Manchester United yagenye umumenyereza mushasha Ruben Amorim

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Bobbie Jackson
- Igikorwa, BBC Sport Journalist
Uwo munye Portugal w’imyaka 39, agiye kuja muri Manchester Utd avuye mu Sporting Lisbon azosezera itariki 11 z’ukwezi kwa Munyonyo. Yashize umukono ku masezerano yo gushika mu kwezi kwa Ruheshi mu 2027.
Uwahoze ari umukinyi w’imbere wa United Ruud van Nistelrooy, yari yabaye aramenyereza uwo mugwi vy’imfatakibanza inyuma y’aho Erik Ten Hag yirukaniwe ku musi wa mbere, azoguma muri ico kibanza mu nkino zitatu ziri imbere.
Amorim abaye umumenyereza agira gatandatu wa United kuva Sir Alex Ferguson avuye muri ico kibanza akaja mu karuhuko k'iza bukuru mu 2013, aho yari akimazemwo imyaka 26.
Mw’itangazo, uwo mugwi wavuze ko “Ruben ni umwe mu bamenyereza bakomeye mu mupira w’amaguru ku mugabane wa Buraya”.
Mw'itangazo, Sporting yemeje ko United yemeye kuriha amafaranga y'abanyaburaya (euro) imiriyoni 11 kugira uwo mugwi wemere kumurekura.
Urukino rwa mbere rwa Amorim ruzoba itariki 24 z'ukwezi kwa Munyonyo (11) aho Manchester United izoba ihura n'umugwi wa Ipswich mu nkino za Premier League.
Urukino rwiwe rwa mbere ruzobera ku kibuga c'uwo mugwi ni urwa Europa League, kw'itariki 28 Munyonyo, aho Manchester United izoba itana mu mitwe n'umugwi Bodo/Glimt wo muri Norvège, hanyuma mu ndwi ikurikira bazoce bahura na Everton.
United izomenyesha abazokorana na Amorim ku rindi sango.
Inyuma yo gutsindwa na mukeba wabo Porto mu nkino za super coupe itariki 3 z'ukwezi kwa Myandagaro(8), Amorim yarashoboye gufasha umugwi wiwe gutahukana intsinzi ya 'Primeira Liga' mu mwaka uheze inyuma yo gukina inkino 14 adatsinzwe na rimwe.
Vyitezwe ko ku musi wa gatanu, Amorim azoba ariko arafasha umugwi wiwe wa Sporting igihe uzoba uriko urakina na Estrela mw'igihaganwa rya Portugal.
Sporting kandi izokwakira ku musi wa kabiri Manchester United mu nkino z'imigwi yabaye iya mbere iwabo. Urukino rwa nyuma rwa Amorim muri uwo mugwi rutegekanijwe 10 Munyonyo aho bazohura na Braga, imbere y'uko haba akaruhuko ku migwi yo mu cicaro ca mbere i Buraya kugira abakinyi baje mu mahiganwa nserukirabihugu.










