Kenya igiye gutanga imiriyoni $140 kugira igitoro ntikiduge

Imirongo y'abarondera igitoro muri Kenya mu kwezi kwa kane

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Mu kwezi kwa kane muri Kenya harabonetse imirongo miremire ku masitasiyo kubera ubukene bw'igitero

Kenya iriko irashira mu ngiro uwundi mugambi wo gufata mu mugongo abadandaza igitoro kugira ntikiduge igiciro.

Iritiro y'igitoro izoguma ku giciro yahorako naho giheruka kuduga ku rwego mpuzamakungu, bigaca bikurako ubwoba bwariho bw'uko kigire kiduge mu gihe ubuzima busigaye buzimvye birengeje.

Leta yari yaseye n'iyivuga yuko izohagarika gushigikira abakidandaza mu gihe yitegura gukora igenzura ry'ubutunzi rya buri kwezi.

Mu kwezi kwa gatandatu, abajejwe intwaro bari bavuze yuko igiciro igitoro kiriho ubu "kibangamiye ubuzima".

Ariko harabayeho ukwisubirako kwo ku mwanya wanyuma, leta yemera ko hasohorwa amahera imiriyoni 141 z'amadolari, kugira igiciro c'igitoro kigume uko kiri mu kiringo c'iyindi minsi 30.

Iyo hadatangwa ubwo buryo, iritiro y'igitoro ku murwa mukuru Nairobi yari guca ishika ku giciro ca $1,80. Kuri ubu kiri kuri $1,34.

Mu mwaka uheze Kenya yasohoye imiriyoni $860 yo gufata mu mugongo abadandaza igitoro kubera ukuduga kw'igiciro caco ku rwego mpuzamakungu.