Ingingo ya Israel yo kwemeza Somaliland nk'igihugu cigenga: Nyamugigima kuri Afrika

- Umwanditsi, Na Bernard Bankukira
- Igikorwa, BBC Gahuzamiryango
Israel yabaye igihugu ca mbere kw'isi cemeye Somaliland, imwe mu ntara zigize Somalia, nk'igihugu cigenga, icemezo kidasanzwe kuri kazoza k'iyi ntara, inyuma y'imyaka irenga 30 yari imaze atawuyiha ni rwere ku rwego mpuzamakungu, kuva itangaje ko yiyonkoye kuri Somalia.
Umushikiranganji wa Israel ajejwe imigenderanire Gideon Saar avuga ko ari amasezerano ashitsweko inyuma y'umwaka wose wari uheze impande zompi ziri mu biganiro, kandi ko bagiye kwunga imigenderanire yuzuye, harimwo igenwa ry'abaserukizi n'iyugururwa ry'ibiro vy'ubuserukizi mu bihugu vyompi.
"Tuzokorera hamwe mu gukomeza imigenderanire hagati y'ibihugu vyacu, umutekano w'akarere n'iterambere mu vy'ubutunzi", niko Saar yanditse ku mbuga hwaniro, akongerako ko yategetse ubushikiranganji arongoye gushira mu ngiro ubu bucuti mu bisata bitandukanye.
Imwe mu mvo zishobora kuba zayitumye yemeza Somaliland nk'igihugu cigenga, Israel iriko irondera ingene na yo yokwinjira mu Kigobe ca Aden iciye mu muhora wa Bab el-Mandeb kugira ngo icungere urudandaza rwayo n'umutekano wayo.
Iyi ngingo ya Israel ije kurangiza igihe kirekire Somaliland imaze atawuyerekwa ku rwego mpuzamakungu nk'igihugu cigenga, gusa birashobora kutoroha ari nka hamwe ishirahamwe ONU naryo ryohagarara ku cemezo c'umuryango w'Ubumwe bwa Afrika co kwubahiriza ubusugire n'imbibe ibihugu vya Afrika vyarazwe igihe vyaronka intahe y'ukwikukira, icemezo gifatwa ko gikingiye runini umugabane wose uravye ukungene ubukoloni bwawusambaguye igihe ibihugu rutura vyawugabangana.
Hari ubwoba rero ko iyi ngingo ya Israel, mu gihe yoja mu ngiro, ko ishobora gutera intege utundi turere tw'ibindi bihugu vy'uno mugabane turondera kwiyonkora ku bihugu, ivyotuma Afrika isambagurika.
Umuryango w'Ubumwe bwa Afrika wamaze kwamirira kure iki cemezo ca Israel.
Eko no kuri Somalia ubwayo, uravye ingene itunganijwe, ni icemezo gishobora kugira ingaruka mbi ku buzima bwayo.
Somalia ifise intwaro ishingiye kuri federasiyo, ni ukuvuga aho usanga intara zigize igihugu zifise ubwigenge kanaka ariko zigaruria hamwe. Iyi ntwaro rero muri Somalia nta nguvu nyinshi ifise, kandi hari icuka hagati y'intara ziyigize n'ubutegetsi bwa Mogadishu.
Rero, ingingo ya Israel yo kwemeza Somaliland - intara yitunganije mu vy'intwaro gusumba izindi ntara zose zigize Somalia - nk'igihugu, ifise gusenyura iyi nyubako y'ino ntwaro, kuko n'izindi ntara zishobora kubona umengo nta kamaro ko kuguma muri reta y'ubumwe, zigaca nazo zirondera kwiyonkora.
Hagati aho, ibihugu vya Misiri, Turukiya, na Djibouti vyamaze kwiyamiriza iki cemezo ca Israel babona ko kije guteza akaga.
Inyuma ya Israel na Amerika yoba izokurikira?
Iyi ntara yiyonkoye kuri Somalia mu gihe haduka intambara y'ubugome yo hagati mu gihugu, yakurikiye isenyuka ry'intwaro y'agahotoro ya Perezida Siad Barre yatoteje bikomeye iyo ntara yo mu buraruko bwa Somalia mu 1991.
Mu myaka irenga 30, Somaliland yitwara nk'igihugu cigenga, ariko ata gihugu na kimwe mu bihugu vyose bigize ishirahamwe mpuzamakungu ONU kiyemera nk'igihugu cigenga.
Hagati aho, mu gihe uturere tutari duke twamaze imyaka n'imyaka mu kajagari, mbere gushika n'ubu tukaba turatekana neza, Somaliland yoyo yabayemwo ituze kuva mu mpera z'imyaka ya 1990.
Yiyubakiye ishusho ya poritike itandukanye na Somalia, ikaba ifise ifaranga ryayo, ibendera ryayo n'inama nshingamateka yayo. Gusa ihanganye n'uturere twayo two mu buseruko tuterekwa umugambi wayo wo kwiyonkora.
Muri iyi myaka ya vuba, Somaliland yuguruye ubucuti na Emira Zunze Ubumwe z'Abarabu (United Arab Emirates) – kimwe mu bihugu vyateye igikumu ku masezerano Abraham Accords – hamwe kandi na Taiwan, igihugu naco kiriko kirondera kwemerwa ku rwego mpuzamakungu, ariko Ubushinwa bukabandanya buvuga ko ari intara yabwo.
Eka no muri Amerika, abanyaporitike bakomakomeye b'umugambwe w'Abarepubulikani wa Donald Trump, harimwo n'umukenguzamateka Ted Cruz, bamaze igihe bahimiriza cane imigenderanire ikomeye hagati ya Somaliland na Israel, mbere Cruz wewe akaba adahengeshanya gusaba ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zokwemeza Somaliland nk'igihugu cigenga.
Gushika ubu nta kirahinduka nubwo muri Myandagaro (8) uno mwaka Trump yumvikanye avuga ko yariko ategura gufata ingingo kuri iki kibazo igihe yari abajijwe ibijanye na Somaliland mu kiganiro n'abanyamakuru muri Maison Blanche/White House (ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Amerika).
"Iki ni ikindi kibazo kigoye, ariko turiko turakorera kuri iki kibazo, Somaliland", niko yavuze.
Mu 2024, igihugu ca Ethiopia na co nyene cararondeye kugiriranira amasezerano na Somaliland, aho cayemereye ko cari gushobora kuyemeza nk'igihugu cigenga, hanyuma nayo igaha Addis Abeba (ubutegetsi bwa Ethiopia) umuhora wo gushika kw'ibahari, ariko mu nyuma kikaba caridohoye kubera igitsure c'amakungu.
Israel yoba irondera iki?

Ufatiye kuri poritike mpuzamakungu, Somaliland nk'akarere gaherereye ku kigobe ca Aden hamwe no ku muhora wa Bab el-Mandeb – umuhora ukomeye cane wo mu mazi – ni akarere ngirakamaro cane.
Mu gihe rero iki cemezo cobandanya kikaja mu ngiro, Israel nayo ifise kuharonderera akaryo ko kwinjira mu Kigobe ca Aden.
Ni vyo, umuntu arabiye hafi, abona ko Ikigobe ca Aden kiri kure cane, hanze y'Ihembe rya Afrika, ku birometero amajana n'amajana uvuye ku nkengera za Israel. Ariko ufatiye ku kamaro kaco, iki kigobe ni umwe mu mihora nyamukuru y'urudandazwa rwa Israel – iyi ikaba ari imwe mu mvo nyamukuru itumye Israel yemeza Somaliland nk'igihugu, imigenderanire hagati yavyo ikaba yoyifasha kwinjira mu karere.
Hanyuma kandi, ibitero vyagiye bikorwa ku mato yabwo muri iyi myaka ya vuba vyarashize Israel mu kaga ku buryo kuronka akaryo ko kwinjira mu Kigobe ca Aden giciye mu muhora wa Bab el-Mandeb bishobora kuba ari intego nyamukuru ku kubaho kwayo.
Rero, kuri Israel, hampande y'uko Ikigobe ca Aden ari kirumara cane mu vy'ubudandaji, koba ari akaryo gakomeye ko kwinjira mu Kigobe ca Aden iciye mu muhora wa Bab el-Mandeb, kugira ngo ibone ingene yocungerera kure umutekano wayo, cane cane muri iki gihe Ikiyaga Gitukura kirangwamwo umutekano muke, aho mbere n'amato yayo yagiye yizizirwa n'ibitero vy'inyeshamba z'aba-Houthi ba Yemen.
Rero aka karere ni kirumara ku kubaho kwa Israel, mu gihe nayo yoronka ingene iba kumwe n'ibindi bihugu rutura biriko biragakiraniramwo.
Israel kandi ifashe iki cemezo inyuma y'uko Israel na Amerika vyigeze kuba birondera ingene Abanyapalestina baba mu karere ka Gaza bokwimurirwa ahandi, bikaba vyavugwa ko ibi bihugu vyoba vyaregeye Somalia na Somaliland bibisaba ko vyokwemera kubakira.
Muri Ntwarante (3), Somalia na Somaliland vyarahakanye ko ata kintu na kimwe vyigeze bisabwa na Israel canke na Amerika ko vyokwemera kwakira aba Bapalestina bava i Gaza, mbere Mogadishu ikaba yavuze ko yanse yivuye inyuma umugambi nk'uwo.
Rero ari nka hamwe icemezo ca Israel cobandanya, gafise kuba akaryo keza kuri Israel ko gusubira kuvugana na Somaliland, kugira ngo irabe ko yokwemera kwakira aba Banyapalestina.













