Ubwongereza bwemeje integuro ku burenganzira bwo 'kurangiza ubuzima'.

Ahavuye isanamu, Parliament
Inama nshingamateka y'Ubwongereza yemeje itegeko ritanga uburenganzira bwo kurangiza ubuzima ku barwayi bakuze bataziga gukira, kandi bifuza gupfa.
Abashingamateka baryemeje ni 314 nayo abarihakanye ni 291, n'ukuvuga ko abaritoye barushije amajwi 23 abatari barishigikiye,
Inyuma y'impari nyinshi zarimwo n'amarangamutima, abashingamateka bemerewe gutora bashingiye ku vyo bemera aho gushingira ku ho umugambwe baturukamwo uhagaze kuri iyo nteguro.
Umushingamateka Kim Leadbeater yatanze icifuzo c'iyo nteguro, yabwiye BBC ko 'umunezero wamurenze' ati: " Ndazi ico bivuze ku barwayi bageze iyo rwotera izuba"
Umushikiranganji wa mbere Keir Starmer, yatoye yemeza iyo nteguro, nayo umukuru w'umugambwe Conservative Kemi Badenoch arayihakana.
Iyo nteguro y'itegeko riha abantu bakuze kandi batagikira, uburenganzira bwo kurangiza ubuzima, bafashijwe n'abaganga.
Abenshi mu bagendana ubumuga bavuga ko iryo tegeko riramutse ryemejwe vyoba biteye impungenge, kuko rishobora gutanga igihengeri cofasha abashaka kugondoza ba magaramake kwiyahura, bakarangiza ubuzima bwabo hatageze biturutse ko hari abababona nk'umuzigo.

Ahavuye isanamu, Reuters
Ishirahamwe riharanira uburenganzira bw'abagendana ubumuga Disability Rights UK, naryo nyene ryatangaje ko "ryababajwe n'uko iyo nteguro yarenganye ku gihushane c'amajwi gito cane, rivuga ko amahinduka ahambaye gutyo ...atari akwiye kwihutishwa agapfa guhita mu buryo bworohejwe uko."
Ariko rero si abagendana ubumuga bose badashigikiye iyo nteguro, hari bamwe nk'umwanditsi akaba n'umunyamakuru, porofeseri Tom Shakespeare, yavuze mbere ko kuba ubwo burenganzira bwo gusaba gupfa bushingira ku barwaye bageze kure, bisigura ko abagendana ubumuga iryo tegeko ritazoba ribaraba.

Ahavuye isanamu, Reuters
Hagiye gukurikira iki?
Iyo nteguro y'itegeko yatowe uno munsi, izoheza ice irungikwa mu nama nkenguzamateka, yongere ice ku ntambwe zose nk'izo yaciyeko mu nama nshingamateka.
Rizoca risubizwa mu nama nshingamateka, hihwezwa ivyoba vyahindutse muri iyo nteguro.
Aha niho iyo nteguro izoba ibaye itegeko- kiretse ikiringo co kurangiza kuriganirako no kuritora kirangiye ico gukorwa kidashoboye gusozerwa, canke abakenguzamateka ntibaryemeze, bakarizibira.
Abakenguzamateka bazotora nabo nyene badakurikije imigambwe, bisobanura ko barekuriwe gutora bisunze umutima-nama aho gukurikiza ivyo umurongo umugambwe baturukamwo ugenderako.
BBC imaze kumenya ko abashigikiye iyo nteguro bizeye kubona ubwiganze mu nama nkenguzamateka, ariko gushika igikorwa co gutora kibaye, ivyo ntivyokwemezwa, biracakekwa gusa.
Itegeko ritanga uburenganzira bwo 'gufashwa gupfa' riteganya iki?
Itegeko ritanga uburenganzira bwo kurangiza ubuzima ku barwayi bakuze batagikira canke Terminally Ill Adults (End of Life) Bill, riha abantu bakuze ububasha bwo guhitamwo gupfa mu gihe:
- Barenza imyaka 18, baba mu Bwongereza canke Wales (pays de Gales) kandi bakaba bamaze n'imiburiburi umwaka bafise umuganga banditsweko abakurikirana.
- Bafise ivyiyumviro bizima vyo gushobora guhitamwo, kandi bizwi ko bagize amahitamwo mu buryo bwumvikana, bitonze kandi babifitiye amakuru ahagije, ndetse batabitumwe no guhendwa canke gushirwako agahato.
- Bari basanzwe biteze gupfa mu kiringo kitari hejuru y'amezi atandatu.
- Bavyemeje kabiri gatandukanye, bafise ivyabona bagasinya, kuri ico cifuzo co gupfa
- Bafise abaganga babiri batandukanye bavyemeje ko hari ivya ngombwa bigaragaza ko bakwije ibisabwa n'iri tegeko ritanga uburenganzira bwo kurangiza ubuzima- abo baganga bakaba babasuzumye mu bihe bitandukanye kandi hagati yavyo hagaca n'imiburiburi indwi yose.
Igihe umugwayi yabisavye amaze kwemeregwa, araheza agasabwa kurindira indwi zibiri (iminsi 14) imbere yo gupfa.
Umuganga araheza agategura ibikenewe mu kurangiza ubuzima bw'umurwayi, ariko umugwayi ubwiwe niwe aheza akavyiha.
Iyo nteguro y'itegeko ritegenya ko uwufasha umugwayi aba ari umuganga yanditse azwi n'amategeko, kandi yavyigiye, afise n'ubunararibonye buzoshingwa n'umushikiranganji w'amagara y'abantu.
Ntirivuga umuti uzokoreshwa uwo ariwo.
Kugondoza umuntu ngo yiyemerere ko yifuza kurangiza ubuzima ntivyemewe n'amategeko, mbere bishobora guhanishwa umunyororo w'imyaka 14.













