorwa, BBC News

Ivyo uyu mugore vyatanguye nk'inkuru nziza y'urukundo. Yahuye n'umusore mu nyuma yabaye umugabo wiwe, baragira n'amahirwe yo kuvyarana abana babiri. Ariko ibintu vyagiye bihinduka buhoro buhoro.

Veronica Kidemi, aba i Arusha muri Tanzania aratubwira ivyamushikiye, aho yaciwe ukuboko kwiwe k'ukuryo n'umugabo bubakanye biciye mu mategeko.

Uwo mugore avuga ko babanje kubana neza mu rukundo rw'igitangaza, ariko mu nyuma umugabo wiwe atangura guhinduka, apfuha cane ku buryo atipfuza ko akora akazi.

Veronica n'umwigisha, akora mw'ishure ryisumbuye rimwe ryo mu gihugu ca Tanzania.

Agira ati: "Twatanguye kubana neza, ariko mu nyuma atangura kuza arampohotera, atangura kuza arankubita ata co ampoye, ico twapfa ahanini ni kunshingira amasaha yo kuja ku kazi no gutaha.

"Yarampora cane ukwitanga kwanje ku kazi, ntiyashaka gutahura ikintu na kimwe kijanye n'akazi kanje."

Ibintu vyatanguye guhinduka gute?

Veronica avuga ko igihe batangura kubana n'umugabo wiwe, urugo rwabo rwari rwiza cane ariko mu nyuma ibintu bitangura guhinduka. Umugabo wiwe nta kazi yari afise, ni we yakora akazi akongera agafasha n'umuryango.

Umushahara wiwe wose yaca awushikiriza umugabo kugira bashobore guteza imbere urugo rwabo.

Ariko, mu nyuma umugabo wiwe yararonse akazi mw'ishirahamwe rimwe rya reta muri Tanzania. Aho ni ho ibintu vyatangura guhinduka.

Veronica avuga ko umugabo wiwe yaciye atangura gukengera akazi akora, ku buryo atashaka gutahura ivyerekeye ako kazi.

Uwo mugore avuga kandi ko ahanini bapfa kumupfuhira, kandi umugabo wiwe ntiyashaka ko ateba ku kazi.

Bama mu matati ya buri gihe gushika n'aho uwo mugore aja kwitura umuryango n'ishengero baraganiyemwo.

Agira ati: "Naragize ibibazo ku kazi, haraba amanama menshi yo kwihweza ingorane zacu zo mu rugo, numva ntameze neza na gato. Yibaza ko umwanya wo kuja ku kazi ndawukoresha mu kuja mu bindi bintu bitajanye."

Verinica Kidemi
Insiguro y'isanamu, Ubu Veronica akoresha ukubamfu mu kazi kiwe

Gucibwa ukuboko

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Veronica avuga ko umusi ivyo biba, yari yagiye ku kazi nk'uko bisanzwe, ariko arakora akazi bamuhaye kihariye, inyuma yo gushiraho politike yo kurandurana n'imizi ikibazo c'abana bayoberwa cane.

Ico gihe, umugabo wiwe yaramuhamagaye kuri terefone, aramugabisha ko kubera yatevye ku kazi ,atohirahira ngo amusange muhira.

Veronica agira ati: "Ntitwumvikana na gato, yarampamagaye na terefone, nk'igihe c'isaha zitandatu z'umurango, twari mu kazi ko kurabira hamwe ingene abana bose bomenya kw'ishure.

"Umugabo wanje ambarira ngo ngende ntaze kumbona, ngo kuko ntaco mfise nsigura ku kungene nitanga ku kazi.

"Numvise ivyo naciye nsaba uruhusha rwo gutaha vyihuta kugira ntore ibindanga vyanje hanyuma nce ngenda ntahansange, sinamenye ko wari umutego. Negereje gushika muhira yaciye angwako."

Uwo mugore avuga ko uwo mugabo wiwe yaciye atangura kumutemaguza umupanga umubiri wiwe wose.

Ati: "Yaciye ansimbirako antemaguza umupangamu mutwe, nkaza ndikingira nkoresheje amaboko.

"Uku kuboko k'ububamfu kwarakomeretse cane, ariko uko ukuryo ko yagutemye rimwe gusa guca gukorokera hasi, ndavuza induru, abantu bariko bararengana barashwabaduka barantabara, ni ko kurokoka".

Veronica Kidemi

Ahavuye isanamu, VERONICA KIDEMI

Kumvikanishwa mu muryango

Igihe cose haba amatati hagati ya Veronica n'umugabo wiwe, umuryango warabumvikanisha, ugasaba Veronica kubandanya kwubaka urugo rwiwe. N'ishengero ryaguma rimubwira ngo ntate urugo rwiwe.

Veronica agira ati: "Narigeze kugenda twashwanye gose ariko ishengero ryaraje rinsaba ko ngaruke ngo ndere abana. Ariko mu mwanya muto yaciye asubira guhinduka, atangura kugira ishavu rirenze, akwumviriza amajambo y'abantu, ntanakurikirane neza ngo amenye ukuri."

Uwo mugore avuga ko, iyo batamuhendahenda ngo agaruke mu rugo, akeka ko atari gucibwa igihimba na kimwe c'umubiri wiwe.

Agira ati: "Nagiye kurega mw'ishengero ku musi wa gatatu inyuma y'umwumvikano muke n'umugabo wanje, ndabibwira uwuturongoye mw'ishengero, ariko kubera umugabo wanje yari kure, baca bambwira ko bazovugana na we.

"Ariko yaciye abatanga, namureze ku musi wa gatatu, ku musi wa gatanu ni ho yaciye antema. Nibaza ko iyo nankira ishengero gusubira muhira ata co nari kuba."

Kwiyigisha kwandikisha ukuboko k'ububamfu

Imbere y'uko acika uko kuboko k'uburyo, Veronica ni ko yakoresha mu kwandika no gutegura ivyirwa yigisha kw'ishure.

Ariko uwo mugore w'abana babiri kandi yarakoresha uko kuboko mu bikorwa vyinshi vyo mu rugo, harimwo kumesa impuzu no mu gufasha abana biwe.

Kugira ashobore kubandanya gukora ibikorwa vyiwe vya buri musi, vyabaye ngombwa k'uwo mugore atangura kwiyigisha gukoresha ukuboko kwiwe k'ububamfu.

Kandi yifashishije inyabwonko, ubu arashobora gutegura ivyirwa vyo kwigisha.

Veronica Kidemi

Ahavuye isanamu, VERONICA KIDEMI

Insiguro y'isanamu, Veronica ubu akoresha ukuboko k'ugukorano ku kuryo

"Nibaza ko azohinduka"

Veronica avuga ko yakoze amakosa akomeye mu kwibaza ko umugabo wiwe ashobora kuzohinduka akaba umugabo mwiza.

Ati: "Ndahanura umuntu wese, ko abonye hari uguhohoterwa, ntakenyerereko, jewe narakenyereyeko cane, ndavuga nti uyu muntu hari igihe azohinduka, ariko ivyakurikiye vyabaye bibi gusumba.

"N'ukuvuga ukabona umuntu agukubise ikofe rimwe gusa, urwo si urukundo. Kandi agatangura n'ikofe rimwe, umenye ko atazohagarika."

Uyu mogore atera kandi akamo reta, ko ibisata bibishinzwe vyoza birumviriza abagore bahohoterwa.

Yongerako ko, ku rundi ruhande, amashengero ategerezwa kwiyamiriza yivuye inyuma ibikorwa bibi nk'ibi, na cane cane iyo bibangamira umutekano w'umugore.

Agira ati: "N'ivyo ukuri amashengero arashimikira ku bintu vyerekeye amahoro, kandi urahirira kubana mu ngorane no mu mahirwe, ariko ico uheza ukarinda n'igiki? Nka jewe nari narinze iki? Nagira mpfe. Nari narinze iki?"

Veronica Kidemi

Ahavuye isanamu, VERONICA KIDEMI

Urubanza rwaciriwe umugabo

Inyuma yo kuntema ukuboko, urubanza rwaraburanishijwe na sentare yo muri Tanzania imyaka myinshi.

Mu ntango z'ukwezi kwa kabiri mu 2023, uwo yahoze ari umugabo wanje, yaciriwe urubanza rwo gupfungwa imyaka ine, n'indishi y'akababaro y'amashilingi miliyoni 15 ya Tanzania.