Ayavugwa mu mupira w’amaguru kuri uyu wa kane: Sancho, Ten Hag, Osimhen, Dimarco, Hernandez, Dier, Toney, Cancelo

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umumenyereza wa Brighton Roberto de Zerbi be n’uwa Bayer Leverkusen Xabi Alonso bariko barahiganira ikibanza co gusubirira Carlo Ancelotti mu gihe yoramuka avuye muri Real Madrid igihe amasezerano afitaniye n’uno murwi azoba arangiye mu mpera z’uno mwaka w’inkino. (Cadena Ser – mu ki-espagnol)
Amakuru ava hagati muri Manchester United avuga ko imigenderanire hagati y’umumenyereza Erik ten Hag n’umukinyi wayo wo ku ruhande Umwongereza Jadon Sancho w’imyaka 23 imeze nabi cane ku buryo idashobora gusubira ku murongo. (i)
Imirwi yo muri Arabia Sawudite yiteze gufata iya mbere mu kurwanira umusatirizi wa Nigeria Victor Osimhen w’imyaka 24, imbere y’imirwi Real Madrid hamwe na Chelsea, mu gihe yoramuka avuye muri Naples/ Napoli mu kwa mbere. (Mail)
Manchester United iriko itegura kwugurura ibiganiro ku bijanye n’amasezerano mashasha n’umukinyi wo hagati wa Tunisia Hannibal Mejbri w’imyaka 20 asanzwe ariko arakurikiranirwa hagufi na FC Sevilla.(Fabrizio Romano)
Manchester United iriko itegura ibiganiro n’umumenyereza wayo Erik ten Hag ku bijanye n’amasezerano mashasha. (90 Min)
Chelsea iri kw’isoko irondera umukinyi mushasha w’inyuma ku ruhande rw’i bubamfu, Umutaliyano Federico Dimarco w’imyaka 25 akinira Inter Milan be n’Umufaransa Theo Hernandez w’imyaka 25 akinira AC Milan bakaba bari ku rutonde rwayo. (Calciomercato – mu gitaliyano)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukuru w’igisata kijejwe kugorora imitsi muri Arsenal Edu yagiriraniye ibiganiro n’umuserukizi w’umusatirizi wa Aston Villa, Umwongereza Ollie Watkins w’imyaka 27 kugira ngo arabe ko yomuronka, mu gihe Chelsea nayo nyene imuraba ryiza. (Football Transfers)
Aston Villa iracari mu biganiro na Watkins mu ntumbero yo kurondera ko yomwongerereza amasezerano, ikaba ishaka ko amasezerano mashasha yoba yashitsweko gushika mu kwa mbere. (90 Min)
Arsenal na Chelsea zirashaka gutanga amahera zigashirako n’abakinyi mu rugamba rwo kurondera umusatirizi w’Umwongereza Ivan Toney w’imyaka 27 asanzwe akinira Brentford, iyi nayo ikaba imuronderako imiriyoni zirenga 75 z’amapawundi (imiriyoni 91$). (90 Min)
Newcastle United iriteguriye gutangura ibiganiro n’umukinyi wo hagati wa Brezili Joelinton w’imyaka 27, hamwe n’umukinyi wo hagati w’Umwongereza Sean Longstaff w’imyaka 25 mu ntumbero yo kwongereza amasezerano ifitaniye nabo yiteze kurangira mu kwa gatandatu 2025. (Football Insider)
Barcelona iriko irihweza ingene yorondera umukinyi wo hagati wa Nigeria Wilfred Ndidi w’imyaka 26, mu gihe amasezerano afitaniye na Leicester City azoba arangiye mu mpera z’uno mwaka w’inkino. (Sport – mu ki-espagnol)
Barcelona yemeye ku munwa guha Manchester City imiriyoni 35 z’ama-euro kugira ngo igumye burundu umukinyi w’inyuma wa Portugal Joao Cancelo w’imyaka 29 asanzwe ayikinira ku ntizo. (El Chiringuito TV – mu ki-espagnol)

Sheffield United imaze kuvugana n’uwahoze ari umumenyereza wayo Chris Wilder kugira ngo irabe ko yosubirira Paul Heckingbottom. (Football Insider)
Roma iriko iraraba ko mu kwa mbere yozorondera Umwongereza Eric Dier w’imyaka 29 akinira Tottenham. (Calciomercato – mu gitaliyano)
Everton ishobora kwinjira mu bibazo vy’amafaranga mu gihe umutahe ugomba gushirwamwo n’ikompanyi 777 Partners yo muri Amerika utokwemerwa. (Guardian)
777 Partners irizeye gutsinda ikibazo co kwegurirwa no kurongora umurwi muri Premier League (ihiganwa ry’Ubwongereza), mbere ikaba yatanguye ibiganiro n’amashirahamwe y’abafana ba Everton kugira ngo irabe ko yobakuramwo amakenga bayifiseko ku bijanye n’ubushobozi bwayo. (i)
Saudi Arabia iriko irihweza ingene yogura abahagarikizi bo muri Premier League n’i Bulaya hose kugira ibagumye burundu. (Times)










