Tanzania yabujije umuraperi kuvuza umuziki w' 'agasomborotso'

Nay wa mitego

Abategetsi ba Tanzania babujije umunyamuziki azwi cane mu gihugu Emmanuel Elibariki, azwi ku ritazirano rya Nay wa Mitego asanzwe aririmba umuziki wo mu bwoko bwa rap, kuvuza umuziki wiwe mushasha unegura ubutegetsi.

Uno mu-raperi yararengukishijwe n’igiplisi ku wa gatatu ahoy amaze amasaha Atari make abazwa n’igipolisi ku mugwa mukuru Dar es Salaam agahava arekurwa mu nyuma ataze ingwati ku birego vyo kugumura abanyagihugu, nk’uko umushingwamanza wiwe, Jebra Kambole, yabibwiye BBC.

Iyi ndirimbo Amkeni, mu Kirundi twogereranya na Ikangure, iranegura cane ubutegetsi bw’iki gihugu ikaba irimwo umurongo usa n’uwagiriza umukuru w’igihugu ahari ubu “gusasira indava abasuma” no kunanirwa gushira mu ngiro ivyo yemereye abanyagihugu.

Iyi ndirimbo kandi inegura amasezerano reta y’iki gihugu iherutse kugiriranira n’ikompanyi imwe yo muri Emira Zunze Ubumwe z’Abararu ( Emirats Arabes Unis/ United Arab Emirates) yo gusubiramwo no gukoresha ikivuko ca Tanzania.

Uno mushingwamanza yabwiye BBC ko igisata kijejwe kugenzura utugenegene Basata, hamwe n’igipolisi bagiriza uyu munyamuziki ivyaha vyo kugumura.

"Basata yaritwaye ivuga ko ino ndirimbo irimwo amajambo y’agasomborotso, ariko si ivyo gusa, barabujije ino ndirimbo mu gihugu cose mbere banamubuzia gusubira kuririmba muri Tanzania”, niko Kambole avuga.

Uno munyamategeko avuga ko yasiguriye neza igipolisi igituma ino ndirimbo “itagumura abanyagihugu” akavuga ko ivuga ibijanye n’igiturire, ugukoresha nabi ubutegetsi. Ibijanye n’ikivuko hamwe n’ibindi bibazo.

Ati: “Ino ndirimbo ntabwo igumura abanyagihugu, ni iyo kwerekana utunenge turi mu ntwaro intumbero ikaba ari iyo gukosora abanyagihugu”.

Si bwo bwa mbere uno muririmvyi agiriranira ibibazo n’ubutegetsi – akaba amaze guhagarikwa incuro zitari nke hanyuma akarekurwa kubera imiziki yiwe yo kunegura ku bibazo bitandukanye vy’igihugu.