Ukraine - Russia: Vyabaye ngombwa ko Kyiv igabanya ibikorwa vya gisirikare kubera imfashanyo zagabanutse

- Umwanditsi, Abdujalil Abdurasulov na Daniel Thomas
- Igikorwa, BBC News
Ukraine igabisha ko yamaze guhatirwa kugabanya bimwe bimwe mu bikorwa vya gisirikare kubera igabanuka ry’imfashanyo z’amahanga.
Intwazangabo yo ku rwego rwa jenerali Oleksandr Tarnavskyi avuga ko ingabo zihanganye n’ubukene bw’amasasu ku “rwasiro rwose iyo ruva rukagera”, ibi bikaba ari “ikibazo gikomeye” kuri Ukraine.
Ibi bibaye mu gihe amamiriyaridi y’amadorari ya Amerika n’Ubumwe bw’ibihugu vya Bulaya yazibiwe kubera impari za poritike.
Ukraine ivuga ko yari yizeye gukomeza inganda zayo z’amasasu yifashishije ubufasha bw’ibihugu vy’uburengero.
Ariko igendera cane ku buryo butangwa n’Uburengero, cane cane ku bisasu vya misire biraswa kure hamwe n’ubuhinga bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere, mu rugamba rwayo rwo kurwanya ingabo z’Uburusiya zigaruriye ubutaka bwayo.
Jenerali Tarnavskyi yabwiye itororokanirizo ry’amakuru Reuters ko igihugu ciwe gikenye ibisasu vya muzinga, cane cane ibikoreshwa n’ibirwanisho vyo ku ntwaro y’Abasoviyeti.
Avuga ati: "Ivyo dufise ubu ntibikwiye uravye ivyo dukeneye. Rero turiko turabisaranganya. Turiko turasubiramwo ibikorwa vyacu twari twihaye kandi tugabanya urugero rwavyo”.
Avuga ko igabanuka ry’imfashanyo y’amakungu rimaze kugira ingaruka ku rubuga rw’intambara, rinatuma imikenyuro ihinduka.
Ati: "Mu turere tumwe tumwe, twahisemwo kwivuna, mu tundi tumwe tumwe na two tubandanya ibitero.
"Kandi turiko turategura ingabo zacu z’integabizoza ku bikorwa bikomeye biri imbere. Intego yabo iracari irya nyene. Kimwe gusa ni uko ibikorwa vyazo bihinduka, n’imikenyuro igahinduka”.
Avuze aya majambo yiwe inyuma y’aho habereye inzitizi muri Amerika no mu Bumwe bwa Bulaya. Mu nama nshingamateka ya Amerika, Abarepubulika babanje kuzibira imfashanyo ya gisirikare ifise agaciro k’imiriyaridi 60 z’amadorari y’Abanyamerika yari igenewe Ukraine mu ntango z’uku kwezi.
Ibi vyakurikiwe n’ingingo ya Hongrie/Hungary yo kuzibira amasezerano y’imfashanyo y’amafaranga y’imiriyaridi 50 z’ama-euro y’Ubumwe bwa Bulaya mu ndwi iheze. Hagati aho, Ubumwe bwa Bulaya buvuga ko Ukraine idashobora kubura imfashanyo.
Ukraine yari isanzwe iri mu kibazo c’igabanuka ry’amasasu mu gihe ibihugu vy’uburengero bitarashobora kwiyemeza kubandanya bitanga uburyo.
Ubumwe bwa Bulaya bwaremeye kurungika umuriyoni w’ibisasu vya muzinga gushika mu kwa gatatu 2024, ariko gushika ubu ibimaze kurungikwa canke biri mu nzira ni 480.00 gusa.
Hagati aho, Amerika yarungikiye Ukraine ibisasu vya 155mm birenga imiriyoni zibiri vyo gukoresha mu bikoho vya muzinga vyahinguriwe mu burengero. Ariko ububiko bwayo (Amerika) bwaragabanutse, ivyatumye mu ci riheze ifata ingingo yo kurungika vya bibombe bitekeye utundi tubombe duto duto.
Ukraine isanzwe ikoresha amasasu ku rugero rusumba urwo incuti zayo ziriko mu kuyahingura. Icegeranyo c’ubushikiranganji bwa Estonie kivuga ko Ukraine ikeneye nibura ibisasu 200.000 ku kwezi kugira ngo ibandanye guhangana n’Uburusiya.
Kivuga kiti: "Bigumye kuri uru rugero, ububiko bw’Uburengero n’ubwa Amerika buzosigara bwera mu 2024 bice bisaba kugurira amasasu mu mahanga”.
Mu kiganiro na BBC, icegera c’umushikiranganji wa Ukraine ajejwe kwivuna abansi Ivan Havryliuk avuga ko igihugu kiriko kirongereza za ndege z’ubwiyahuzi zitagira abadereva “kugira ngo zizibire igihengeri gitewe n’ubukene bw’ibisasu vya muzinga”.
Vyongeye, Ukraine iriko irongereza urugero rw’ibisasu rutura ihingura vyo gukoresha mu birwanisho “hafi vyose” vyo ku ntwaro y’Abasoviyeti.
Avuga kandi ko igihugu ciwe cizeye gukomeza igisata co kwivuna abansi mu kwifatanya n’amakompanyi y’Uburengero mu guhingurira hamwe amasasu ku butaka bwa Ukraine.
Jenerali Havryliuk avuga ko aha ari naho hahagaze ibiganiro n’amakompanyi ya Amerika igihe aherekeza Perezida Volodymyr Zelensky mu rugendo rwiwe muri Amerika muri Kigarama (12).
Ukraine yagiriraniye amasezerano atari make n’amakompanyi yo muri Amerika kugira ngo batangure guhingurira hamwe ibirwanisho.
Avuga ko Ukraine idashobora gushikira Uburusiya mu bijanye n’uburyo hamwe n’abantu, kandi ko intego yayo ari ukuja hejuru yabwo mu bijanye n’ubuhinga.

Jenerali Havryliuk avuga ko igihugu ciwe cizeye ko ibihugu vy’incuti bizoshobora kurengera ibibatandukanya muri poritike hanyuma bigaha Ukraine imfashanyo nk’uko vyamye.
Yongerako y’uko ibihugu vy’Ubumwe bwa Bulaya, uretse imfashanyo vyarungitse nk’umuryango, vyarungitse kandi n’izindi biciye mu masezerano hagati ya Ukraine n’ibihugu ku giti cavyo.
Hagati aho, ingene ibintu bimeze ubu vyeretse Uburusiya ko imfashanyo amakungu aha Ukraine iriko iragabanuka – kandi bamwe bakaba bafise ubwoba ko mu gushira ubutunzi bwabwo ku ntambara, Uburusiya bushobora kunesha Uburengero muri ino ntambara yo kuburabuza umwansi gushika aho abona ko atagishoboye kurwana.
Mu ndwi iheze, Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya yashimangiye ko yizeye neza ko intambara izorangira Uburusiya bushitse ku ntego yabwo.
Kalle Kirss, umuhanuzi wa Estonie mu vyo kwivuna abansi mw’ishirahamwe OTAN/NATO, yabwiye BBC ko ari ngombwa ko Ubulaya butanga imfashanyo yo gushigikira Ukraine.
"Dukeneye kwereka neza Uburusiya ko twiteguriye intambara ndende kandi ko tuzokomeza inganda zacu, mbere ko tuzoshiramwo uburyo bwacu”.










