Kwigerezako mu gucisha inzoga mu basuma n’abagwanyi ba ki Islam muri Somalia

Imodoka ica mw'ivumbi

Ahavuye isanamu, Mohamed Gabobe

    • Umwanditsi, Mohamed Gabobe & Layla Mahmood
    • Igikorwa, Mogadishu & London

Guled Diriye asanzwe yinjiza inzoga mu kinyegero, ararushe cane.

Ni ho akiva mu rugendo rwiwe ku rubibe rwa Ethiopia kuzana ibidandazwa bibujijwe.

Uno musore w'imyaka 29 yicaye mu ntebe y'inyegamo mu nzu nziza yo mu gihe c'Ubukoloni yononekaye cane kubera intambara imaze imyaka n'imyaka ku mugwa mukuru wa Somalia, Mogadishu - igisagara cigeze kuba kizwi kw'izina "ry'ikirezi c'ibahari indiana".

Ibirato yambaye vyuzuye ivumbi - iryamusigayeko ryo mu bugaragwa.

Amaso yijimye, aguma atura ingiga. Imifuko iri musi yo yonyene irerekana amajoro aheze ata tiro, amasaha y'umutima uri mu kirere kubera aca mu mabarabara ateye ubwoba, yongera agenda agirana ibiganiro n'abitwaje ibigwanisho bacungereye amabariyeri.

Hari kandi n'ishusho itamuvamwo y'uwundi yinjiza ibintu mu mpisho yishwe arashwe.

Asigura ko kwinjiza ibintu kuri magendu ari bwo buryo bwo gufasha umuryango wiwe muri iki gihe ubutunzi bwifashe nabi, agira ati: "Muri kino gihugu, umuntu wese yita ku giti no kw'ibuye ahiga uko yobaho. Rero natoye inzira yo kuza ndafata ibarabara riva ku rubibe rwa Ethiopia rija Mogadishu".

Kunywa no kugurisha inzoga birabujijwe. Amategeko ya Sharia (Itegeko rya Islam) muri Somalia arabuza inzoga, ariko ntabuza ko benshi bazinywa, cane cane mu rwaruka mu turere twinshi tw'igihugu.

Umubanyi wa Diriye, Abshir; yari azi ko yagize ibihe bigoye igihe yatwara imodoka yunguruza abantu, ni we yamwinjije muri urwo rudandazwa rw'inzoga za magendu.

Inkorofani [chariots] zaragwiriranye mu gisagara, zituma abatwara imodoka zunguruza abantu babura akazi.

Bose bari abagenzi kuva mu bwana aho babanye mw'ikambi y'impunzi mu 2009 igihe hari intambara zikomeye i Mogadishu - n'umuntu yashobora kwizera.

"Natanguye ntora amakarato y'inzoga mu kibanza bambwire bayururukirijemwo i Mogadishu ndamukorera hanyuma nkakora amayeri yo kuyapakururira mu kibanza bambariye. Ubwa mbere sinabona ko kwari ukunyinjiza mu rudandaza rwa magendu."

Bidatevye, Diriye yisanze agira uruja n'uruza ku rubibe rwa Ethiopia aciye mu binywabi vyo muri Somalia.

Arazi neza ko ariko ararenga ku mategeko, ariko avuga ko ubukene arimwo burenze.

Amacupa y'inzoga ari ku bikarato

Ahavuye isanamu, Somalia Police

Insiguro y'isanamu, Rimwe na rimwe igipolisi kirerekana amacupa y'inzoga cafashe
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Urugendo rwo gukora urudadazwa rwa magendu ruhera mu bisagara vya Somalia biri ku rubibe vya Abudwak, Balanbale, Feerfeer na Galdogob.

Diriye agira ati: "Kenshi inzoga ziva ku mugwa mukuru wa Ethiopia, Addis Abeba zikajanwa mu gisagara ca Jigjiga, mu karere ka Ogaden.

Ogaden, nk'uko ako karere gasanzwe kazwi muri Ethiopia, akarere kazwi kw'izina rya Somali, gahana urubibe na Somalia rw'ibirometero 1.600. Abantu bo muri ako karere basangiye ubwoko, imigenzo, ururimi n'idini ku mpande zose.

Inzoga zimaze gupakururwa, zica zikwiragizwa mu biyaya vy'akarere ka Somalia, hanyuma zigaca zinjizwa rwihishwa muri Somalia.

Igisagara ca Galdogob kiri ku rubibe ni ho urudandazwa rwinshi rubera kandi kikaba kigeramiwe cane n'inzoga nyinshi za magendu zihashika zivuye muri Ethiopia.

Abakuru b'imiryango baramaze kwerekana umwitwarariko ku bugizi bwa nabi buturuka ku nzoga.

Sheikh Abdalla Mohamed Ali, arongoye inama y'imiryango muri ico gisagara agira ati: "Inzoga ziratera ingorane nyinshi [harimwo kurasana].

"Ziramaze gufatwa bakazimena incuro ninshi ariko bisa no kuba iruhande y'uruganda ruzikora. Rubandanya rukora nyinshi gusumba ivyo dukora vyose.

"Igisagara cacu kizoguma mu ngorane."

Ariko ku bakora urwo rudandaza rwa magendu, intumbero yabo ni ugushikana izo nzoga ku mugwa mukuru.

Diriye avuga ati: "Ngendesha ikamyo itwara imboga, ibijumpu n'izindi mfungurwa. Iyo ikamyo ipakiye iba yuzuye ibintu ntwaye vyose, ariko amahera menshi ndayaronka ku nzoga".

Rimwe na rimwe, abakora urudandaza rwa magendu barinjira muri Ethiopia kuzitorera, ariko ikindi gihe barazironka ku rubibe. Ariko uko biri kose, kunyegeza ni co kintu gikomeye muri ako kazi kuko bishoboka rwose gufatwa.

"Akazi ko gupakira karahambaye cane. Ako umushoferi koko gahambaye gusumba. Afise akazi ko kunyegeza inzoga mu makamyo yacu, hakoresheje ikintu ico ari co cose dupakiye. Ntamufise, simba nshobora kugenda vyoroshe - n'imiburiburi ntafashwe.

"Ikarato y'inzoga nshobora gutwara iba irimwo amacupa 12. Nshobora gutwara kuva ku makarato 50 gushika ku 70 buri rugendo nkoze. Mu bisanzwe igice c'ivyo ntwaye kiba kigizwe n'inzoga."

Igice kinini co mu bumanuko bushira hagati muri Somalia kigenzurwa n'imigwi yitwaje ibigwanisho, aho reta ifise ububasha buke canke ntigire namba: abitwaje ibigwanisho, abasuma n'umugwi wa al-Shabab ufitaniye ubucuti na al-Qaeda itembera atacamira.

Diriye agira ati: "Ntushobora kugira urugendo uri wenyene. Koba ari ukwigerezako. Ikibazo c'urupfu cama mu mitwe yacu. Ariko ubwo bwoba ntibutubuza urwo rudandaza, kandi dutegezwa kwiyumvira neza umugwi dukorana.

"Mu gihe nokomerekera mu gitero mw'ibarabara, hategerezwa kuboneka uwunsubirira ashobora kubandanya urugendo. Umwe wese arazi ingene batwara imodoka n'amabarabara kandi neza".

Abakora urudandaza rwa magendu baca mu mabarabara mabi, amaze imyaka mirongo atawuyasubiyemwo. Imitego yo mu kuzimu [mines] hamwe n'ibindi bigwanisho biturika vyatezwe mu ntambara zaheje, na vyo n'ibibazo.

Diriye agira ati: "Nca n'imiburiburi mu bisagara umunani gushika kw'icumi kugira nshike i Mogadishu. Ariko ibisagara nta co bidutwara, turaba amabariyeri hamwe n'abayacungereye."

Bahura n'abagwanyi benshi bo mu miryango itandukanye kandi bayoboka abantu batandukanye, baba bari aho nyene kw'ibariyeri canke bari kure.

"Mu gihe duhagaritswe n'umugwanyi wo mu muryango kanaka, iyo umwe muri twebwe hari uwo bava mu muryango umwe, canke n'uwushaka gusa na wo, vyongerera amahirwe yo kurokoka. Ni co gituma twese uko turi batatu tuva mu miryango itandukanye."

Amaboko ariko aratwara imodoka

Ahavuye isanamu, Mohamed Gabobe

Insiguro y'isanamu, Abakora urudandaza rwa magendu barazi ko ako kazi gashobora kubahitana ariko babona ako kazi nk'agashobora kubakura mu bukene

N'umubabaro mwinshi aribuka: "Maze guterwa kenshi.

"Umwe mu bo dukorana asa na mushasha. Yasubiriye uwahora amfasha yishwe mu myaka ibiri iheze".

Diriye yari amaze amasaha atandatu atwara mu bushuhe bwinshi, aca afata ingingo yo kuryama ahereza mu genzi we ngo atware.

"Mu gihe nari ndyamye inyuma, numviye urufaya rw'amasase runkangura. Twari dukikijwe n'abagwanyi bafise inkoho. Uwumfasha gupakira yariko akoma induru. Uwari yanyakiriye gutwara imodoka yari yishwe."

Urwamo rugabanutse, Diriye n'uwumufasha gupakira baciye bafata ikiziga ca mugenzi wabo bagikura ku ntebe bagishira inyuma mw'ikamyo.

"Nta maraso menshi ndasubira kubona nk'ayo nabonye ico gihe mu buzima bwanje. Nategerezwa kugenda ndayahanagura ari nako mbandanya gutwara. Mu myaka yanje yose, nta kintu cari carigeze kintegura kubona ibintu nkivyo uwo musi".

Abo bagabo babiri babandanije kugenda, bamaze gushika kure y'abo bagwanyi, bakwegeye ico kiziga iruhande y'ibarabara bakiryamika ngaho.

"Nta n'igitambara twari dufise co gupfuka ikiziga ciwe, nca nkura ishati yanje y'amaboko maremare aba ari yo ndamupfuka.

"Yari ingingo igoye gufata ariko sinari gushobora kubandanya ntwara inzoga za magendu ziri iruhande y'ikiziga mw'ikamyo. Hariho ayandi mabariyeri make ya reta imbere, sinashaka ko ivyo mpakiye bigira ingorane canke jewe ngo nikwegere.

Inyuma y'imyaka ibiri, aracicuza kuba yarataye ico kiziga kw'ibarabara.

Yasize inyuma umuryango kandi Diriye ntanazi nimba baramenye ukuri ku vyabaye kugira apfe.

Ingorane Diriye bahanganye ni ukuri ku vyama vyabashikiye abakora urudandaza rwa magendu benshi igihe bakuye inzoga muri Ethiopia bazijana Mogadishu, mu ntumbero yo guha inzoga abantu benshi bazikeneye.

Dahir Barre w'imyaka 41, ni muremure akaba afise n'inkovu igaragara mu maso, isa n'iyisigura ubwayo. Aratera inkuru cane kandi asa n'uwamaze kumenyera mu myaka irenga cumi akora urudandaza rwa magendu rusa n'urumufasha kurengera inkurikizi z'ivyo akora.

Agira ati: "Duhura n'ingorane nyinshi ariko turabandanya kunyonga imodoka n'aho ubuzima bwo kubaho bumeze nabi muri Somalia".

Barre akura inzoga za magendu muri Ethiopia kuva mu 2015, akavuga ko kubura akazi vyunyuwe n'ubukene ari vyo vyamutumye aja muri urwo rudandaza rutoroshe.

Ati: "Nahora ncungera umutekano kw'ihoteli hagati mu gisagara. Nari mfise inkoho yo mu bwoko bwa AK-47 [Kalachnikov], nkaba nari mfise akazi ko gusaka abantu ku muryango."

Amajoro maremare ntagohetse bakampemba make adahuye n'akazi nakora.

"Idorari ijana ku kwezi kugira mbuze imodoka ishobora kuba itezemwo ibombe kwinjira ku muryango mukuru, ndabifata nko gusara iyo ubu ndavyibutse".

Umwe mubo bakorana yamweretse abagenzi biwe bava mu karere ko ku rubibe, "kuva ico gihe ngira ingendo muri ayo mabarabara".

Barre agira ati: "Mu 2015, naronka idorari 150 gusa kuri buri rugendo, ugereranije n'amadorari 350 buri rugendo ubu, kandi ico gihe hari hateye ubwoba gusumba kubera al-Shabab yagenzura igice kinini cane, mwashobora kugwanako.

"Abasuma n'abitwaje ibirwanisho bari bateye ubwoba cane ico gihe.

"Ufise amenyo asa n'umuhondo, abagwanyi bashobora kwibaza ko wariye "Khat" canke wanyoye itabi, bisigura ko ufise amahera, rero bashobora kukunyuruza bakakugumya kugira babahe ingwati.

"Nk'abashoferi twabonye vyinshi kandi n'ubu ibibazo biracariho".

Mu gihe bafashwe n'abagwanyi ba al-Shabab, vyashobora kuba bibi gusumba kubera uwo muhari utihanganira abagira magendu cane cane y'inzoga. Abo bagwanyi baraturira imodoka bagaca bapfunga abakora magendu imbere yo kubaca ihadabu.

Izuba ryaka mu bugaragwa

Ahavuye isanamu, Mohamed Gabobe

Insiguro y'isanamu, Inzira ija i Mogadishu yuzuyemwo amabariyeri menshi.

Ku bandi bitwaje ibigwanisho, birashobora kworoha kubaha igiturire c'amahera canke inzoga.

Bifata imisi iri hagati y'indwi n'icenda kugira ushike i Mogadishu uvuye ku rubibe rwa Ethiopia. Abakora urudandaza rwa magendu baca baja mu kibanza categuwe gupakururirayo.

Diriye agira ati: "Dushitse, umugwi w'abagabo baca baza biruka bagapakururira ivyo tuzanye bisanzwe bizwi bigizwe n'ibifungurwa mu yindi kamyo, bagaca bagenda. Ivyo biheze, haca haza uwundi muntu, rimwe na rimwe aherekejwe n'izindi modoka nyinshi, bagaca batora amakarato y'inzoga.

"Ariko ntibiherera ngaho. Igihe inzoga zimvuye mu minwe, zica mu yindi minwe myinshi, bikarangira zishitse mu minwe y'abazidandaza mu gisagara, ushobora guhamagara kuri terefone gusa."

Diriye akunze kwibaza ingene yagiye mu rudandaza rwa magendu n'aho kazoza kiwe kagana.

Agira ati: "Umubanyi wanje Abshir yanyinjije muri urwo rudandaza rw'inzoga za magendu, yarabihagaritse haraciye imyaka itatu."

Abshir yahaye akazi umwishwa wiwe, yari yarize ariko ata kazi afise ico gihe, akazi ko gukora urwo rudandaza. Ariko yishwe ku rugendo rugira gatatu aguye mu mutego w'abasuma.

Diriye agira ati: "Inyuma y'aho, Abshir yaciye abiheba. Yaciye aja mu vy'idini akorera Imana. Ubu ndamubona gake cane".

N'aho hari ingorane nyinshi, Diriye avuga ko bitazomuca intege.

Agira ati: "Urupfu ni ikintu gisanzwe canditswe. Sinshobora kwemera ko ubwoba bumbuza kurondera ubuzima. Ni ukuri. Rimwe na rimwe ndashaka guta imfunguruzo ku meza kugira ntangure ubuzima bushasha ariko ntivyoroshe. Amagerageza ari hose co kimwe n'ubukene."

Amazina yose yahinduwe muri iyi nkuru.

Map