UK: Rudakubana yemeye ivyaha 16 birimwo kwica abana 3 muri Southport

Axel Rudakubana, 18, yemeye ivyaha aregwa vyo kwica abana b'abakobwa batatu akoresheje intambi mu kibanza bariko bigiramwo gutamba intambo zirora ku ndirimbo z'umunyamuziki Taylor Swift mu gace ka Southport mu Bwongereza, mu mwaka uheze.
Yishe Alice da Silva Aguiar, 9, Bebe King,6, na Elsie Dot Stancombe yari afise imyaka 7 kuwa 29/07/2024.
Umucamanza Justice Goose yamubwiye ko ata gisivya azohabwa igihano co gupfungwa ubuzima bwose, niyo yakatirwa ku musi wa kane.
Rudakubana, yemeye ko yashatse kwica abandi bana umunani n'abandi bantu babiri bakuze.
Yemeye kandi ko yikoreye ubumara bwa ricin, aho yari yitwaje n'inzandiko zijanye n'iterabwoba zari zifise umutwe uvuga ngo "Military Studies in the Jihad against Tyrants: The Al-Qaeda Training Manual. Ivyogereranywa -n'inyigisho za gisirikare za Jihad zo kurwanya abanyagikenye: infashanyigisho ya al-Qaeda-.

Ahavuye isanamu, PA Media
Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Keir Stammer, yavuze ko "Ubwongereza mu burenganzira bwabwo, buzosaba ibisobanuro, kandi ko 'ata buye rizosigara ku rindi' mu kurondera kumenya uko ibintu vyagenze".
Yihanganishije imiryango yabuze ababwira ko igihugu cose kibabaranye nabo.
Eka n'umukuru w'umugambwe wa Conservatives, Kemi Badenoch, yavuze ko hazotegerezwa gutangwa insobanuro y'impamvu abayobozi batashoboye gukumira ubwo bwicanyi.
Bamwe mu banyagihugu baba Southport babwiye BBC ko n'imiburiburi bazokwiruhutsa kubona Rudakubana agiye gukatirwa vuba, kandi atarinze kwicarana n'ababuze ngo arinde kwagirizwa.
Urwego ruhagarariye ubutungane rumenyesha ko Rudakubana yari yitayeho ivyo ubwicanyi mu buryo "buteye iseseme" (sickening) kandi yashize mu ngiro umugambi yateguye mu buryo 'bwitondewe cane'.
Rudakubana yarungitswe incuro nyinshi mu kigo gifasha gukingira abafise ivyiyumviro vy'iterabwoba, yari yarakuwe mw'ishure, kandi yarigeze gukomeretsa umunyashure akoresheje igiti bakinisha urukino rwa hockey.
Yari amaze kugenderwa n'igipolisi incuro zitari nke.













