Urwanda rwakuyeho igiciro ca viza ku Banyafrika bose bazomarayo iminsi 30

Urwanda rukurikiye Seychelles, Gambia na Bénin, ibihugu vyonyene vya Afrika vyari bisanzwe bidasaba viza mu kwinjira ku Banyafrika bose

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Abanyafrika bagendera u Rwanda bazoja bahabwa visa bashitse kandi ku buntu

Perezida Paul Kagame w’Urwanda yafashe ingingo yo gukuraho igiciro ca visa ku Banyafrika bose binjira mu gihugu.

Yabitangaje ejo ku wa kane mw’ijambo yashikirije inama y’imisi itatu iriko ibera mu Rwanda yerekeye igisata c’ubukerarugendo.

Mw'iri jambo ryiwe, Perezida Kagame agira ati: “Twakuyeho kandi inzitizi za viza ku banyagihugu bo muri buri gihugu ca Afrika hamwe n’ibindi bihugu bitari bike.

“Ntihagire uwuhihendera. Umunyafrika uwo ari we wese ashobora kwinjira mu ndege ija mu Rwanda igihe cose ashatse kandi nta kintu na kimwe azoriha kugira yinjire mu gihugu”.

Avuga kandi ko iyi ngingo ifise intumbero yo kwibanda ku kwungukira kw’isoko rya mukerarugendo muri Afrika rigenda ryiyongera, kubera igice c’uno mugabane kigizwe n’abafise amikoro yo hagati na hagati kigenda ciyongera.

Urwanda ruri mw’isekeza ryo gukomeza igisata ca mukerarugendo, mu kugiriranira amasezerano n’imirwi y’umupira w’amaguru nka Arsenal na Bayern Munich mu ntumbero yo kwamamaza igihugu nk’ahantu nyabagendwa kuri ba mukerarugendo.

Muri ino ndwi, Perezida William Ruto wa Kenya yatangaje ko igihugu kizokuraho ibijanye na viza bisabwa mu kwinjira mu gihugu ku ngenzi z’Abanyafrika zose mu 2024.

Ibihugu bitari bike vya Afrika na vyo nyene vyagiranye amasezerano yo gukuraho ikiguzi ca viza, ibiheruka bikaba ari Ghana na Afrika y’Epfo, Uganda na Repubulika ya Demokarasi ya Congo.