Southport-UK: Abana baguye mu gitero c'imbugita bunamiwe

Ahavuye isanamu, PA Media
Muri Southport ku mugoroba w'uyu wa kabiri hakoranye abantu baje kwunamira abana baguye mu gitero c'imbugita.
Gushika ku mutaga wo kuwa kabiri, igipolisi ca Mercyside cari kimaze gutangaza amazina y'abana batatu, bamaze kwitaba Imana mu bakomerekejwe mu gitero co kuwa mbere mu karere ka Southport mu Burengero bw'Ubwongereza.
Abandi bana 5 n’abakuze 2 bakomeretse cane, bari bakiri mu bitaro aho bariko baravugwa.
Aba bana bari mu mugwi w'abana 25 bari munsi y'imyaka 11 bari mu kibanza bariko bigiramwo yoga no gutamba.
Umusore w'imyaka 17 ari mu minwe y'igipolisi ku bijanye n’ico gitero, cabereye kw’ibarabara rya Hart Street muri Southport. Yavukiye i Cardiff yimukira mu gace ka Southport mu 2013.
Abavyeyi biwe bazwi nk’abimukira bakomoka mu Rwanda, kandi afise mukuruwe yavukiye i Cardiff nyene.
Umwe mu bahoze ari ababanyi b‘umuryango w’uwo musore akiba muri Cardiff, avuga ko umuryango wiwe wari uzwi nk’umuryango mwiza kandi ufise abana basanzwe ‘nk’abandi bana bose’
Igipolisi gisaba abantu kwirinda gukurikira ibihuha, aho kimenyesha ko amazina ariko arahanahanwa ku mbuga hwaniro, avugwa ko ari aya nyene kugaba ico gitero, atari yo.

Ahavuye isanamu, Photoshot
Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, yifatanije n’abandi mu gushira urugori rw’amashurwe ahabereye ubwo bwicanyi.
Yvette Cooper, yabwiye abanyamakuru bari aho ko "ivyashitse ata muvyeyi ashobora kuvyiyumvisha”, kandi ngo "birenze inzozi mbi zose zishoboka zishobora gushika ku muvyeyi".
Umupfasoni Cooper yemeza ko mu gihugu hose hari "impungenge zikomeye" ku vyaha vy’ibwicanyi bukoresha imbugita, akavuga ko ari inshingano z'umushikiranganji wa mbere Keir Starmer "kubitorera umuti".

Ahavuye isanamu, PA Media
Ababa mu micungararo kugeza ubu ntibarashobora gutahura ivyabaye, bamwe bugaye amaduka yabo mu kwifatanya n’imiryango y’abo bana, ku mugoroba wo kuri uyu wa kabiri, bagorobeje kwunamira abo bana bagandaguwe.

Ahavuye isanamu, PA Media
Abakoresha imbuga z’itumatumanako bakomeza kugaragaza umutima wo gushimira umwigisha wa Yoga n’intambo, Leanne Lucas, ku butwari yerekanye bwabakoze kumutima.
Uwukoresha Instagram yagize ati: "Ubutwari bwawe bwakoze ku mutima w'igihugu, twese turagusengera ndetse n'imiryango yagize ingaruka."
Uwundi yanditse ati: "Dukomeza kukuzirikana no kugushira mu masengesho, ivyiyumviro vyacu biri kumwe nawe Leanne, komeza urwane."

Ahavuye isanamu, Instagram
Taylor Swift, umuririnvyi rurangiranwa yari yitiriwe ico gikorwa co kwigisha abana gutamba, nawe ubwiwe yashize ubutumwa kuri Instagram, ahoza abahuye n’ico gitero.
Yagize ati: ”Agahomerabunwa k’igitero caraye kibaye muri Southport gakomeza kunsuhera ubudahengeshanya, naguye mu gahundwe”
"Kubura ubuzima bw’intungane, no gusigara mu ihahamuka kuri buri wese yari hariya, yaba imiryango canke abahashitse ubwa mbere gutabara”
“Aba bari abana bibereye gusa aho biga gutamba. Natakaye nsimbona n’aho nohera mu guhoza iyo miryango”

Ahavuye isanamu, PA Media
Abafana ba Taylor Swift bariko batoza amafranga yo gufasha imiryango yabuze.
Abakunzi ba Tayler Swift batanguje igikorwa co kwegeranya uburyo bwo gufata mu mugongo imiryango yabuze no gushingura abamaze gucikana, igikorwa bafatanije n’ibitaro vy’abana vya Alder Hey vyakiriye abakomeretse.
Gushika ku muhirango wo kuri uyu wa kabiri, bari bamaze kubona amafranga agera ku bihumbi ijana £100,000.
Christina Jones, akuriye umugwi w’abakunzi ba Taylor Swift mu Bwongereza no ku mugabane wa Bulaya, yabwiye BBC ko kubona abo bavyeyi babuze bari mu gahinda, bogira no kuja mu ngorane zo guhangwa n’uburyo bwo gushingura ababo, ari ikintu kibavuna umutima.













