Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Protais Zigiranyirazo, umunya Rwanda yigeze kuburana akezwa ku caha ca genocide, yaguye muri Niger
Protais Zigiranyirazo, umwe mu banya Rwanda bigeze kuja imbere ya sentare mpanavyaha mpuzamakungu yari yashiriweho Urwanda yakorera Arusha, ngo ikurikirane imanza z'abagirizwa uruhara muri jenoside yabaye mu Rwanda mu 1994, mu nyuma akagirwa umwere, aherutse gutabaruka ku myaka 87.
Protais Zigiranyirazo, yari asanzwe aba Niamey muri Niger kuva muri 2022, aho yari yarajanywe n'ishirahamwe mpuzamakungu ONU nk'umwe mu bambitswe izera bari kumwe n'abarangije ibihano.
Umuryango wiwe umenyesha ko yashengeye ahitanywe n'uburwayi 'bwo mu zabukuru', yari amaze igihe asanganywe.
Umuhungu wiwe Antoine Mukiza Zigiranyirazo, yabwiye BBC ko n'ubwo ari akababaro ko yagiye, umuryango wiwe wanezerejwe no kubona yagiye yaramaze kwambikwa izera, gutyo akaba ata mwenda ajanye kuri sosiyete.
Mukiza avuga ko se wiwe yatashe ari kumwe n'umupfasoni wiwe yari yagiye kumusuhuza.
'Banka kumwakira ari muzima, yamara kwitaba Imana bakemera umurambo' - Sagahutu
Protais Zigiranyirazo abaye umunya Rwanda wa gatatu aguye muri Niger mu bagera ku munani bari baragezeyo bavuye Arusha.
Abandi bari bamaze gushengera ni Lt Col Tharcisse Muvunyi, yabaye umukuru w'icahoze ari ishuri ry'abasirikare bo mu ciciro co hasi ry'ahahoze hazwi nko mu muji wa Butare, ryitwa ESO (École des Sous-Officiers), hamwe Lt Colonel Anatole Nsengiyumva yari umukuru w'ingabo mu cahoze ari Perefegitura ya Gisenyi.
Muri kino gihe abasigaye muri Niger ni:
- Prosper Mugiraneza, yabaye umushikiranganji w'abakozi ba leta, yahamijwe ivyaha vya jenoside na sentare ya Arusha, ariko aza kwambikwa izera mu rwego rusubiramwo (mu bujurire) mu mwaka wa 2013,
- Alphonse Nteziryayo, yahoze ari Perefe w'ahahoze ari Butare;
- Francois Xavier Nzuwonemeye, yari umukuru w'umutwe w'ingabo zigenda imbere y'izindi zikora ubutasi (bataillon de reconnaissance), akaba aturuka mu cari Kigali Ngari;
- Capt Innocent Sagahutu, yari icegera c'umukuru w'umutwe w'ingabo zigenda imbere y'izindi zikora ubutasi (bataillon de reconnaissance);
- na André Ntagerura, yabaye umushikiranji wo gutwara abantu n'ibintu n'itumatumanako muri leta yiswe iy'abatabazi mu 1994. Yarezwe ivyaha vya jenoside mu rubanza rwitiriwe Cyangugu, ariko mu mwaka wa 2004 sentare yemeza ko ari umwere
Capt Innocent Sagahutu yabwiye BBC ko na André Ntagerura amaze umwaka urenga akitswe n'amagara, ngo akababazwa n'uko we umuryango wiwe udashobora kumusanga muri Niger kumusuhuza, biturutse ku migenderanire iri hagati y'ico gihugu n'Ubufaransa bwahaye indaro umuryango wiwe muri kino gihe.
Ku bwiwe, avuga ko hari hakwiye kuba ingingo zifatiye 'ku mutima wa kimuntu' kugirango abiwe bashobore kumugarukirako, kuko ngo 'amerewe nabi cane'.
Yongerako ko ikibazo co gukikwa n'amagara kitaborohera kuko bisanga barinda kwikora ku buryo bagenewe bwo gufungura, kugirango babone kwivuza, na burya ishirahamwe ritabara imbabare CICR ryahora ribafasha ryavuye muri Niger kuva mu ntango z'umwaka.
Ariko nko kuri Ntagerura amaze umwaka arwaye, Sagahutu yavuze ko ari 'ONU imufasha kwishura' kuko atobasha kubona uburyo bwo kwirihira inyuma y'iki gihe amaze arwaye.
Ku kibazo c'uko biheza bikagenda iyo umwe muri bo ashengeye nk'uko vyaraye bibaye kuri Protais Zigiranyirazo, Innocent Sagahutu aravuga ko ari "ikintu kibabaje kubona umuntu bamwanka ari muzima yamara kwitaba Imana bakamwemera".
Sagahutu, avuga ko uko ariko vyagenze kuri bagenzi babo babiri ba mbere, aho ibiziga vyabo vyarungikiwe imiryango yabo mu Bwongereza no mu Bufaransa, ari nako aziga ko bizogenda kuri Zigiranyirazo.
Gutunganya ico gikorwa co gushikiriza imirambo imiryango y'abo bantu, bwana Sagahutu avuga ko igihugu cabakiriye gifasha mu gutunganya ivya ngombwa bijanye n'impapuro, nayo ONU igafasha mu gutanga uburyo.
Ku bijanye n'ubuzima babayemwo, Sagahutu aravuga ko basa n'abapfunzwe ic'amaso kuko bamaze imyaka ine baratswe ivya ngombwa kandi inzu babayemwo icunzwe n'abapolisi, ari nabo babaherekeza hanze iyo bahakeneye.
Protais Zigiranyirazo yaraye ashengeye, yari muramu w'uwahoze ari perezida w'Urwanda Juvénal Habyarimana.
Uyu mugabo, batazira Mr 'Z' mu myaka ya 80 na 90, bivugwa ko yari afise ububasha bwinshi, yamaze igihe kinini ari umuyobozi w'icahoze ari perefegitura ya Ruhengeri mu majaruguru y'igihugu.
Mu mwaka wa 2008 yari yakatiwe igifungo c'imyaka 20 ku vyaha vya jenoside n'iyari sentare mpuzamakungu yashyiriweho Urwanda i Arusha, mu rwego rwayo rusubiramwo imanza mu 2009 yambikwa izera.