Jenerali Pacifique Masunzu ari mu ntwazangabo nyinshi za RD Congo 'zipfunzwe'

Liyetena Jenerali Pacifique Masunzu yari yagenywe mu mwaka uheze nk'umukuru w'akarere ka gatatu ka gisirikare karimwo n'intara za Kivu ya Ruguru, Kivu y'Epfo na Ituri zisanzwe zirangwamwo intureka ari mu ntwazangabo nyinshi z'igisirikare ca Repubulika ya Demokarasi ya Congo bahagaritswe, nk'uko umuvugizi w'igisirikare avyemeza.

Mu kiganiro yaraye ahaye abanyamakuru ku biro bikuru vy'igisirikare ku mugwa mukuru Kinshasa, Jenerali-Majoro Sylvain Ekenge, ari kumwe n'umukuru w'umurwi w'igihugu ujejwe agateka ka zina muntu (CNIDH), yaremeje ko "intwazangabo nyinshi" zo ku rwego rwo hejuru zipfunzwe.

Ni inyuma y'uko ibinyamakuru bimwe bimwe n'amashirahamwe amwe amwe berekanye amakenga yabo kw'ihagarikwa ry'agasakisaki ry'intwazangabo z'ico gisirikare, aho hari abari bafise ubwoba ko boba baranishwe.

Muri ico kiganiro, Jenerali Ekenge nta nsiguro atanga kw'ihararikwa ry'izi ntwazangabo nyinshi, nta mazina yabo canke ya bamwe muri bo atanga, kandi ntanavuga n'igitigiri cabo.

Ekenge yemereye BBC Gahuzamiryango ko Liyetena Jenerali Masunzu ari muri izi ntwazangabo zo ku rwego rwo hejuru zifunzwe, ariko akaba atayibwiye imvo yatumye ahagarikwa.

Yabwiye BBC Gahuzamiryango ati: "Ndavyemeje, Jenerali Masunzu arimwo, ariko ku mvo z'amatohoza kandi kugira ngo simpave mena ibanga, itegeko riratubuza kwinjira mu mizi.

"Nico gituma tutavuze amazina y'abantu bari muri iyi dosiye".

Yemeje kandi ko yabaye arasubirizwa vy'imfatakibanza, Jenerali Majoro Nyembo Abdallah.

Jenerali Ekenge, yabwiye abanyamakuru ko izi ntwazangabo zo hejuru n'izo ku rwego rwa jenerali zahagaritswe "ku vyaha bikomeye cane bijanye n'umutekano w'igihugu".

Muri ico kiganiro n'abamenyeshamakuru yagize ati: "Ng'ibi ivyo abanyagihugu muri rusangi bategerezwa kumenya muri uno mwanya. Ni vyo, intwazangabo za FARDC nyinshi zo hejuru n'izo ku rwego rw'abajenerali zarahagaritswe, turavyemeje.

"Ariko bakurikiranwa ku bikorwa bibi bikomeye cane bifitaniye isano n'umutekano w'igihugu".

Kuva mu mpera z'ukwezi kw'icumi BBC yumvise amakuru y'ipfungwa rya Jenerali Masunzu, Umunyamulenge wo mu Buseruko bwa Congo, ariko igisirikare n'umuryango wiwe ntibashoboye kwemeza aya makuru ico gihe.

Masunzu ni umwe mu basirikare bakomeye bo mu Banyamulenge kandi bari bafise amabanga akomeye mu gisirikare ca RD Congo.

Jenerali Ekenge yabanje kumenyesha abanyamakuru bari bahari ko muri ico kiganiro ata bibazo bari bemerewe kubaza "kubera ari ikibazo kikiri mu matohoza".

"Ariko rero, kubera aya madosiye akiri ku rwego rw'amatohoza, kandi kugira ngo ntiduhave tumena amabanga y'amatohoza, ubutumwa bwacu ntibwakira ibibazo nk'uko vyari bimenyerewe".

Yaremeje ko abasirikare bapfunzwe ikiringo bategerezwa kumara mu gasho kigenda congerezwa "ku mvo z'amatohoza yimbitse, kuko, kubera ko iyi dosiye irimwo abantu benshi, ni dosiye ikeneye umwanya ukwiye".

'Bapfungiye mu nzu yateguriwe ico'

Nubwo Jenerali Ekenge adatanga ido n'ido ry'igituma izi ntwazangabo zarahagaritswe, yabwiye abanyamakuru ko zahagaritswe "n'ikigo kijejwe kurwanya ubukozi bw'ikibi bukorerwa ku mashini nyabwoko [cyberdéfense]" , ko rero ziri "imbere y'ubutungane bwa gisirikare kugira ngo bukore amatohoza yimbitse hanyuma ibikurikira bibandanye".

Hari hashize imisi imiryango y'aba basirikare bakuru yerekana impungenge ku bayo, yibaza ko boba barishwe canke baranyurujwe.

Ekenge avuga ko bapfungiwe ahantu hateguriwe ico gikorwa kandi ko bafashwe neza.

Ati: "Ku bavuga aya muhe ku bijanye n'aho bafungiwe, igisirikare ca RDC kimenyesheje ko bapfungiwe mu nzu yateguwe, kandi mu mibereho ibereye. Baracunzwe. Ifatwa ryabo hamwe n'ugufungwa kwabo ntibiteye kubiri n'amategeko canke n'uburenganzira".

Umukuru w'umurwi w'igihugu ujejwe agateka ka zina muntu muri DR Congo, Paul Nsapu, yabwiye abanyamakuru ko yashoboye kugendera izi ntwazangabo zose akazibonera, kandi ko zimeze neza.

Paul Nsapu asigura ati: "Twaragendeye izo ntwazangabo, zose, kuko twaronse abatwitura bavuga ngo baranyurujwe, ko bamaze kwicwa, ko batakiriho, ariko rero bose, mvuze nti bose, ni bazima kandi bafise amagara meza, mu mibereho itandukanye cane n'iy'ahandi hapfungirwa abantu".

Uno muco kw'ihagarikwa ry'izi ntwazangabo utanzwe mu gihe icuka kitari ciza, aho hari hari abagirizwa ko bariko bategura imigambi mibisha, abandi bakagirizwa ivyo kunyuruza umutungo w'igisirikare.

Mu minsi iheze, ibinyamakuru mu karere vyatangaje ko mu basirikare benshi bivugwa ko bafunzwe harimwo Jenerali Tshiwewe Songesha Christian yahoze ari umukuru w'ingabo za RDC hamwe na Jenerali Franck Ntumba yahoze ari umukuru w'ubutasi bwa gisirikare. Ekenge ntavuga nimba aya mazina yompi ko ari mu bafunzwe.

BBC Gahuzamiryango imubajije nimba izi ntwazangabo nazo zoba ziri mu zipfunzwe, yishuye ko tuzoronka insiguro zikwiye igihe kigeze.