'Narahenzwe mva Londres njanwa kwiga muri Ghana - ariko vyarantabaye'

Mark Wilberforce ariko aratwenga imbere ya camera akiri umuyabaga i Londres, yambaye agakofero kera akarabisha inyuma n'agapira kera k'imirongo.

Ahavuye isanamu, Mark Wilberforce

    • Umwanditsi, Mark Wilberforce
    • Igikorwa, Accra

Igihe mama yambwira mfise imyaka 16 ko tugira tuve mu Bwongereza tugende muri Ghana mu buruko bwo mu ci, nta mvo nari mfise yo kumwikeka.

Kwari ugutembera iminsi mike gusa, akaruhuko k'igihe gito - nta na kimwe vyari bitwaye. Nibura ni uko nivyiyumvira.

Tumazeyo ukwezi kumwe, aca aravyasa - sinari ngiye gusubira i Londres gushika nisubiyeko kandi nkaronka amanota ahagije kugira ngo mbandanye amashure yanje.

Narabeshwe mu buryo busa n'ubwa wa mwana w'umuyabaga w'umwongereza akaba n'umunya-Ghana aherutse kwitwarira abavyeyi biwe muri sentare i Londres kubera bamurungitse mw'ishure muri Ghana.

Hagati mu myaka ya 1990, mama, ico gihe yari umwigisha mu mashure y'intango, yarafashe ingendo nk'iyo ku mvo nk'izo nyene.

Nari narirukanywe mu mashure abiri yisumbuye yo muri komine ya Brent mu gisagara ca Londres, nkagendana n'abantu batari bo (nanje ngahinduka umuntu atari we) – nkaba nariko ngana guca mu nzira ibangamye.

Abagenzi banje somambike ico gihe bahereje mw'ibohero kubera ubusuma hakoreshejwe ibigwanisho. Iyo nguma i Londres, ni nk'uko ata nkeka ko nanje nari kuba naciriwe urubanza hamwe nabo.

Ariko rero, no kurungikwa muri Ghana na vyo nyene cari nk'igihano co gupfungwa.

Ariko, uwo muyabaga ndagera ahantu nkamwumva iyo avuze mu vyo yashikirije sentare ko yumva umenga ari ''mu muriro udahera''.

Yamara, mvuze ibinyerekeye, igihe nakwiza imyaka 21, naratahuye ko ivyo mama yakoze vyabaye umuhezagiro.

Bitandukanye n'uwo muhungu w'umuyabaga wo muri urwo rubanza rw'i Londres – yatsinzwe – jewe ntibanshize mw'ishure ry'uburaro muri Ghana.

Mama yanshize mu minwe ya basazawe babiri bakundana cane bashaka kuguma banshinze ijisho, kandi vyibazwa ko kuja mu ndaro vyari gushobora kunsamaza.

Nabanje kuba kwa marume Fiifi, yahoze ari umuhinga mu vy'ibidukikije w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU, mu gisagara citwa Dansoman, hafi y'umurwa mukuru Accra.

Guhindura ubuzima vyarangoye cane. I Londres, nari mfise icumba ca jenyene, hari imashini zo kumesa, no kwiyumva ko mfise ubwigenge – naho nabukoresha nka sindabibazwa.


Abantu bariko baca impande y'uruhome ruriko igishushanyo hanze y’inyubakwa y’ishure i Accra kigaragaza umuhungu ariko arasoma igitabu, yunamye impande y'kirundo kinini c’ibitabu.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Haciye hafatwa ingingo ko kwigisha umuntu ukwa wenyene mu kigo c'ishure rya leta ari vyo vyari vyiza vyofasha Wilbeforce gushira umutima ku co ajejwe no kwiga.
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Muri Ghana, navyuka isaha cumi n'imwe z'igitondo kugira ngo nkubure mu rugo nongere noze ikamyoneti ya marume rimwe na rimwe yaba yuzuyeko ivyondo hamwe n'imodoka y'umugore wiwe.

Iyo modoka ni yo mu nyuma nahavuye niba umunsi umwe – ikintu cahavuye gihindura ubuzima bwanje cane.

Nta n'uko nari nzi gutwara imodoka neza, nafata imodoka uhindura ibitesi (manuel) ngashaka kuyitwara nk'iyivyihindurira yonyene (automatique), nca ngonga Mercedes y'umusirikare wo mu rwego rwo hejuru.

Naragerageje guhunga aho hantu. Ariko uwo musirikare yaramfashe, aca antera ubwoba ko anjana mw'ikambi ya Burma, ikambi ya gisirikare yari izwi cane aho muri kahise hari abantu bajanwayo hanyuma bakaburwa irengero.

Ico ni co kintu ca nyuma c'amakosa vy'ukuri nakoze.

Si indero gusa nize muri Ghana - ni ukuntu umuntu abona ibintu.

Ubuzima bwo muri Ghana bwanyeretse ukuntu hari vyinshi nafata ko ari ibisanzwe.

Kumesa impuzu n'amaboko no gutegura ivyo kurya ndi kumwe na muka marumwe vyatumye ntahura akigoro kajamwo.

Ivyo kurya, co kimwe n'ibindi vyose muri Ghana, vyasaba ukwihangana. Nta micro-ondes zariho, nta n'ivyo kurya ushobora guhita uragura ukagenda urarya vyariho.

Nk'akarorero, gutegura ubugari bwa fufu, bisaba vyinshi harimwo no gusekura mw'isekuro n'umusekuzo ibisunzu canke imyumbati bitetse gushika aho bicika nk'ubugari.

Ico gihe, vyari nk'igihano. Ariko nsubije amaso inyuma, kwari ukumenya ko akagumye bagumako.

Mu ntango, ba marume bariyumviriye kunshira mu mashure azimvye nka Ghana International School canke ishure mpuzamakungu rya SOS-Hermann Gmeiner.

Ariko bari abanyabwenge. Bari bazi ko nshobora kuja mu wundi mugwi ngatangura gutera akajagari no gukubagana.

Mark Wilberforce (i buryo) hejuru yambaye impuzu y’imirongo mu mabara y'icatsi kibisi, iryera n’umuhondo, ahagaze hanze y’ishure ryisumbuye rya Tema ari kumwe na inarume wiwe Jojo

Ahavuye isanamu, Sulley Lansah

Insiguro y'isanamu, Wilberforce (iburyo) avuga ko ashimira cane inarume wiwe Jojo - bompi baboneka kuri iyo foto ya vuba hanze y'ishure ryisumbuye rya Tema - kubera yamugumye hafi.

Ivyigwa vyaba mu congereza, ariko hanze y'ishure kenshi bavuga indimi kavukire kandi vyaranyorohera kuzumva kumbure kubera ko vyari ibihe nashizeko ubwenge n'umutima cane.

I muhira i Londres, narakunda kwiga amajambo y'indahiro mu rurimi rwa mama rwitwa Fante – ariko sinari bwashobore kuruvuga neza.

Igihe twimukira mu gisagara ca Tema na marume nakunda cane, marume Jojo - umuhinga mu vy'uburimyi, nabandanije kwiga ukwa jenyene mw'ishure ryisumbuye rya Tema.

Bitandukanye n'uwo muhungu yavuzwe cane mu makuru mu Bwongereza, yavuze ko amashure yo muri Ghana atari ku rugero rwo hejuru, nasanze ahubwo asaba gukora cane.

Mu Bwongereza nari mu bantu bafatwa ko bafise impano mu mashure n'ubwo nakubagana, ariko mu vy'ukuri nasanze muri Ghana bigoye gusumba. Abanyeshure bo mu myaka yanje baransumvya cane mu vyigwa nk'ibiharuro na siyanse (science).

Gusabwa gukora ata gafyinyi muri Ghana kwatumye niga cane kuruta uko ntari narigeze niga i Londres.

Havuyemwo iki? Naronse amanota meza kuva ku rugero rwa C n'ukuduga mu bibazo vyo kurangiza amashure yisumbuye – ikintu hari igihe casa n'uko kitoshoboka.

Uretse ivyo nashitseko mu vy'inyigisho, Ghana yaranyigishije imico myiza nagumanye mu buzima bwanje bwose.

Kwubaha abagukurira ryari nk'itegeko. Aho nabaye hose, wararamutsa uwugusumba, utaravye ko umuzi canke utamuzi.

Ghana ntiyatumye ngira indero canke nubaha gusa - yatumye mba umuntu arinda, atagira ubwoba.

Umupira w'amaguru waragize uruhara runini muri iyo mpinduka. Narakina mu bibanza vyo gusamiramwo akayaga, akenshi vyari ibibuga vy'ivu n'urucekeri, hashinze ibiti vy'igori bitambitseko umugozi hejuru.

Ntaho vyari bihuriye n'ibibuga vy'umuzesezero vy'i Londres, ariko vyarankomeje mu buryo ntari kwigera niyumvira - kandi ntibitangaza ko bamwe mu bakinyi b'umupira w'amaguru bakomeye cane muri Premier League y'Ubwongereza bavuye muri Afirika y'uburengero.

Abana b'abahungu baboneka nk'ivyijiji bariko barakina umupira w'amaguru muri Ghana.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ku minsi ya mungu, abana n'abayabaga baruzura ku musenyi wa Ghana bagiye gukina umupira w'amaguru

Gukina umupira w'inguvu muri Ghana ntivyasaba ubuhinga gusa, vyasaba kugumizako no kutaruha. Gukubitwa umwereka ku kibuga c'ivu n'urucekeri rw'amabuye vyasaba kuva hasi ugahaguruka, ukihungura umukungugu hanyuma ukabandanya.

Buri musi w'Imana, narakina umupira w'amaguru ku musenyi -naho nyene kenshi nacererwa kuko ata n'umwe muri ba marume yari kundeka ngo ngume imuhira aho kuja mu misa.

Iyo misa wamenga ntipfa yaraheze. Ariko kandi, cari ikindi kimenyetso c'igihugu ca Ghana cubaha Imana aho kwemera bigendana n'ubuzima bwa munsi yose.

Amezi 18 ya mbere ni yo yari agoye cane. Narababazwa cane n'ukuntu hari ivyo ntari ndekuriwe, ibikorwa vyinshi, n'ugutekereza (discipline).

Naragerageje mbere kwiba igitabo c'inzira canje kugira mfate indege nsubire i Londres, ariko mama yari yantaze imbere arakinyegeza neza. Gutoroka ntivyashoboka.

Ico guhitamwo co nyene nari mfise kwari ukumenyera. Uko iminsi yahera niko vyahindutse sinaba nkibona Ghana nk'ibohero, ntangura kubona ko ari imuhira haryoshe.

Ndazi abandi bakeya nka jewe basubijwe muri Ghana n'abavyeyi babo baba i Londres.

Michael Adom yari afise imyaka 17 igihe yashika i Accra agiye mw'ishure mu myaka ya 1990, avuga ko ivyo yaciyemwo ''vyarura bigasosa''. Yagumyeyo gushika ashikane imyaka 23, ubu akaba yarasubiye kuba i Londres aho akora nk'uwusuzuma ama dosiye y'ababa baciriwe ibihano vy'ibikorwa vyo mu kibano.

Ikintu nyamukuru yidoga kwari ukuba wenyene - yarakumbura abavyeyi n'abagenzi biwe. Hari igihe yashavuzwa n'ubuzima abayemwo no kubabazwa n'ukubona umenga ntatahurwa.

Ivyo vyatumwa ahanini n'uko abavyeyi biwe ata rurimi na runwe rwo muri Ghana bari baramwigishije we canke abo bavukana igihe bariko barakura i Londres.

''Sinarinzi [ururimi rw'] iki-Ga. Sinarinzi iki-Twi. Sinarizi Pidgin,'' niko uwo mugabo w'imyaka 49 yambwiye.

Ivyo vyatuma yumva ko hari vyinshi bimugora mu myaka ibiri n'inusu ya mbere - kandi, avuga ko vyatuma yibwa, nk'akarorero - n'abaca bamudugiriza ibiciro kuko yasa n'umunyamahanga.

''Aho naja hose, nategerezwa kwama mfise uwundi muntu tujana,'' niko avuga.

Ariko mu nyuma yahavuye amenya iki-Twi arakivuga neza kandi, muri rusangi yibaza ko ivyiza vyabaye vyinshi kurusha ibibi: ''Vyangize umugabo.

''Muri Ghana harankujije hongera harampindura mu nzira nziza, mu kumfasha kumenya uwo tuba turi kumwe, nk'umunya-Ghana, bituma nshimangira kumenya imico yacu, iyo tuva na kahise k'umuryango wanje.''

Patience Wilberforce mu mpuzu yera yambaye umugufu n'amahereni y'ubudede bwera yicaye mu ntebe nini kw'ibaraza afashe ukuboko kw'umuhungu wiwe Mark yicaye impande yiwe i buryo.

Ahavuye isanamu, Mark Wilberforce

Insiguro y'isanamu, Patience Wilberforce, umwigisha w'amashure y'intango, yari afise ishaka ry'uko umuhungu wiwe arangiza amashure afise impapuro z'umutsindo.

Ivyo nanje ndavyemera. Mu mwaka ugira gatatu, nari namaze gukunda imico, ahubwo ndahamara hafi iyindi myaka ibiri inyuma yo kurangiza amashure yisumbuye.

Nari nsigaye nkunda cane ivyo kurya vy'aho. Nsubiye i Londres, sinabanza kwibaza cane ico naba ngira ndye. Ariko muri Ghana, ntiwarya kugira urye gusa - ivyateguwe vyose vyaba bifise inkuru bijanye.

Narakunze cane ''waakye'' - ivyo kurya bigizwe n'umuceri hamwe n'ubushaza bw'amaso yirabura, rimwe na rimwe batekana n'amababi y'uburo, yabiha ibara nk'iry'ikiremve gitetse. Vyakunda kujana n'imizuzu yakaranzwe mu mavuta, isosi y'agapiripiri bita ''shito'', amagi atetse, mbere rimwe na rimwe bagashirako supageti canke ifi ikaranze. Ni zo zari indya za mbere nakumbura.

Nararyoherwa n'umuziki, ingene abantu bashikirana n'ukwumva ko bafise ikibahuza mu kibano. ''Sinari nkiri umuntu ''yaheze'' muri Ghana - nariko ndatera imbere.

Mama, Wilbeforce, aherutse gupfa, kuva ndamubuze narasubiye kwiyumvira cane ku ngingo yafashe inyuma y'iyo myaka yose yari iheze.

Yarantabaye. Iyo atampenda ngo ngume muri Ghana, ivyago vy'uko ubu mba nanditswe mu nkozi z'ikibi canke mbere nkaja mu munyororo vyari kuva vyabaye vyinshi cane.

Mark Wilberforce outside Tema Secondary School
Sulley Lansah
Abo twagendana mu buraruko bushira uburengero bwa Londres ntibaronse amahirwe ya kabiri nk'ayo naronse"
Umunyamakuru Mark Wilberforce

Nahavuye mbandanya kwiga muri kaminuza ya College of North West London mfise imyaka 20 aho naciye niga ivyo gutunganya no kumenyesha amakuru, imbere y'uko nja muri Radio 1Xtra ya BBC biciye mu mugambi wo guhanura.

Abagenzi twakunda kuba turi kumwe muri Londres y'uburaruko bushira uburengero bo ntibaronse ayo mahirwe agira kabiri jewe naronse.

Ghana yarahinduye uko nabona ibintu, indangagaciro zanje na kazoza kanje. Ivyashobora kungeramira nabihinduyemwo umugabo azi ico akora.

Mu gihe nk'ivyo naciyemwo bitama bikora neza kuri bose, vyatumye niga, bimpa indero n'icubahiro nari nkeneye kugira nsubire mu kibano igihe nasubira mu Bwongereza.

Kubera ivyo, nzokwama mfitiye umwenda mama wanje, ba marume n'igihugu bantabaye.

Mark Wilberforce ni umumenyeshamakuru akorera uwubimusavye aba i Londres na Accra