Trump avuga ko adakeneye Abasomali muri Amerika mu gihe hitezwe uruhigi muri Minnesota

Ahavuye isanamu, SHANNON STAPLETON
- Umwanditsi, Max Matza
Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika avuga ko adakeneye kubona abimukira b'Abasomali mu gihugu ciwe, aho yabwiye abanyamakuru ko "bakwiye gusubira iyo bavuye" kandi ko "igihugu cabo ntaco kimaze".
Mu nama y'abashikiranganji y'ejo ku wa kabiri, yagize ati: "Sindabashaka mu gihugu cacu, ndababwije ukuri". Trump avuga ko Amerika ishobora "kwisanga ahantu habi ari nka hamwe yobandanya yakira imicafu mu gihugu cacu".
Yavuze aya majambo ateye isoni mu gihe bivugwa ko abajejwe igisata c'abinjira n'abasohoka bariko bategura uruhigi ku bimukira batagira ivya ngombwa muri Minnesota, intara irangwamwo Abasomali benshi gusumba izindi ntara zose muri Amerika.
Abategetsi bo muri iyo ntara bariyamiriza uno mugambi, bavuga ko ushobora gufata mu buryo butabereye Abanyamerika bashobora kuba basa n'abavuye muri ico gihugu ca Afrika y'Ubuseruko.
Ibisagara vya Minneapolis na St Paul, bifatwa nk'ibisagara vy'amahasa (Twin Cities) kubera vyegeranye cane kandi bifise vyinshi bihurirako, bihaye indaro umwe mu miryango ya mbere minini y'Abasomali kw'isi, kandi ni wo wa mbere munini muri Amerika.
Muri ayo majambo yavuze nijoro ku wa kabiri, inyuma y'inama y'abashikiranganji yamaze amasaha atari make kandi yerekanywe mu mboneshakure, Trump yagize ati: "Sindabashaka mu gihugu cacu. Aho ndababwije ukuri. Ndazi ko hari abovuga ngo 'Oh, iyo si ingingo ya poritike nziza'. Ivyo ntaco bimbwiye. Sindabashaka mu gihugu cacu".
Abandanya ati: "Nka Somalia yoyo, igihugu atako cifashe, erega, nta kintu, nta kintu bafise. Nta kindi bakora atari ukwicana gusa. Nta ntwaro itunganije neza ihari".
Yaciye atangura kwifatira mu gahanga umushingamateka Ilhan Omar, Umudemokarate akongera akaba Umunyamerika akomoka muri Somalia wa mbere yatowe nk'umushingamateka, akaba amaze guhangana na we akatari gake.
"Nama ndamwihweza", niko Trump avuga, akongerako y'uko Omar "yanka buri muntu. Kandi nibaza ko ari umuntu ataco ashoboye".
Mu kwishura, Omar yanditse ku mbuga hwaniro ati: "Uku kuntu aguma anyifatira birateye amakenga. Ndizeye ko azoteba akaronka ubufasha akeneye cane".

Ahavuye isanamu, Reuters
Igisata ca Amerika kijejwe kugenzura abinjira n'abasohoka (ICE) categetswe n'ubutegetsi bwa Trump guhiga abimukira b'Abasomali batagira ivya ngombwa muri ibi bigisagara bibiri, nk'uko umutegetsi azi ivy'uno mugambi yabibwiye ikimenyeshamakuru CBS News gikorana na BBC muri Amerika.
Vyitezwe ko abantu amajana n'amajana bizizirwa mu gihe iki gikorwa kizoba gitanguye muri ino ndwi, nk'uko uno mutegetsi abivuga. Ikinyamakuru The New York Times ni co catangaje aya makuru ubwa mbere.
Umuvugizi w'ubushikiranganji bujejwe umutekano mu gihugu, ari na bwo iki gisata ca ICE cegukira, bwanse kugira ico bushikirije kuri ibi bikorwa bitegekanijwe bwongera buhakana ko ata bantu bazokwizizirwa kubera ubwoko bwabo.
Tricia McLaughlin, icegera c'umushikiranganji, agira ati: "Buri musi, ICE yama ikora ibikorwa vyo kwubahiriza amategeko mu gihugu cose.
"Igituma umuntu yizizirwa na ICE si urukoba rwiwe cane ubwoko bwiwe, ariko ni ku mvo z'uko aba ari mu gihugu mu buryo buteye kubiri n'amategeko".
Mu kiganiro n'abanyamakuru umukuru w'igisagara ca Minneapolis, Jacob Frey, yavuze ko igikorwa ca ICE "gisigura ko hazoba uguhonyanga uburyo bubereye".
Nk'uko bivugwa n'abategetsi bo muri ivyo bisagara, abantu bababa 80.000 bafise amamuko ya Somalia ni bo bahaba, kandi benshi muri bo bafise ubwenegihugu bwa Amerika.
Ubutegetsi bwa Trump bwarongereje akariro mu ruhigi ku bimukira inyuma y'iraswa ry'abajejwe umutekano babiri mu gisagara ca Washington DC mu ndwi iheze, igitero cahitanye ubuzima bwa Sarah Beckstrom w'imyaka 20, congera gikomeretsa cane Andrew Wolfe w'imyaka 24.
Uwikekwa gukora iki gitero yarahagaritswe yagirizwa ubwicanyi, akaba yamuka muri Afghanistani.
Mu ndwi iheze, Trump yanditse ku mbuga hwaniro ko yategura guhagarika uburenganzira bwo kuhabwa ubuhungiro bw'igihe gito, ikizwi nka Temporary Protected Status – umugambi ugenewe abimukira bava mu bihugu birimwo indyane – ku Basomali baba muri Minnesota. Abaharurwa mu majana ni bo bashobora kugirwako ingaruka n'iri tegeko.
Ejo ku wa kabiri, umushikiranganji w'umutekano mu gihugu Kristi Noem yavuze kandi ko iki gisata gishobora guhiga abafise ama-visa y'amanyanga muri Minnesota.
Somalia ni kimwe mu bihugu vya mbere bikenye cane kw'isi, benshi mu bimukira bari muri Amerika, bakaba bavuye muri ico gihugu mu myaka ya 1990 mu ntambara imaze imyaka mirongo muri ico gihugu.
Abategetsi ba Minnesota bariyamiriza uno mugambi w'intwaro ya Trump uvugwa.
Umukenguzamateka w'intara ya Minnesota Zaynab Mohamed yavuze kuri X ko "igihe abakozi ba ICE bazovugana n'Abasomali hano, bazotahura ivyo tumaze imyaka tuvuga: Hafi twese turi Abanyamerika".
Buramatari wa Minnesota, Umudemokarate Tim Walz yari yiyamamarije hamwe na Kamala Harris mu matora y'umukuru w'igihugu yo mu 2024 kandi yagiye atongana n'umukuru w'igihugu muri ino misi ya vuba, agira ati: "Twakiriza yompi ubufasha mu gutohoza no guhana inkozi z'ikibi. Ariko iki gikorwa co kwiyamamaza no guhiga abimukira mu rudavagi si inyishu nyayo ku ngorane".













