UN: Abantu benshi bariko barahunga imigwano hagati ya FARDC na M23 muri Rutshuru

Ahavuye isanamu, Getty Images
UN/ONU ivuga ko abantu benshi bamaze guta izabo kubera imigwano iriko ibera muri Rutshuru, harimwo n'abamaze guhungira muri Uganda.
Ku rubuga rwa Twitter, OCHA, ishami rya ONU rijejwe kugenzura itangwa ry'imfashanyo ivuga ko bakiriko baragenzura neza uko abamaze guta izabo bangana n'ivyo bakeneye.
Nta co FARDC na M23 baravuga kuvyerekeye iyo ntambara.
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa, 1
Mu kwezi kwa gatandatu mu 2022, umuhari wa M23 warigaruriye igisagara ca Bunagana kiri ku rubibe Republika ya Demokrasi ya Congo ihana na Uganda.
Ico gihe umuvugizi wa M23 yabwiye BBC Gahuzamiryango ati:“Yose [Bunagana] nta kuvanaho na hamwe, twayifashe”.
Ishirahamwo Barometre securitaire du Kivu rikunze kwandika ku mutekano muri ako karere, rivuga ko intambara yasubiye gusutuma mu turere twinshi twa Rutshuru kuva ku musi wa kane.
Utwo turere tukaba ari Muhimbira, Kabindi, Rangira, muri Rutshuru na Nord Kivu.
Havugwa abasivile babiri boba bamaze kwicwa nabandi barenga mirongo ibiri bakomeretse, nk'uko biri ku rubuga rwa Twitter rw'iryo shirahamwe.
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa, 2
Ingabo za EAC
Itariki 20 z'ukwezi kwa gatandatu 2022 umukuru w’igihugu ca Kenya, Uhuru Kenyatta yaratumyeko inama y’abakuru b’ibihugu bigize ishirahamwe rya Afrika y’Ubuseruko (EAC) kugira bavugane ku kibazo c’amahoro n’umutekano muri Repubulika y’Intwaro Rusangi ya Congo (DRC), nk’uko biri mw’itangazo rya reta.
Uhuru, ari na we yari arongoye ishirahamwe EAC yasavye ko horungikwa umurwi w’ingabo za EAC guhagarika imigumuko irangwa mu buseruko bw’iki gihugu giherutse kwinjira muri iri shirahamwe.
Mu kwezi kw'umunani ingabo z’Uburundi ni zo zabaye iza mbere kwinjira icese ku butaka bwa Repuburika ya Demokrasi ya Congo mu rwego rw’ishirahamwe rya Afrika y’Ubuseruko, EAC.
Mu nyuma na Kenya yararungitse ingabo zayo muri ico gihugu mu gihe Uganda yo yavuze ko zisanzweyo.
Izo ngabo zagiye mu ntumbero yo kugwanya imigwi yitwaje ibigwanisho iri mu buseruko bwa DR Congo, ariko gushika ubu nta nkuru ziravugwa ko boba bamaze gutana mu mitwe na M23.










