'N’aho nokwubaka uruhome, bojabutsa magendu y'igitoro' - Careme Bizoza

Imyaka ibiri iraheze habone ubukene bw'igitoro mu Burundi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ubukene bw'igitoro bumaze igihe mu Burundi butuma haba abinjiza magendu

Mu Burundi ivyahora bicumbagira ku gitoro bigiye kwunyuka gusumba ku baba mu kiyaya ca Rusizi harimwo n'igisagara ca Bujumbura.

Mu bukene bwaco, igitoro cahora kijabuka mu Burundi bwa magendo giciye ku ruzi Rusizi kiva hakurya muri Congo cahora gifasha abatari bake.

None abategetsi b’intara ya Kivu y’Epfo ihana urubibe na Cibitoke ku ruhande rw’Uburundi baraye bihanije bene urwo rudandazwa.

Kubera ubwinshi bw'abakirondera, ibiciro vyaco aho muri Kivu y'epfo vyari vyatanguye kuduga ku rugero rudasanzwe.

" Muranywa igitoro ? Urakeneye igitoro ? ", ivyo ni vyo bibazo abanyagihugu bo mu karere ka Nyamitanga ku birometero 40 uva mu gisagara ca Bujumbura, kw’ibarabara rya Bujumbura – Cibitoke – Rugombo, bashikiza ku muntu wese agendesha imodoka ahahagaze.

Baca batangura guciranira ibiciro..."ikibido c’amaritiro 20 ngurisha ibihumbi 210..

icupa naryo ringana n’iritiro n’igice ngurisha ibihumbi 17".

Aho hari mu mpera z’indwi iheze, abajejwe intwaro muri Kivu y’Epfo (muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo) itarafata ingingo zo guhagarika urudandaza rw’igitoro cari kimaze imisi cinjira mu Burundi mu buryo bwa magendo.

Imisore, inkumi, abagore, abana n’abagabo, nta n’umwe atinya kwegera imodoka iyo ari yo yose kugira aciranire ibiciro na nyeneyo.

Uko imodoka yegera imbere nk’imetero 100, niko yahura n’uwundi mugwi mushasha w’abanyahigu bakeneye kugurisha.

Umugore umwe yambwiye ngo: " ibido y’amaritiro 20 tuyirangura ku bihumbi 200, tukikoreza ku bihumbi bitanu. Urumva ko twunguka bitanu nyene ... hose bagurisha uko nyene mushaka nimudushorere, Boss".

Abadandaza igitoro mu mabido manini manini, imbere yo kwumvikana n’abakiriya, baba bakinyegeje.

Abadandaza gike gike nabo, baba bagifise mu macupa ya plastike abonerana, rimwe ripima nk’iritiro n’igice.

Ku bituro haba hari imirongo mire mire

Ahavuye isanamu, BBC/ Gildas Yihundimpoundu

Insiguro y'isanamu, Ubukene bw'igitoro mu Burundi butuma abarondera kwiyunguruza batonda imirongo mire mire

Hari igihe usanga aya macupa bayapakiye mu magunira. Bumvikanye na bene imiduga baca basokorora ikidandazwa cabo.

Uwutamenyereye iki gitoro akibonye yibaza ko atari co. Gisa n’ibara ritukura. Bamwe usanga bariko baraharira bavuga ko ari umutobe ico bita « jus » mu gifaransa.

Yamara, abashoferi baragikunda cane. Bagira bati: "twebwe tugifata nka première qualité. Iyo tukinyoye imiduga yacu ica igenda neza, n’iyifise imoteri zifise ingorane bica bigenda neza. Kandi kimara umwanya munini ngereranije n’ico aha iwacu"

N’ubwo ico gitoro ari ciza kikaba na ngirakamaro, kugishikana mu Burundi ntivyoroshe.

Abanyagihugu bakijabukana uruzi Rusizi, bagaca mu mazi kubera ata biraro. Bamwe ngo barakomereka, abandi bakahasiga ubuzima.

Nduwayo ni umwe mu bahora barujabuka. yavuze ati: "Abantu baragwayo nyene. Kandi si bake. Aha iwacu hari uwo imvubu zaciye ukuguru"

Hari icizere ko urudandazwa rw'igitoro ca magendu rugiye kugabanuka

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Buramatari w’intara ya Cibitoke Colonel de Police Careme Bizoza, aremeza ko urudandazwa rwa magendo rukorwa muri iyi ntara.

Ariko yabwiye BBC ko baruhagurukiye.

"Biciye mu nyabune, mu manama twagiye turakoresha, turabona ko abenegihugu bariko barabiheba bakanerekana abakibirimwo"

"vyatumye tugira icizere ko vyagabanutse kuko ntitwovuga ko vyohera ku mupaka naho wogira gute?.....naho wokwubaka uruhome boja baraterera n’umugozi bikaja birarengana. Ariko turabona ko hari ikintu cahindutse "

Muri aya mezi abiri aheze, abanyagihugu baharurwa muri cumi n’abandi boba barahitanywe n’uruzi Rusizi bariko baragerageza kwinjiza ibidandazwa vya magendo mu ntara ya Cibitoke.

Iyi ngorane iteye umutima uhagaze Buramatari Bizoza.

"Duhanura abenegihugu ko batoza baraca muri izo nzira za magendo. Ahubwo barindire ikiraro co mu Kaburantwa kiriko kirubakwa gihuza Buganda na Sange muri Kongo gihera. Mu misi turizeye ko ibintu bizogenda neza".

Muri iki gihe Uburundi buhanzwe n’ubukene bw’igitoro, abanyagihugu baba mu kiyaya ca Rusizi no mu gisagara ca Bujumbura, bari bamaze imisi bagacamwo kubera bahora bikora ku gitoro cava muri Congo, cahora cinjira mu buryo bwa magendo.

Ariko no mu Burundi, naho cafasha, ingorane catera ntizari zibuze.