UK-Impunzi: Leta yashize ahabona umugambi wo kugabanya kwakirira abimukira mu mahoteli

Uwujejwe urubibe yereka impunzi iyo zerekeza

Ahavuye isanamu, Getty Images

Ibibanza bitatu ni vyo bizohindurwamwo uburaro bw’abimukira hagabanywe ikoreshwa ry’amahoteli, ku bazoba barindiriye kwakirwa, gusubizwa mu bihugu vyabo canke mu kindi gihugu gitekanye nk'u Rwanda.

Umuyobozi mukuru ajejwe abimukira, Robert Jenrick, yavuze ko ivyahoze ari ibigo vya gisirikare bibiri i Lincolnshire na Essex, hamwe n’ikindi kibanza muri East Sussex, bishobora kuzokwakira "ibihumbi vyinshi".

Leta iriko "irihweza uburyo" bwo gukoresha amato ariko nta cemezo ntakuza kirafatwa, nk’uko yabandanije avuga.

Uwujejwe intwaro yo hagati mu mugambwe Labour utavuga rumwe na leta, Yvette Cooper, yavuze ko ivyo vyataganjwe ari "kwemanga ukunanirwa" mu mugambi w’ubuhunzi.

Iyo migambi birashoboka ko yiyamirizwa n’abajejwe intwaro mu turere kandi yaranenzwe n’abashingamateka bo mu turere bashaka kuyiranguriramwo, umwe mu bo mu mugambwe Conservative akaba yaragabishije leta yuko bazokwitura ubutungane.

Bwana Jenrick yabwiye inama nshingamateka yuko "igitigiri c’umurengara c’ubwato buto carengeye igisata c’impunzi" kandi avuga yuko leta "itazoshira ineza y’abimukira badakurikije amategeko, imbere y’iy'abanyagihugu b’Abongereza".

Yongeyeko ati "icumbi ry’abimukira rigomba kugira ivyankenerwa kugira umuntu abeho ata kirenzeko, kuko ntidushobora kwemera kuba ubwirukiro bw’amamiriyoni y’abantu bava iwabo barondera ubuzima bwiza".

Bwana Jenrick yavuze ko ivyo bibanza bitatu bishasha bizofasha kugabanya gukenera hoteli z’abikorera ivyabo, ariko yemera yuko "ivyo bibanza ubwavyo bitazokurako ikoreshwa ry’amaholi ijoro rimwe".

Leta ivuga ko ikoresha imiriyoni £6,2 mu gucumbikira abimukira mu mahoteli kandi yuko uturere dutuwe n’abantu benshi duhura n’ikibazo ca serivisi zica zikenerwa vy'ikirenga.

Bwana Jernick yavuze ko abajejwe uturere bazoronswa ubundi buryo bwo kubafasha gutunganya ivyo bibanza bishasha, ariko nta makuru arambuye yatanze.

Yanavuze yuko ikigo ca Catterick Garrison, kiri mu karere umushikiranganji wambere Rishi Sunak abereye umushingamateka, kiriko kirihwezwa niba kibereye gucumbikira abantu.

kigo c'igisirikare co mu kirere, RAF, ca Wethersfield i Essex

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, BBC yaramenye ko abimukira bazocumbikirwa mu kigo c'igisirikare co mu kirere, RAF, ca Wethersfield i Essex
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

BBC yaramenye yuko leta imaze kuronswa integuro zikenewe z’ivyohindurwa kugira ibigo vya gisirikare vya Lincolnshire na Essex bishobore gukoreshwa, ngo kandi birashobora gutangura kwakira abantu binjira mu gihugu bidakurije amategeko mu kiringo c’indwi nkeyi.

Umushikiranganji ajejwe ubutungane, Dominic Raab yabariye ikigaro Today ca BBC Rado 4 yuko bariko barihweza uburyo bwose butazotwara amahera menshi, avuga yuko amato yakoreshejwe ahandi, harimwo Scotland, aho hakoreshejwe abiri nk’uburyo mfatakibanza bwo gucumbikira impunzi.

Yanse kurandira ku vy’uko gukoresha ayo mato vyoba biri mu mugambi wa leta wa vuba aha, ariko amenyesha yuko abashikiranganji biteguriye kuwemera mu gihe wokoreshwa "mu mutekano kandi mu buryo bubereye".

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire, James Cleverly, yarigeze kwiyamiriza imigambi yo gucumbikira abantu mu nkambi ya gisirikare iri mu kigwati ca Westerfield mu gacimbiri ka Braintree abereye umushingamateka, gasanzwe kegukira akarere ka Essex.

Yavuze ko ico kibanza "kitabereye" kuko kiri mu gahinga kikagira n’uburyo bukeyi bwo kwiyunguruza.

Bwana Kenrick yanatangaje yuko ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati buzokoresha ikibanza ca Scampton c’igisirikare kirwanira mu kirere, RAF - cabikwamwo indege z’ubwoko Dambusters mu ntambara ya kabiri y’isi – hafi y’ikigwati ca Scampton i Lincolnshire.

Sir Edward Leigh, umushingamateka w’umugambwe Tory muri ako karere, yarigeze kwiyamiriza ico ciyumviro.

Ikarata y'ibigo vya gisirikare bibiri bishobora kuzokoreshwa mu kwakira abimukira
Insiguro y'isanamu, Ikarata y'ibigo vya gisirikare bibiri bishobora kuzokoreshwa mu kwakira abimukira

Harumvikanywe umugambi mu kwezi kwa Ntwarante (3) wo kwemerera komine ya West Lindsey kugurira ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi ico kigo ca gisirikar, mu mugambi w’agaciro k’imiriyoni £300.

Uwo mugambi ni uwo kunagura ico kibanza kigahindurwamwo ic’ubudandaji, kubungabunga kahise, ubukerarugendo hamwe n’ubushakashatsi.

Amakuru atangwa n’abo muri leta avuga yuko ico kibanza kizoshobora kwakira abimukira bari hagati ya 1.500-2.000, ngo kandi kigakoreshwa mu ntango mu kwakira abimukira bagishika hako cokwakira abari mu mahoteli.

Leta iriko iriyumvira gukoresha "ubwato bunini cane" bushobora kwakira amajana y’abantu, nk’uko ikinyamakuru Times kibitangaza, umwe mu bo muri leta akaba yabwiye ico kinyamakuru yuko bizogira akamaro ko “guca intege” abantu baza mu twato dutoyi.

Amato atwara abakerarugendo atagikoreshwa, ibibanza vyo kuruhukiramwo bigaragara hamwe n’amazu yahoze acumbikira amanyeshure navyo biri mu vyaganiriweko nk’ivyosubirira amahoteli.

Aho yavugana n’ikiganiro BBC Breakfast, umukuru w’umugambwe Liberal Democrat utavuga rumwe na leta, Sir Ed Davey, yagirije leta "kurenza abantu urwamo" aho gutorera umuti ikibazo c’abantu bashika baje mu twato duto.

BBC yamenye yuko muri iki gihe abantu 51.000 bacumbikiwe mu mahoteli 395.

Umushikiranganji wambre Rishi Sunak yabariye leta yiwe ejo kuwa kabiri yuko igiciro co kubitaho kuri ubu hamwe n’ingaruka bigira ku banyagihugu baba hafi bidashobora gukomeza kwihanganirwa nk’uko ibiro vyiwe, No 10, bibivuga.

Mu nama y’umugwi w’inama nshingamateka ujejwe guhuza ibikorwa, umushikiranganji wambere yavuze ko abana badashobora gukurwa mu mugambi wo gupfunga abantu bajabuka Channel mu twato duto, kugira hirindwe "icobaha ingoga" [kuko abimukira bafise abana boca baza ari benshi].

Abantu barashobora gupfungwa ata mahirwe yo kurekurwa vy’agateganyo canke kwihweza urubanza rwabo ikiringo c’iminsi 28, imbere yuko basubizwa mu gihugu cabo canke ikindi gihugu gitekanye nk’u Rwanda.

Umuvugizi wa leta yagize ati: "Twamye tuvugira ahabona ibijanye n’ingorane z’akataraboneka uburyo bwacu bwo kwakira impunzi bufise, zatewe n’ukwiyongera kwa cane kw’abaza mu gihugu baciye mu nzira zihatsa ubuzima kandi ziteye kubiri n’amategeko.

"Tubandanya gukorana mu bisata vyose vya leta hamwe n’abajejwe intwaro mu turere kugira turabe uburyo bwo gucumbikira abantu buhari.

"Leta iracahagaze ku ngingo yo kuganira n’abajejwe uturere hamwe n’abafatanya-bikorwa nyamkuru muri uwo mugambi."