Uwahoze akinira Arsenal, Thomas Partey yarezwe ivyaha vyo gufata ku nguvu

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Hannah Price
- Igikorwa, BBC News
- Umwanditsi, André Rhoden-Paul
- Igikorwa, BBC News
Uwahoze ari umukinyi w'umupira w'amaguru wa Arsenal, Thomas Partey, aregwa ivyaha bitanu vyo gufata ku nguvu ndetse n'icaha co gusambanya ku gahato.
Igipolisi cavuze ko ivyo vyaha bivugwa vyabaye hagati ya 2021-2022.
Ivyaha aregwa birimwo abagore batatu, bibiri muri vyo bikaba biraba umugore yafashwe ku nguvu, ibindi bitatu vyerekeye umugore agira kabiri na vyo nyene ni ivyo gufata ku nguvu, hamwe rero n'umugore wa gatatu arabwa n'icaha co guhohoterwa bishingiye ku gitsina.
Uwumwunganira mu mategeko yavuze ko uyu mukinyi mpuzamakungu wo muri Ghana ahakana ivyo aregwa kandi ko "anezerewe no kuba aronse amahirwe yo kweza izina ryiwe."
Amasezerano hagati ya Arsenal n'uyu mukinyi w'imyaka 32 yarangiye ku wa mbere inyuma yo gukinira iyu mugwi kuva 2020.
BBC yavuganye na Arsenal, ishirahamwe ry'umupira w'amaguru na Premier League kugirango bagire ico babivugako.
Ivyo birego bikurikira amatohoza yakozwe n'abahinga (detectives) kuva mu 2022, inyuma y'aho abapolisi bakiririye ubwa mbere icegeranyo ku caha co gufata ku nguvu.
Det Supt Andy Furphy ayoboye ya matohoza, yagize ati: "Ico dushize imbere ni ugushigikira abagore bemeye guseruka.
"Turasaba umuntu uwo ari we wese yagize uruhara muri uru rubanza, canke umuntu wese afise amakuru, kuvugana n'umugwi wacu. Urashobora guhamagara abashinzwe iki gikorwa c'aya matohoza ukoresheje ubutumwa bwa email kuri [email protected]."
Bitegekanijwe ko Partey wo muri Hertfordshire azokwitaba sentare y'intango ya Westminster ku wa kabiri itariki zitanu Myandagaro(8).
Mw'ijambo ryiwe, uwumwunganira mu mategeko Jenny Wiltshire yagize ati: "Thomas Partey arahakana ivyo aregwa vyose.
"Yakoranye mu buryo busanzuye na polisi na CPS mu kiringo c'imyaka itatu c'amatohoza yabo.
"Ubu yishimiye amahirwe yo gukura iceyi kw'izina ryiwe.
"Kubera agikurikiranwa n'ubutungane, uwo mburanira ntashobora gutanga insiguro zirambuye."
Partey yinjiye muri Arsenal aguzwe miliyoni 45.3 zama pound avuye muri Atletico Madrid muri Gitugutu(10)mu 2020, yakinye inkino 35 yo mu ciciro ca mbere muri mw'ihiganwa riheryka, atsinda ibitego bine mu mugwi wa Arsenal waronse ikibanza ca kabiri muri Premier League.
Yakinye kandi incuro 12 muri Champions League mu gihe Gunners [Arsenal] yageze mu gice ca kabiri gishira ica nyuma, imbere yo gukurwamwo na Paris St-Germain yatahukanye ico gikombe.
Muri rusangi, yakinye inkino 130 ya Premier League ku ruhande rwa Mikel Arteta, atsinda ibitego icenda.
Partey kandi yakinye inkino zirenga 50 mu mugwi nserukiragihugu wa Ghana, akaba aherutse gukina inkino zo guhiganirwa itike yo kuzokinira igikombe c'isi muri Ntwarante(3).










