EAC irishimira igikorwa cayo co kugarukana amahoro muri Congo

Abakuru b’ibihugu bigize ishirahamwe rya Afrika y’Ubuseruko EAC bavuga ko ingabo iryo shirahamwe ryarungitse gufasha kugarukana amahoro mu buseruko bwa Congo zimaze gushika ku musaruro ushimishije cane kandi ko ikibazo c’umutekano muke muri Congo kiri mu nzira yo gutora inyishu.
Vyavuzwe n’umukuru wa Kenya Willian Ruto inyuma y’inama idasanzwe y’abakuru b’ibihugu vy'iryo shirahamwe yabereye i Bujumbura mu Burundi.
Avuga ashimira perezida Evariste Ndayishinmiye w'Uburundi ari nawe mukuru w'ishirahamwe EAC muri iki gihe, perezida William Ruto wa Kenya yavuze ko izo ngabo EAC yarungitse muri Congo zimaze gushika ku musaruro mwiza cane.
Yavuze ati: ''Uyu munsi, twashaka twishime kubera agahengwe kamaze amezi abiri kubahirijwe, hanyuma dushimire abo bose, harimwo ingabo za Congo n’iz’akarere n’abandi bagize uruhara kugira ako gahengwe twifuza kaboneke.
''Turishimye kandi kubona hariko haragaruka buke buke ubuzima busanzwe mu buseruko bwa Congo, n’aho hakiri ibibazo vyinshi, turashobora kwemeza umutima uri mu nda ko ubuzima bwa gisirivire buriko buragaruka, ubu ingeramizi zaragabanutse cane ku bisagara vya Goma, Sake n'ibindi''.
Ivyo Willian Ruto yavuze bitandukanye cane n’ivyo mugenzi we wa Congo yari yavuze mu kwezi guheze ari muri Botswana mu nama y’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika y’Ubumanuko, SADC.
Felix Thsiskedi yari yanagabishije mbere ko izo ngabo za EAC zishobora gusezererwa mu kwezi kwa gatandatu kuko zitarangura ivyo zatumwe mu kwunga umubano n’umugwi ugwana wa M23.

Ariko ubu ho, prezida Willlian Ruto yatangaje ko reta ya Congo yemeye kwongera izo ngabo ikiringo c’amezi atatu [uhereye muri uku kwezi kwa gatandatu], avuga ko ubwa mbere mu myaka irenga 20 Congo yugarijwe n’umutekano muke ubu ikibazo kiri mu nzira yo gutora inyishu.
Ati: ''Birakwiriye kandi birabereye ko nk’akarere tuvuga ko kuba abakuru b’ibihugu vyacu bagiye hamwe hanyuma bakarungika ingabo mu buseruko bwa Congo vyashitse ku musaruro mwiza cane.
''Yabaye ingingo nziza yo gufata, none ikibazo c’ingorabahizi cari kimaze imyaka 20 cugarije Congo, turashobora kuvuga turemye ko kiri mu nzira yo gutora inyishu''.
Muri iyo nama bumvikanye ku kirangamisi c’ingene abagwanyi b’imigwi nka M23 n’iyindi myinshi irangwa muri ako karere bagiye kwegeranirizwa hamwe imbere y’uko basubizwa mu buzima busanzwe.
Ni mu gihe ariko umwe mu bavugizi b'ingabo za Congo aherutse kuvuga ko M23 ahubwo iriko iritegurira gutera no gufata igisagara ca Goma, umugwa mukuru w'intara ya Kivu ya ruguru.













