Umwambaro wa Pele ugiye kugurishwa gushika kuri £30.000

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umwambaro wari wakorewe ca gihangange mu mupira w’amaguru Pele aherutse gushengera imbere y’urukino rwiwe rwa nyuma mpuzamakungu witezwe kugurishwa icamunara gushika ku mapawundi 30.000, ni ukuvuga imiriyoni zirenga 77 mu mafaranga y'amarundi.
Ni umwe mu myambaro ibiri ifise inomero 10 yari yakorewe kugira ngo yambare mu rukino rwa Brezili mu 1971 rwayihuza na Yugoslavia, nk’uko bivugwa n’ikigo c'igurishirizo, Hansons Auctioneers.
Pele ntiyawambaye muri urwo rukino, ahubwo yawuhaye uwari ajejwe gukorera massage umurwi nserukiragihugu.
Uwo mwambaro mu nyuma wahavuye ugurwa n’umukuru w’inzu y’uburiro y’ahitwa Shropshire mu Bwongereza avuga ko yari yizeye y’uko amaherezo wari gushingurwa mu nzu ndangamurabe w’umupira w’amaguru.
Uyu muntu ariko agurisha uwu mwambaro, akaba afise imyaka 33 ariko akaba adashaka ko umwidondoro wiwe umenyekana, avuga ko yawuguriye umuntu akora akazi ko kwegeranya ibintu vy’agaciro mu 2020.
Ati: "Ni ikintu kiryoshe cane kubona narashoboye kuba umushinguzi w’iki cibutso c’umupira w’amaguru. Ubu numva ko ikenewe guhabwa agaciro gakomeye, kumbure ni yashika mu gihugu iwayo muri Brezili”.
Pele yapfuye muri Kigarama (12), 2022. Ni we mukinyi wenyene gushika ubu amaze gutsindira igikombe c’isi yose incuro zitatu, akaba yagenywe nk’umukinyi mwiza wa FIFA w’ikinjana mu 2000.

Ahavuye isanamu, Hansons Auctioneers
Uyu mwambaro ufise amaboko maremare wari wakoranywe n’uwundi ufise amaboko magufi, uyu ukaba ari wo wahavuye wambarwa muri urwo rukino, nk’uko bivugwa na Hansons.
Iki kigo congerako y’uko inyuma y’uru rukuno, Pele yahaye uyu mupira atambaye uwabakorera massage, Abilio Jose de Silva, yari afise iritazirano rya Nocaute Jack, yakoranye n’umurwi nserukiragihugu kuva mu mpera za 1960 gushika mu 1994, umwaka Brezili itsindira igikombe c’isi yose.
Uyu mwambaro uzogurishwa mu nzu y’igurishirizo rya Derbyshire ku wa 15 Ruhuhuma (2) uri kumwe n’ikete riwemeza ryanditswe n’umukobwa w’uyu yakora massage.
Pele azwi ko yinjije ibitsindo bitarigera bitsindwa n’uwundi mukinyi n’umwe bingana na 1281 mu nkino 1363 yakinye mu myaka 21 yamaze akina, harimwo ibitsindo 77 mu nkino 92 yakiniye igihugu ciwe.












