Umuhungu yatsinzwe urubanza yashingishirije abavyeyi biwe kuko bamurungitse muri Afrika

Imitwe y'abana b'abanyafrika bariko bariga ubarabiye inyuma aho umwe ariko araraba kuri ordinateur. Bose nta n'umwe amenyekana.
Insiguro y'isanamu, Uwo muhungu avuga ko ari uw'i Londres none ashaka gusubira imuhira. (ifoto ni iy'uwakinye ikibanza ciwe)
    • Umwanditsi, Sanchia Berg na Levi Jouavel
    • Igikorwa, BBC News

Umuhungu w'imyaka 14 yatsinzwe urubanza muri sentare aho yari yitwariye abavyeyi biwe inyuma yo kumwimura bakamukura Londres bakamujana muri Ghana mw'ishure ry'indaro.

Uwo muhungu, bivugwa muri sentare ko afise amasoni, azi kuvuga neza, akunda guteka agakina n'umupira w'amaguru, yavuze ko abavyeyi biwe bamuhenze bamujana muri Afrika, bavuga ko kwari ukuja kuramutsa incuti irwaye.

Avuga ko iyo yari kumenya ko yari arungitswe mw'ishure ry'indaro ''ata kuntu na kumwe nari kuba navyemeye''.

Ariko sentare nkuru i Londres yumvise kandi abavyeyi biwe ko bari bafise impungenge ko yariko ''arakwegerwa'' mu bikorwa vy'ubukozi bw'ikibi.

Mu rwandiko yahaye sentare, yavuze ati: ''Numva umenga ndi mu muriro udahera. Nibaza vy'ukuri ko ntari nkwiye ibi kandi nshaka kugaruka imuhira, nsubire mu Bwongereza, vuba hashoboka.''

Mu rubanza yaciye, umucamanza wa sentare nkuru Justice Hayden yemeye ko ''mu nzira nyinshi, iyi ari ingingo y'ubwitonzi kandi igoye gufata''.

Yavuze ko yatahuye ko icifuzo c'abavyeyi co kumujana muri Ghana cari ''gishingiye ku rukundo rwinshi, rugaragara kandi ataco rusaba [bafitiye umuhungu wabo''.

Umuhungu wabo yari afise ivyago vyinshi vyo kumererwa nabi gusumba hamwe yogaruka mu Bwongereza, niko yavuze.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Yavuze ko yumva ko abavyeyi b'uwo muhungu bemera ''kandi, ku bwanje bari mu kuri'' ko umuhungu wabo yari afise ''nibura atari hafi cane imigenderanire n'imigwi y'inkozi z'ikibi kandi yerekanye ingendo itari nziza yo gukunda imbugita''.

Se w'umuhungu yabwiye sentare ko abavyeyi batashaka ko umuhungu wabo aba ''uwundi muyabaga w'umwirabure aziburwa imbugita agapfa mu mabarabara ya Londres.''

Uwo muhungu, yabaye mu Bwongereza kuva akivuka, yavuze ko ''yashinyagurijwe'' kandi ''atigeze yiyumvamwo'' ishure ryo muri Ghana.

Yavuze kandi ko ''adatahura namba ivyariko biraba kandi ko ''bintuma ngwana''.

Umuhungu avuga ko ''yagize ubwoba kandi akihebura'' gushika aho yandikira ubuserukizi bw'Ubwongereza i Accra yongera ararondera ishirahamwe ry'abagiraneza [rifasha abana] Children and Family Across Borders, vyibazwa ko ari ryo ryamuhuje n'abashingwamanza bo mu rindi shirahamwe ryitwa International Family Law Group.

''Mva i Londres, mu Bwongereza, kandi nshaka gutaha imuhira,'' niko yanditse.

Yavuze ko ''yafashwe nabi'' kw'ishure, yongerako ati: ''Ndatakamvye nsubire kw'ishure nahora nigako.''

Ariko sentare yabwiwe ko abavyeyi biwe bamurungitse muri Ghana kuko bari bafise impungenge z'umutekano wiwe i Londres.

Mu rwandiko, nyina yavuze ko kumurungika muri Afrika kitari ''igihano ahubwo yari ingingo yo kumukingira''.

Yagarute ku rupfu rwa Kelyan Bokassa, umuhungu w'imyaka 14 yishwe azibuwe imbugita muri bisi (bus) i Woolwich mu kwezi kwa Nzero(1). ''Nta muvyeyi n'umwe atababaye'', niko yavuze.

Yavuze ko atibaza ko umuhungu wiwe yari kurusimba mu Bwongereza kandi ko atifuza kugira uruhara ''mw'isambuka'' ry'umuhungu wiwe.

Rebecca Foulkes, yaserukiye se w'umuhungu, yavuze ko uwo muhungu yujuje amanota 11 y'urutonde rwatanzwe n'ishirahamwe ryitaho inyungu z'abana NSPCC rwerekana niba umwana ashobora kuba yaragiye mu mugwi w'ubukozi bw'ikibi canke ko ariko arakoreshwa mu bukozi bw'ikibi.

Aho harimwo gusiba mw'ishure, kugira amafaranga bitagaragara iyo yavuye, kugura ibintu bishasha, no kwitwaza ibigwanisho.

Avuga ko atari abavyeyi bonyene bari bahagaritswe umutima.

Ishure ryiwe ryavuze ko ''ryamwikeka kuba ari mu bikorwa vy'ubugizi bwa nabi'' kandi ko ryamubona mu mpuzu zizimvye hamwe n'amaterefone ngendanwa.

Umuhungu yavuze ko ata mugwi w'ubukozi bw'ikibi yigeze ajamwo, ''canke gukorana n'imigwi mk'iyo mu buryo ubwo ari bwo bwose''. Yavuze ko ''atazi umuntu n'umwe ari mu migwi y'ubukozi bw'ikibi'' kandi ko ata mbugita agendana.

Yaremeye mu nyandiko ziwe ko ''inyifato yanje itari nziza cane'' aca avuga ko yibaza ko ari co gituma abavyeyi bamurungitse muri Afrika.

urubanza rwari rushingiye ku kibazo c'inshingano z'abavyeyi, n'uko abavyeyi boba bakoze mu buryo buteye kubiri n'amategeko mu kumurungika mw'ishure ry'uburaro atavyemeye.

Mw'itanjgazo basohoye urubanza rumaze gucibwa, abavyeyi bavuze bati: ''Iki ni igihe cari kigoye cane kuri twese.''

Bongeyeko bati: ''Ico twamye dushira imbere kwari ugukingira umuhungu wacu kandi ubu ico dushimikako ni ugutera tuja imbere nk'umuryango.''

James Netto wo mw'ishirahamwe International Family Law Group, yahagariye umuhungu, yavuze ko urubanza sentare yaciye ''rwashegeshe'' uwo muyabaga.

''Birumvikana ko vyamubabaje birenze, kandi ariko aribaza yitonze ikigiye gukurikira.''

'Nshaka kwiga amashure'

Uwo muhungu yanditse ko amashure yiwe ariko arahungabana. Yumva amashure yo muri Ghana adashika ku rugero rw'ayo mu Bwongereza, kandi ko atariko ariga uko bisanzwe kuva mu ci riheze, aho yiga ku buryo bwa internet.

Yanditse ati: ''Nshaka gusubira kwiga amashure kandi nkure nk'umuntu asanzwe. Numva ubwonko bwanje ngaha umenga bwakomeretse. Numva umenga nsigaye ndi inyuma y'abo nahora ndusha.''

Se wiwe yaragiye kumuramutsa muri Afrika, abwira sentare ko we n'umuhungu wiwe bayaze bahuza.

Yavuze ko yifuza ko umuhungu wiwe aguma muri Ghana, avuga ko bagiye kuraba irindi shure ry'indaro aho uwo muhungu ashobora kuronka ikibanza.

Se yavuze ko bompi barikunze cane.

Ariko abajijwe yaremeye ko ata kibanza kizoboneka kuri iryo shure imbere yo muri Nyakanga (9), kandi ko uwo muhungu wiwe atavuze niba ashaka kujayo.