Umushinwakazi atarongowe yatsinzwe mu rubanza rwo kubikisha amagi yiwe y'ubuvyeyi

Sentare yo mu Bushinwa yafashe ingingo yo gutsindisha umugore atarongowe ariko arondera ko amagi yiwe y’ubuvyeyi abikwa ahantu kugira azoyakoreshe muri kazoza.

Teresa Xu yuguruje urubanza mu 2019 inyuma y’uko ibitaro bijejwe irondoka ry’abagore ku mugwa mukuru Pékin/ Beijing (Beijing Obstetrics and Gynaecology Hospital) vyankiye kubimukorera, kuko bisanzwe bikorerwa abagore bubatse mugabo bakaba bafise ingorane z’ubugumba.

Ariko sentare yasanze ibi bitaro ata burenganzira bwiwe vyahonyanze.

Uyu mugore Xu avuga ko iyi ngingo ya sentare ari "inzitizi" ku burenganzira bw’abagore ku bijanye n’irondoka, akaba yiyemeje kwunguruza.

Nk’uko iyi ngingo ibivuga, ibi bitaro bivuga ko vyatahuye akababaro k’uyu mugore ariko ko vyategerezwa gukurikiza amategeko.

Igihe Xu yuguruza urubanza ubwa mbere, Chao Wei, umuvugizi w’ibi bitaro, yavuze ko abakozi bakurikije amategeko ya reta ku bijanye n’ugufasha mw’irondoka hakoreshejwe ubuhinga bwa none, nk’uko ikinyamakuru New York Times kivyandika.

Xu, ico gihe yari afise imyaka 30, yari yagerageje kubikisha imbuto ziwe z’ubuvyeyi mu 2018 kugira ngo yiteho akazi kiwe nk’umwanditsi yigenga.

Ariko avuga ko abakozi b’ivyo bitaro bamuhimirije ko ahubwo yorondera umwana ico gihe.

Mu nyuma yabwiwe ko ubu bufasha buhabwa gusa abagore badashobora gusama imbanyi hadakoreshejwe ubuhinga, nk’uko vyandikwa n’itororokanirizo ry’amakuru AFP.

Ibi bitaro bivuga kandi ko imbanyi ku bagore bakuze cane ishobora guteza ingorane gusumba, bikerekana kandi n’ibibazo abagore bibana bakunze kugira.

Amagi y’abagore agenda atakaza inguvu uko imyaka igenda yiyongera, bigatuma bitoroha kuronka umwana.

Abagore basaba ubu bufasha bwo kubikisha imbuto mu Bushinwa bagenda biyongera, abenshi mu bagore bifise, bashoboye kwirihira, bakaja hanze kugira babikorerwe.

Xu avuga ko yiyumviriye kuja hanze, ariko agasanga birazimvye cane.

Urubanza rwiwe rwarakurikiranywe cane mu Bushinwa, aho hari amategeko akomeye agenzura ivyo kuvyara ku rugero n’uburenganzira ku bijanye n’irondoka.

Muri videwo yacishijwe ku rubuga hwaniro WeChat, Xu avuga ko adashobora kubireka "ngo birangire uku nyene”.

Ati: "Ntidushobora kuvuga ko dutsinzwe mu rugamba rwo guharanira uburenganzira bw’abagore bibana, ariko hashobora kuba inzitizi ntoya y’igihe gito”.

Mu 2019 Xu yavuze ko ikibano camuteye igitsure kimusaba ko yovyara umwana hakwishinga akazi kiwe.

Afatiye ku gihe yitura ibi bitaro, avuga ati: "Naje hano nshaka kwitura abahinga kugira bamfashe, ariko nahuye ahubwo n’umuntu yansaba gushira ku ruhande akazi kanje kugira ngo mbanze mvyare umwana”.

"Nahuye n’ibibazo nk’ibi nyene n’abantu bantera igitsure mu kibano, muri ino mico”.