Ni nde ashobora kuba umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza akurikira?

Ahavuye isanamu, Reuters
Umushikiranganji wa mbere Boris Johnson yamenyesheje ko azotanga imihoho, bisigura ko ubu hagiye kuba amatora yo kurondera uwugiye kuba umukuru w’umugambwe w’aba Conservative n’umushikiranganji wa mbere.
Uwuzotorwa azotegerezwa gushigikirwa n’abashingamateka b’aba-Tory, abakandida babiri ba nyuma bagaca baja mw’ihiganwa mu matora yitabwa n’abanywanyi b’umugambwe w’aba Conservative. Ariko abashobora kuba aba candida ni bande?
Abamaze kumenyesha ko bazoja mw'ihiganwa

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ingene Tom Tugendhat ateye n’igihushane ca Boris Johnson – umuntu agenza make kandi ashira imbere ibishoboka aho kuryosharyosha abanyagihugu, umugabo atakimucika yari ashigikiye kuguma mw’ishirahamwe rya Buraya mu matotora kamarampaka yo mu 2016.
Kubera ivyo, Tugendhat, yatowe nk’umushingamateka wa Tonbridge mu 2015, amaze imyaka myishi avugwa nk’uwushobora kuba indongozi y’umugambwe wa Conservative.
Kuba umukuru w’umugwi w’ijambo rikomeye ujejwe imigenderanire mu nama nshingamateka kuva mu 2020 vyatumye akomera gusumba kuko yakoresheje kahise kiwe k’umusirikare- mu gukurikirana cane ibibazo n’uruhara Ubushinwa buguma burushiriza kugira kw’isi.
Mw’ijambo ry’amarangamutima menshi ku bashingamateka, Tugendhat yagaragaje ishavu, umubabaro n’uburakari bw’abahoze ku rugamba kubera abasizwe muri Afghanistan igihe ingabo za Buraya na Amerika zavayo gihuti huti mu kwezi k’umunani mu mwaka uheze.
Abajijwe mu 2017 niba yifuza kuba umushikiranganji wa mbere, yishuye ati : “Nyene. Naraguze itike none kubera iki ntokwifuza gutsinda tombora (loterie)?“
Umushikirizamanza mukuru Suella Braverman hamwe na Steve Baker yari ajejewe umugambi wo kuva mw'ishirahamwe rya Buraya, nabo bompi bamaze kwerekana ko bashaka ico kibanza.
Abandi babonwa nk'abosubirira Jonshon

Ahavuye isanamu, Reuters
Rishi Sunak
Rishi Sunak yigeze kuba abonwa na bamwe nk’uwusayanganira kuba yoba indongozi y’aba-Conservative.
Ariko muri aya mezi aheze izina ryiwe ryaratosekaye biturutse ku mpari ku bijanye n’amakori y’umugore wiwe , kandi akaba ata minsi iheze atangishijwe ihadabu ryo kurenga ku mategeko ajanye na guma mu rugo.
Yatanguye kuba umushingamateka mu 2015 – w’akarere ka North Yorkshire ya Richmond. Uretse abo mu nama shingamateka i Westminister , nta bandi benshi bamuzi ariko yabaye umushikiranganji ajejwe ikigega mu kwezi kwa Ruhuhuma (2) mu 2020.
Yihuse guhangana n’ikiza ca coronavírus, asohora amafaranga menshi agerageza uko ashoboye kugira ubutunzi bugume bukora mu gihe ca guma mu rugo.
Ico gihe nticamworoheye cane kandi ntiyahavuye amenyekanye neza gusumba.
Kuba yafashe iya mbere mu gutanga imihoho muri reta hamwe na mugenziwe Sajid Javid bishobora kuba vyaciye inzira y’itangwa ry’imihoho ry’abandi benshi ryatumye amaherezo Boris Johnson agenda.

Ahavuye isanamu, Uk Parliament
Liz Truss
Umushikiranganji w’imigenderanire yabaye mu ba mbere mu kuvuga ko ashigikiye Johnson, umushikiranganji ajejwe ikigega n’uwujejwe amagara bamaze gutanga imihoho, afata ikibanza gikomeye mu bayoboka Johnson.
Nk’umugore wa kabiri yari arongoye ubushikiranganji bujejwe imigenderanire, yashimwe ku gikorwa co kurekuza Nazanin Zaghari-Ratcliffe inyuma y’imyaka itandatu hamwe no gushira ibihano ku Burusiya no ku batunzi ruhebwa babwo.
Inyuma yo gutorwa ubwa mbere mu 2010 nk‘umushingamateka wa South West Norfolk , Madame Truss yabaye rurangiranwa mu banywanyi bo mu mugambwe w’aba-Conservative kubera ivyiyumviro vyiwe vyisanzuye ku bibazo vy’ubutunzi n’ubudandaji.
Ariko uburyo bwiwe bwo gukora ntibwamye bukundwa n’abanyagihugu muri rusangi, akaba yaragawe igihe yashikiriza ijambo mw’ikoraniro y’aba-Conservative ryo mu 2015 aho yerekanye ko ashigikiye cane iforomaji zinjira mu Bwongereza ziva hanze.
Ariko ivyo ntivyahagaritse kubandanya atera imbere, kandi kuva ico gihe yagiye mu bibanza bitandukanye muri reta – harimwo kwumvikana ku masezerano Ubwongereza bumaze kuva mw’ishirahamwe rya Buraya igihe yari umushikiranganji ajejwe ubudandaji mpuzamakungu – imbere y’uko ashingwa amabanga arimwo ubu.

Ahavuye isanamu, Reuters
Sajid Javid
Uwo mushingamateka wa Bromsgrove niwe yakubise irya mbere umushikiranganji wa mbere, ashimika ko hakenewe ubuziranenge kandi abwira abashingamateka mw’ijambo ryiwe ryo gutanga imihoho ko yasanze “ingorane zitangurira hejuru”.
Javid yari amaze kurondera kuba indongozi mu 2019, aho yashitse muri bane ba nyuma akavamwo kugira ashigikire Boris Johnson.
Uko kumushigikira kwashimiwe mu kugenwa kuba umushikiranganji ajejwe ikigega ca reta, ariko yaciye atanga imihoho haheze amezi atandatu mu mpari n’abajenama biwe, imbere y’uko agaruka mu buryo butangaje mu bashingamateka b’imbere mu kuba umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu mu 2021.
Umu-Conservative azi cane ibijanye n’amakori, yagumye agabisha ku bijanye n’ingaruka mbi z’iduga ry’ibiciro n’ideni ry’igihugu, Javid yatanguye nk’umuntu abayabaye.
Yavukiye i Rochdale mu 1969 mu runganwe rwa mbere rw’umuryango w’abimukira b’abanya-Pakistan. Javid yagize akazi keza mu buyobozi bw’igisagara (City) imbere y’uko aba umushingamateka w’umu-Tory mu 2010.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Jeremy Hunt
Uwo yahoze ari umushikiranganji ajejwe imigenderanire yagumye afise ijambo rikomeye i Westminster mu bashingamateka badafise ibiti muri reta kuva aje ubugira kabiri inyuma ya Boris Johnson mu matora y’uguhiganirwa uburongozi mu 2019.
Yarakurikiranye cane poritike za reta mu gihe c’ikiza ca Covid nk’umukuru w’umugwi w’inama nshingamateka ujejwe ibibazo vy’amagara y’abantu.
Ariko hamwe yoramuka asubiye kurondera uburungozi, n’uko azoba yizeye ko abanyamugambwe bazomubona ukundi ugereranije nu mu myaka itatu iheze, aho yavuze ko kuba yatoye kuguma mw’ishirahamwe rya Buraya mu matora ya kamarampaka yari intambanyi atashobora gusimba.
Umuhungu w’umu Amiral, Hunt yatungishijwe na Hotcourses – urubuga rwa internet yashinze ruhuza abarondera amashure ya kaminuza bigako n’ibigo bifise ayo mashure.
Umushingamateka wa South West Surrey kuva mu 2005, Hunt yinjiye muri reta mu 2010 nk’umushikiranganji ajejwe imico n’akaranga yongera araba umushikiranganji ajejwe amagara y'abantu.

Ahavuye isanamu, Reuters
Nadhim Zahawi
Umushikiranganji ajejwe ikigega muri iki gihe yashimangiye kuba umwizigirwa igihe yashingwa igisata c’incanco mu gihe c’ikiza , hanyuma aronka icizere cinshi mu gikorwa co gutanga incanco mu Bwongereza.
Yavuze ati “ni ko kazi ka mbere gakomeye nkoze mu buzima” - n’ubwo kabaye intango yo kumuduza akaba umushikiranganji ajejwe amashure.
Kwongerwa guhabwa ikindi giti nk’umushikiranganji ajejwe ikigega aho Rishi Sunak atangiye imihoho ntivyamubujije, ata n’amasaha 24 aheze, kuja mu mugwi w’abashikiranganji babwiye Boris Johnson ko hageze ko agenda.
Zahawi yavukiye muri Iraq mu 1967, hanyuma umuryango wiwe uhunga igihe Saddan Hussein yashika ku butegetsi.
Amaze kurangiza amashuri y’ubu enjeniyeri muri chimie (shimi), yashinze kompanyi igurisha Teletubbies imbere y’uko ashinga ikigo c’ugutora kuri internet YouGov.
Yabaye umushingamateka wa Conservative wa Stratford-Upon-Avon mu 2010.

Ahavuye isanamu, Reuters
Penny Mordaunt
Nk’uwigeze kuba afasha ‘umu-magicien’, Penny Mordaunt azwi nk’umuntu ashika ku bintu mu buryo butangaje,
Mu majambo ya poritike, aja yaramaze kuvana “urukwavu mu nkofero” (kuronka ikintu mu buryo butanganje) mu 2019, igijhe yandika amateka mu kuba umushikiranganji w’Ubwongereza ajejwe kwivuna abansi – ikibanza cari kimukwiye kuko yari amaze kuba umuyobozi mukuru ajejwe ingabo za gisirikare kuri reta ya David Cameron.
Ariko Madame Mordaunt ashobora kuba azwi cane kurusha hanze ya Westminster mu kiganiro c’ivyamamare, Splah!, co kuri ITV co kurondera amafaranga yo gufasha mu bikorwa vy’ubugiraneza.
Umushikirangamateka wa Portsmouth North kuva mu 2010, Madame Mordaunt yahoze ari umukuru w’ishami ry’urwaruka mu mugambwe wa Conservative, yarabaye kandi uwujejwe kumenyesha amakuru wa William Hague igihe ariwe yari arongoye umugambwe.
Imbere yo kuja muri reta, yari ajejwe kumenyesha amakuru mu buyobozi bw’igisagara muri Kessington na Chelsea hamwe na Freight Transport Association, niho yashigikira abanyonga ama kamyo mu Bwongereza igihe Ubufaransa bwari bwafashe ibihano.

Ahavuye isanamu, PA Media
Ben Wallace
Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi akaba yahoze ari umusikirikare, n’umuntu ataboneka cane yatanguye kumenyekana kuva Uburusiya buteye Ukraine, igihe Ubwongereza bwatangaza hakiri kare ingingo yo gushigikira Kyiv mu kuyiha ibigwnanisho n’inyigisho.
N’ubwo yari ateye kubiri na Brexit, Wallace niwe yari ajejwe ibikorwa vyo kwiyamamaza vya Boris Johnson ataco vyashitseko mu 2017, imbere y’uko ashimirwa mu guhabwa ikibanza c’umushikiranganji mu 2019.
Yarakoze mu Budagi, Chipre, Belize na Irlande ya Ruguru aho yatekuruje umugambi wa IRA wo kugaba igitero c’amabombe ku ngabo z’Ubwongereza.
Yabaye kandi umwe mu basikare bakomeye bari mu gikorwa co kurondera ikiziga c’Umuganwakazi Diana i Paris.
Abamaze kumenyesha ko batazoja mw'ihiganwa

Ahavuye isanamu, PA Media
Michael Gov yari mu babonwa nk'abashobora gusubirira Boris Johnon ariko yamaze kumenyesha ko atazoja mw'ihiganwa.
Uwo mushikiranganji ajejwe kugabanya ubusumbane yari amaze kwitoza kabiri nk’indongozi y’aba-Tory n’umushikiranganji wa mbere. Mu 2019 yabaye uwa gatatu kuri Boris Johnson na Jeremy Hunt.
Abandi bamaze kumenyesha ko batazohiganwa ni icegera c'umushikiranganji wa mbere Dominic Raab n'uwahoze ari umushikiranganji w'amagara y'abantu Matt Hancock.










