Trump yise 'intsinzi' ingingo ya sentare ku bubasha bw'abacamanza

Donald Trump yishimiye ko abacamanza batswe ububasha bwo kuburizamwo ingingo yafashe

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Donald Trump mu kiganiro n'abanyamakuru

Sentera ntahinyuzwa yafashe icemezo kizotuma ububasha bw'abacamanza bwo kuburizamwo ivyemezo perezida afata ku rwego rw'igihugu bugabanuka.

Trump yise intsinzi ikomeye iyo ngingo y'ubucamanza nayo Attorney General Pam Bondi avuga ko igiye gufasha guhagarika inzitizi z'ubudahengeshanya z'ababurizamwo umugambi w'umukuru w'igihugu.

Trump yatanze ikiganiro ku banyamakuru kuri uyu mugoroba.

Yavuze ko iyi ngingo ya sentare ntahinyuzwa ari intsinzi ikomeye kw'ibwirizwa nshingiro, gutandukanya ububasha hagati y'inzego, no kwubahiriza amategeko.

Trump yashimiye buri umwe wese mu bacamanza 9 ba sentare ntahinyuzwa, barimwo 3 yihishiriyeho.

Avuga ko igisigaye ubu ari ukurungika ingingo z'amabwiriza zari zaraburijwemwo 'bitari bikwiye' n'ubucamanza (mu nzego zo hasi).

Yavuze vy'umwihariko ku burenganzira ku bwenegihugu buhabwa abantu bavukiye ku butaka bwa Leta zunze Ubumwe za Amerika, aho yemeje ko ivyo vyari vyerekeye abana bavutse ku bacakara, ko bidakwiriye muri kino gihe ca none.

Bivuze iki ku bahora bahabwa ubwenegihugu kubera bavukiye muri Amerika?

Trump yavuze ko agiye kunyarutsa gukora mu maguru masha

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Trump yavuze ko agiye kunyarutsa gukora mu maguru masha

N'ubwo uru rubanza rwari rwerekeye ububasha bw'abacamanza bwo kuburizamwo ingingo zifashwe n'ubutegetsi bw'igihugu, ahanini rwihutishijwe n'utwigoro twa Trump two kwaka uburenganzira ku bwenegihugu, abana baba bavyariwe ku butaka bwa Amerika n'abantu batabufise.

Ico cemezo ca sentare gituma ingingo yo kwima ubureganzira ku bwenegihugu abavukiye muri Amerika ku bavyeyi batabufise, itangura gushirwa mu ngiro hamwe hamwe mu minsi 30, inyuma y'aho abacamanza bo mu nzego zo hasi za sentare bari bayitangiriye.

Iki cemezo gituma ingingo yari yarafashwe n'inzego zo hasi za sentare mu gihugu cose, ku kibazo co gutanga uburenganzra ku bwenegihugu, ica yongera gusubira kwigwa muri izo nzego za sentare, aho muri kino gihe vyitezwe ko zica ziheza zigafata ivyemezo kuri ico kibazo no ku bind ibisa naco.

None iyi ngingo ije guhindura iki mu mategeko?

Uko bimeze, sentare ntahinyuzwa yuguruye imiryango ku butegetsi bwa Trump, yo kudashoka baha ubwenegihugu, umuntu uwo ariwe wese avukiye ku butaka bwa Leta zunze Ubumwe za Amerika, n'imiburiburi muri kino gihe.

Iyi ngingo ya sentare ntahinyuzwa yo kuri uyu wa gatanu, itanze uburenganzira ubutegetsi bwa Trump bwo gushira mu ngiro ingingo yo guhagarika gutanga ubwenegihugu ku bantu bose bavukiye muri Amerika, ariko ikarekera ububasha inzego za sentare zo hasi, bwo kugabanya ingaruka kuri uwo wese yoba yifuza kuregera ico cemezo.

Mu bisanzwe impapuro z'amavuka zitangwa mu ma leta, kandi henshi ntibaba baranditse ubwenegihugu bw'abavyeyi.