Axel Rudakubana yishe abana muri Southport yakatiwe imyaka 52

Axel Rudakubana yaciriwe gupfungwa imyaka itari munsi ya 52 mu rubanza kw'igandagurwa ry'abana b'abakobwa batatu aho bari mw'ishure ry'intambo muri Southport mu kwezi kw'indwi mu mwaka uheze, hamwe no kugerageza kwica abandi bantu 10.
Sentare yumvirije ido n'ido riteye ubwoba ry'ingene ico gitero cagenze, harimwo n'ingene Rudakubana yaje muri taxi yafashe kw'izina ritari ryo, n'ingene uwariko arigisha yabwiye abana kwiruka, n'ingene umugabo w'aho hantu yakomeretse ariko aragerageza gufasha.
Umwigisha w'intambo, Leanne Lucas yazibuwe imbugita incuro zitanu – mw'itangazo ryashikirijwe sentare, aho yabwiye abahuye n'ayo makuba ati: ''Nacitse kw'icumu ku bwanyu''.
Amaze gufatwa inyuma y'ivyo bitero, Rudakubana yavuze ati: ''Ntaco bimbwiye, nta na hamwe mpagaze…ata kurya umunwa, ni ikintu ciza kuba abo bana barapfuye''.
Rudakubana ku wa mbere yemeye ivyaha vyo kugandagura Elsie Dot Stancombe, w'imyaka 7, Alice da Silva Aguiar w'imyaka 9, na Bebe King w'imyaka 6.
Yemeye kandi ko yakoze uburozi bwitwa ricin, gutunga ibikoresho vy'iterabwoba, no gutunga imbugita.
Uyu munsi mu gitondo, Rudakubana yavanywe muri sentare akomye induru ko arwaye – ivyo bikaba vyanabaye kandi inyuma y'umutaga.
Yarigeze kubaza ati "Nokora iki nshaka kwica umuntu?''
Rudakubana yavukiye i Cardiff, be n'umuryango wiwe bimukira i Southport mu 2013.
Mu 2017 yabaye umunyeshure mw'ishure rya Range High School, Formby.
Mu kwezi kw'icumi mu 2019 yahamagaye Childline - ikigo gitanga inama canke impanuro ku bana canke abayabaga batarenze imyaka 19 – abaza ati : ''Nokora iki hamwe noba nshaka kwica umuntu?''
Mu minsi yakurikiye yasiguye ko hari umuntu atakunda kw'ishure yari yamubwiye nabi. Yavuga ko yamushavuje none yashaka kumwica, nk'uko umwe mu vyabona yavuze imbere ya sentare.
Vyaciye bimenyeshwa igiporisi kiraza kumuraba. Yaciye yemera ko yari afise imbugita kandi ko yibaza ko ashobora kuyikoresha bishitse agashavura.
Ishure ryarabimenyeshejwe. Ico gihe ariko yari asanzwe yarirukanywe vy'igihe c'agateganyo, mu nyuma arirukanwa burundu amaze kwiyemerera ko yaramaze kuzana kw'ishure imbugita incuro 10.
Rudakubana yari amaze kurangirwa ibindi bigo bihurikiye mu mugwi Multi-Agency Safeguard Hub (MASH). Ni ihuriro ry'ibigo muri leta y'Ubwongereza, bikora mu bisata bitandukanye vyaba ivyerekeye imibano (social) canke amagara y'abantu, mu ntumbero yo guhuriza hamwe amakuru yofasha guha ubufasha abantu bari mu bibazo bakeneye gukingirwa.
Ikibazo c'inyifato yiwe cari caramenyeshejwe ndetse no mu bigo bifasha abana n'abayabaga bafise ibibazo vyo mu mutwe Child and Adolescent Mental Health Service (CAMHS).

Umushingamateka wo muri Southport, Patrick Hurley, yasavye ubucamanza gusubiramwo kwihweza ko igihano cahawe Axel Rudakubana gihuye n'uburemere bw'icaha yakoze.
Yabisavye yishimikije uburenganzira buha uwo ariwe wese gusaba ubutungane gusubiramwo urubanza mu gihe yoba yibaza ko bwahaye igihano gito uwagiriwe n'icaha, babona ko bidakwiranye (unduly lenient sentence scheme)
Abahagarariye ubutungane, Attorney General Lord Hermer na Solicitor General Lucy Rigby, bafise iminsi 28 yo gufata ingingo nimba urubanza rwoshigwa mw'iyungururizo.
Umushikiranganji wa mbere Sir Kier Starmer yavuze ko amahano yakorewe muri Southport ari "kimwe mu bihe biteye ubwoba n'agahinda bimaze kuba muri kahisa k'igihugu cacu" kandi "umubisha yahamwe n'icaha", Axel Rudakubana ,"bishoboka ko atazokwigera ava mu mvuto."










