Ubushinwa bwuguruye imbibe, bwugara amakonte y’imbuga hwaniro anegura ingingo za Covid

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ubushinwa bwapfunze amakonte arenga 1000 yo ku mbuga hwaniro - amwe afise abayakurikirana barenga umuriyoni – y’abantu banegura ingingo za reta zijanye n’ikiza ca Covid.
Urubuga hwaniro Weibo ruvuga ko rwahagaritse vy’agateganyo canke burundu amakonte kubera ico rufata ko ari ukwifatira mu gahanga abahinga ba Covid mu Bushinwa.
Weibo ntidoma urutoke ku butumwa bwakwiragijwe bugatuma ifata iyi ngingo.
Ubushinwa bwarakuyeho poritike ruhasha yabwo ya zero-Covid muri Kigarama (12) bica bituma ibitigiri vy’abandura iki kiza n’abo gihitana vyiyongera.
Gushika mu misi iheze, abanegura ingingo zijanye na Covid bibanda cane ku ngingo ruhasha zari zafashwe, harimwo izo kwiyugarana zasaba ko abantu baguma mu rugo bitaramuye mu kiringo c’amayinga atari make.
Ariko ubutumwa buheruka muri ino misi bwifatira mu gahanga abahinga bahagarariye iyi ngingo yo gukuraho aya mabwirizwa, n’aho mu ndwi nkeya ziheze bwari ubutumwa bubashigikira.
Weibo ivuga ko yatoye ubutumwa hafi 13.000 bwahonyanze amategeko yayo, harimwo kwifatira mu gahanga aba bahinga, abahinga mu vy’indero hamwe n’abakozi bo mu gisata c’ubuvuzi. Amakonte 1120 yahagaritswe vy’agateganyo canke burundu.
Mw’itangazo yasohoye, Weibo ivuga iti: "Ntivyemewe gutuka abantu bafise ivyiyumviro bitandukanye, canke gukwiragiza amajambo yo kwifatira mu gahanga abantu, be n’ivyiyumviro bikokeza indyane.
“Ingendo yose yononera umuryango [wa Weibo] izotegerezwa gufatirwa ingingo ruhasha".
Kuva Ubushinwa butezuye ingingo zimwe zimwe nkuru nkuru za zero-Covid kubera imyiyerekano yo kwiyamiriza amabwirizwa ya Covid, hari amakuru avuga ko ibitaro vyarengewe, co kimwe n’amafuru yo gutuririramwo ibiziga (crematoriums).
Ariko Ubushinwa bwarahagaritse gutangaza umusi ku musi ibiharuro vy’abanduye n’abapfuye, bukaba buherutse gutangaza abantu 22 gusa bapfuye kuva mu kw’icumi na kabiri.
Ejo ku wa gatandatu, Ubushinwa bwahimbaje umusi wa mbere w’imisi 40 y’Umwaka Mushasha (Lunar New Year/ Lunar New Year), ikiringo kizwi ko ari co ca mbere kw’isi abantu benshi bafatamwo ingendo.
Ubushikiranganji bwo kwunguruza abantu n’ibintu buvuga ko bwiteze ko abarenga imiriyaridi zibiri bagiye gufata ingendo mu misi 40 iri imbere, bakaba bazokwiyongera ku rugero rwa 99.5% ugereranije n’umwaka uheze, hamwe no kuri 70% y’abafashe ingendo mu 2019.
Ibi vyatumye haba amakenga ko uwu musi mukuru ushobora gutuma haba ikindi gihuhusi c’abandura umugera, cane cane mu mitumba ya ruguru hatari ibikoresho bikwiye vyo guhangana n’iki kiza.
Kuva kuri uno wa Mungu, Ubushinwa bwuguriye imbibe zose ku ngenzi mvamahanga, u bwa mbere mu myaka hafi itatu.
Abinjira mu gihugu ntibagitegerezwa kwitaramura - impinduka ikomeye muri ico gihugu kigihanganye n'ibitigiri vyiyongera vy'abandura. Bazokenera gusa kwerekana icemeza ko bapimwe bagasanga ntibanduye mu masaha 48 imbere y'urugendo.
Iyi ngingo yakiriwe n'isinzi ry'abantu bagiye gusubira kubonana n'imiryango yabo.










