Igituma ivyahi vy'abasaza ari vyo bigurwa cane kurusha ivy'abana mu Buyapani

Ifoto y'umwana muto

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Igitigiri c'abavuka mu Buyapani kigeze ku rugero rwa mbere ruto muri kahise k'ico gihugu mu gihe abageze mu za bukuru bo baguma baba benshi
    • Umwanditsi, Mariko Oi
    • Igikorwa, Umunyamakuru mu bijanye n'ubucuruzi

Ihinguriro ryo mu Buyapani rikora ivyahi (diapers, pampers) ryamenyesheje ko rihagaritse gukora ivyahi vy’abana mu gihugu, ahubwo rishire inguvu mu gukora ivy’abasaza.

Oji Holdings niryo rya vuba rifashe iyo ngingo muri ico gihugu aho igitigiri c’abageze mu za bukuru kiguma kiba kinini cane, urugero rwo kuvyara narwo rukaba ruri hasi aho rutari bwigere rushika.

Igitigiri c’abana bavutse mu Buyapani mu 2023 – aho bari 758.631 – kiri munsi ku rugero rwa 5,1% ugereranije n’ico mu 2022.

Ni naco cabaye igitigiri ca mbere gito c’abavutse muri kahise k’Ubuyapani kuva mu kinjana ca 19. Mu myaka ya 1970, abana bavuka bangana na miriyoni zibiri ku mwaka.

Mw’itangazo, Oji Holdings yavuze ko ishami ryayo, Oji Nepia, ubu rikora ivyahi vy’abana miriyoni 400 ku mwaka.

Ivyo rihingura vyagumye bigabanuka kuva mu 2001 aho iryo hinguriro ryashika kw’isonga ry’ivyo rihingura: ivyahi miriyoni 700.

Mu 2011, kompanyi ya mbere mu gukora ivyahi mu Buyapani, Unicharm, yavuze ko ivyahi vy’abakuze vyagurishijwe ari vyinshi kurusha ivy’abana. Kuva ico gihe isoko ry’ivyahi vy’abakuze ryagumye riduga, ubu rikaba rigereranywa ko riciye miriyari 2 z’ama dorari.

Ubuyapani ubu buri mu bihugu vya mbere kw’isi bigizwe n’abantu bashaje cane, abashika hafi 30 kw’ijana muri bo bakaba bafise imyaka ingana canke iri hejuru ya 65. Mu mwaka uheze, bwabaye ubwa mbere urugero rw’abarenza imyaka 80 rurenga 10%.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ariko Oji Holdings ivuga ko izobandanya gukora ivyahi vy’abana muri Malaysia na Indonesia aho yizeye ko ababikeneye bazoguma baba benshi.

Igabanuka ry’abantu, ku mvo z’ugusaza n’ukugabanuka kw’urugero rwo kuvyara, gisigaye ari ikibazo gikomeye cane mu Buyapani, kimwe mu bihugu bitunze cane kw’isi. Ariko ivyo reta y’Ubuyapani imaze kugerageza gukora mu guhangana n’iki kibazo nta kintu gifadika birashikako.

Kwongereza amafaranga ishira mu migambi yo kurera abana no gufata mu mugongo abakiri bato bubatse izabo canke bavyaye, bisa n’uko bitariko birongereza urugero rwo kuvyara.

Abahinga bavuga ko imvo zibituma ari nyinshi, kuva ku rugero ruto rw’abarongora, n’abagore baguma baba benshi mu kuja mu buzi, gushika ku buryo bwinshi bukenerwa mu kurera abana.

Mu mwaka uheze, umushikiranganji wa mbere Fumio Kishida yavuze ko "Ubuyapani bugeze aho kwibaza niba dushobora kubandanya tubaho nk’igihugu c’abantu", yongerako ko ari "ubu nyene canke ntibizoba".

Ariko si Ubuyapani bwonyene. Urugero rwo kuvyara ruguma rugabanuka muri Hong Kong, Singapour, Taiwan na Korea y’Epfo – iyi Korea y’Epfo ni co gihugu ca mbere kw’isi gifise urugero ruto rw’abavuka.

N’igitigiri c’Abashinwa caragabanutse ku mwaka ugira kabiri wikurikiranya mu 2023, kandi co kimwe n’Ubuyapani, bwarashizeho ingingo zitari nke zo gushishikariza abantu kuvyara abana benshi.

Ariko kubera abantu bashaje baguma baba benshi kandi muri ico gihugu gushika mu 2015 hakaba hari poritike yo kutarenza umwana umwe, ivyo vyose bituma mu Bushinwa ikibazo c’igwirirana ry'abantu kiba ingorabahizi.