Roma ya kera: ibishusho vya bronze vyabitswe mu buryo butangaje vyatowe mu Butaliyano

Kimwe mu bishusho vyatowe aho hantu

Ahavuye isanamu, EPA

Abahinga mu bucukuzi bazuye ibishusho 24 vyabitswe neza i Tuscany bikaba bizwi ko ari ivyo ku butegetsi bwa kera cane bw’Abaroma.

Ibi bishusho vyatowe mu bihomoka vy’inzu yahoze ari ubwogero i San Casciano dei Bagni, igisagara co mu misozi mu ntara ya Siena, ku birometero vyababa 160 uvuye ku mugwa mukuru Roma.

Ibi bishusho vyerekana Hygieia, Apollo n’izindi mana z’Abaromani n’Abagiriki bivugwa ko vyoba bimaze imyaka yababa 2.300.

Umuhinga umwe avuga ko ubu bushakashatsi bushobora “kwandika gushasha akahise”.

Ibi bishusho hafi vyose – vyatowe musi y’ubwogero biri kumwe n’ibingorongoro (ubuceri) 6.000 vya bronze, ifeza n’inzahabu – ni ivyo hagati y’ikinjana ca kabiri imbere y’umuzo wa Yezu/Yesu n’ica mbere inyuma y’umuzo wa Yezu/Yesu.

Iki cari igihe “c’impinduka zikomeye cane muri Toscane/Tuscany ya kera” kuko ako karere kavuye mu minwe y’abitwa aba Étrusques/ Etruscan kinjira mu butegetsi bw’Abaromani, nk’uko bivugwa n’ubushikiranganji bw’Ubutaliyano bujejwe imico kama.

Jacopo Tabolli, umwigisha wo kw’ishure kaminuza University for Foreigners i Siena ari nawe yari arongoye iri cukura, avuga ko ibi bishusho vyabitswe mu mashuha mu migirwa yo guterekera.

Avuga ati: "Amazi uyaha ikintu kuko ufise icizere ko aya mazi nayo azogusubiriza mu ndumane”.

Ibi bishusho vyabungabunzwe n’amazi bizokwimurirwa muri laboratoire yo gusanasana iri hafi y’aho mu karere kitwa Grosseto imbere y’uko bishirwa ahagaragara mu nzu ndangamurage nshasha i San Casciano.

Massimo Osanna, umukuru w’amazu ndangamurage ya reta mu Butaliyano, avuga ko ibi bishusho biri mu vya mbere bikomeye inyuma y’ibindi bizwi nka Riace Bronzes kandi "nta nkeka ko ibi biri mu bishusho vya mbere vya bronze bikomeye cane bitari bwigere biboneka muri kahise k’akarere ka Méditerranée ya kera”.

Riace Bronzes – vyatowe mu 1972 – vyerekana ibishusho bibiri vy’abarwanyi ba kera. Bizwi ko ari ivyo mu myaka yo kuva mu 460 gushika 450 imbere y’umuzo wa Yezu.

Kimwe mu bishusho vyatowe aho hantu

Ahavuye isanamu, Reuters

Kimwe mu bishusho vyatowe aho hantu

Ahavuye isanamu, EPA

Kimwe mu bishusho vyatowe aho hantu

Ahavuye isanamu, EPA

Kimwe mu bishusho vyatowe aho hantu

Ahavuye isanamu, Reuters

Kimwe mu bishusho vyatowe aho hantu

Ahavuye isanamu, Reuters

Kimwe mu bishusho vyatowe aho hantu

Ahavuye isanamu, EPA

Ifoto yikigo yafashwe na drone

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Ifoto yerekana aho ibi bishusho vyakuwe yafashwe na drone