Izaranze 2022: Ingabo z'Uburundi zinjiye icese ku butaka bwa RD Congo

Ahavuye isanamu, AFP
Hagati mu kwezi kwa Myandagaro (8) ingabo z’Uburundi zinjiye icese ku butaka bwa Repuburika ya Demokrasi ya Congo mu rwego rw’ishirahamwe rya Afrika y’Ubuseruko, EAC.
Ku bwa Lieutenant Elongo Marc, umuvugizi wa secteur operationel Sokola 2 muri Sud Kivu, ingabo z’Uburundi zinjiye “icese mu gitondo co kuri uyu wa mbere”.
Yabwiye BBC Gahuzamiryango ko zinjiriye mu karere ka Uvira ubu zikaba ziri ahitwa Ruberizi.
Lt Elongo ntiyashimye kuvuga igitigiri c’ingabo z’Uburundi zinjiye uko kingana ariko yemeza ko ari “igitigiri gifadika” kuko haje “contingent yose” n’ibikoresho “ingabo zose zikenera”.
Imihari idaharanira inyungu za poritike aho muri RD Congo yavuze ko ingabo z'Uburundi haheze amezi zarinjiye kurwanya imigwi yitwaje ibigwanisho y'abarundi nka Red Tabara.
Uwo mugwi nawo nyene kuva mu mwaka uheze wemeza ko ugwana n'ingabo z'Uburundi mu karere ka Uvira.
Ariko Uburundi na RD Congo vyompi vyagumye bibihakana.
Mu kwezi kwa kane abakuru b’ibihugu vy’ishirahamwe rya Afrika y’Ubuseruko, EAC, bumvikanye ko hashingwa ingabo zoja gufasha iza Congo kurwanya imigwi yose yitwaje ibigwanisho iri mu buseruko bw’ico gihugu.
Ariko reta ya Congo yavuze ko ata ngabo z'Urwanda izokwemera ko zirungikwayo.
RD Congo yagiriza Urwanda gushigikira umugwi wa M23. Urwanda rurabihakana ahubwo narwo rukagiriza ingabo za RD Congo gukorana n'abitwaje ibigwanisho ba FDLR bagwanya reta y'Urwanda.
Iciyumviro c'ingabo za EAC cizwe vyihuta n'abakuru b'ibihugu aho umugwi witwaje ibigwanisho wa M23 wongereye kuvyura ibitero mu buseruko bwa Congo mbere ukigarurira ibice bimwe bimwe birimwo igisagara ca Bunagana.
Uwo mugwi wavuze ko udatewe ubwoba n'izo ngabo. N'umugwi w'abarundi wa Red Tabara wavuze ko kurungika izo ngabo atari yo nyishu y'ibibazo.
Lt Elongo yavuze ko ingabo ziva mu bindi bihugu nka Kenya, Uganda na Tanzania zitarinjira, kandi ngo zinjiye zizoja mu bindi bice vy’ubuseruko bwa RD Congo.
Ariko iza Uganda zo niyo zisanzwe kuva mu mwaka uheze mu bufatanye mu kurwanya umugwi ADF uturuka muri Uganda nyene.
Lt Elongo yavuze ko ingabo za RD Congo n’izo z’Uburundi ubu zigiye gutangura imyiteguro kugira zitangure kurwanya iyo migwi yaba iyo abanye-Congo nka za Mai Mai canke iyituruka mu mahanga nka Red Tabara na FNL
Bamwe mu banye-Congo nka Dr Denis Mukwege, umuganga w’umunye-Congo yatsindiye agashimwe k’amahoro kitiriwe Nobel, na Martin Fayulu, indongozi y'abatavuga rumwe na reta nta cizere kinini bafitiye izo ngabo z'akarere.
Muri Congo hasanzwe ibihumbi vy'ingabo za ONU - Monusco - zihamaze imyaka irenga 20 nazo nyene zifise inshingano zo gufasha ingabo za reta kurwanya imigwi yitwaje ibigwanisho no gukingira abanyagihugu.
Ariko iyo migwi n'ubu yagumye ihungabanya umutekano.
Bigereranywa ko uwo mutekano muke umaze guhitana abantu barenga miriyoni 5, abandi benshi gusumba barateshwa izabo.










