Kubera iki abagore bo muri Koreya y'Epfo bahitamwo kutavyara?

Ahavuye isanamu, JEAN CHUNG
- Umwanditsi, Jean Mackenzie
- Igikorwa, Umunyamakuru wa BBC i Seoul
Imvura iriko iragwa ku muhingamo wo ku wa kabiri, Yejin ariko atekera ibifungurwa abagenzi biwe aho aba mu nkengera z'igisagara ca Seoul, aho anezerewe no kwibera wenyene.
Mu gihe bariko barafungura, umwe muri bo afashe terefone yiwe afyonda ku gishushanyo ca dinosaur (ibikoko vyigeze kubaho kera cane hanyuma bigahona). Iyo dinosaur ica imubwira ngo: ''Murabe neza, ntimwemere guhona nka twe''.
Abo bagore bose baratwenga.
Yejin w'imyaka 30, akora kuri televiziyo, aca avuga ati: "Biratwenza ariko birababaje kuko turazi ko dushobora kuba turiko turatuma duhona."
Yaba we canke bagenziwe nta n'umwe ariko arategura kuronka abana. Bari mu gitigiri kiguma ciyongera c'abagore bihitamwo kubaho ubuzima butagira umwana.
Koreya y'Epfo ifise urugero rwo kuvyara abana ruto cane kw'isi yose kandi rubandanya rugabanuka umwaka ku wundi.
Ibiharuro vyasohotse ku musi wa gatatu vyerekana ko urugero rw'ukuvyara rwongeye gukorokako 8% mu mwaka wa 2023, abagore bavyara bakaba badashika n'umwe ku gihumbi (bangana na 0,72).
Ibi biharuro bisigura igitigiri c'abana muri rusangi umugore umwe ashobora kuvyara mu buzima bwiwe. Kugira igihugu kigumane umurindi mwiza w'abapfa n'abavuka, canke abasaza n'abakiri bato, urwo rugero rw'abana umugore avyara rutegerezwa kuba 2,1 [bisigura ko umugore yategerezwa kuvyara abana barenga babiri].
Hamwe urwo rugero rwobandanya rumeze uko, gushika mu 2.100 Koreya y'Epfo yoba isigaye ibamwo inusu y'abantu ifise muri iki gihe.
'Ikibazo cihutirwa cane mu gihugu'
Kw'isi, mu bihugu bikize cane, urugero rwo kuvyara ruguma rugabanuka, ariko nta na hamwe rugabanuka ku murindi munini cane nko muri Koreya y'Epfo.
Ivyitezwe muri kazoza biteye amakenga.
Mu myaka 50 iri imbere, abantu bakora bazogabanuka gushika kuri 50%, urugero rw'abantu bazoja mu gisirikare bisanzwe ari itegeko ry'igihugu ruzogabanuka gushika kuri 58%, kandi hafi y'ica kabiri c'abanyagihugu bazoba bafise imyaka irenga 65 y'amavuko.
Ibi bigira ingaruka ku butunzi bw'igihugu, ku mafaranga reta igenera abantu bari mu zabukuru n'umutekano, ku buryo vyatumye abanyaporitike bavuga ko "igihugu gihanzwe n'ikibazo cihutirwa cane".
Mu myaka hafi 20 iheze, amareta yagiye arakurikirana yarashize amafaranga muri iki kibazo angana miriyaridi 286 z'amadorari ya Amerika.
Imiryango ifise abana irahabwa amafaranga, kuva ku yo ihabwa buri kwezi gushika ku kuyongerereza ayo kwishura inzu hamwe no gufata taxi za gusa.
Amafaranga y'ibitaro n'uburyo bwo kwibaruka hakoreshejwe ubuhinga bwa IVF [aho igi ry'umugore n'intanga z'umugabo bihurizwa hanze hanyuma akamerera kagasubizwa mu gitereko c'umugore], birarihwa na reta naho vyemerewe abubakanye mu mategeko gusa.
Ayo mafaranga yo kubahimiriza ntaco yahinduye, bituma abanyaporitike biyumvira ubundi buryo bwofasha gusumba nko kurondera abayaya (abakobwa canke abagore barera abana) bava mu bihugu vyo muri Aziya yo mu bumanuko bushira ubuseruko, barihwa umushahara uri munsi w'utegekanywa, hamwe no kwemerera abagabo kutaja mu gisirikare iyo bafise abana batatu imbere y'uko bashikana imyaka 30.
Ntawe vyatangaje ko abatunganya imigambi y'igihugu bagirijwe kutumviriza abakiri bato - na cane cane abagore - ngo bamenye ivyo bakeneye. Kuva mu mwaka uheze twaratembereye mu gihugu, turavugana n'abagore kugira twumve imvo zinyegeje inyuma y'ingingo yabo yo kutavyara abana.

Ahavuye isanamu, JEAN CHUNG
Igihe Yejin yafata ingingo yo kwibana afise imyaka iharurwa muri za 20 hagati, yaciye kubiri n'imigenzo - muri Koreya y'Epfo, kwibana wenyene bifatwa nk'uko ari intambwe imara igihe gito mu buzima bw'umuntu.
Ariko haraheze imyaka itanu afashe ingingo yo kutarongorwa (kutubaka) no kutaronka abana.
Yambariye ati: ''Biragoye kuronka umugabo wo kuresha muri Koreya - umugabo muzosangira ibikorwa vyo mu nzu n'ukurera umwana. Kandi abagore bibana bafise abana ntibabonwa neza."
Mu 2022 muri Koreya y'Epfo, abana bavutse ku bantu batubatse biciye mu mategeko babaye 2% gusa.
'Urudacika rw'akazi'
Ahubwo, Yejin yashimye kuguma akora akazi kiwe kuri televiziyo, akazi gasanzwe ata mwanya komuha wo kurera umwana. Amasaha y'akazi muri Koreya y'Epfo ni menshi cane.
Yejin akora akazi ko guhera isaha zitatu z'igitondo gushika isaha cumi na zibiri z'umugoroba, ariko avuga ko mu vy'ukuri ava aho akorera isaha zibiri z'ijoro. Kandi arakora n'amasaha y'inyongera. Atashe aba afise akanya ko gukubura mu nzu no kwinonora imitsi imbere yo kuryama.
Yavuze ati: ''Ndakunda akazi kanje, gatuma numva ko nikwije.
"Ariko akazi ko muri Koreya karagoye. Uguma mu kazi k'urudaca.''
Yejin avuga kandi ko hari igitutu c'uko akoresha umwanya atari ku kazi mu kwiyungura ubumenyi kugira akore akazi neza gusumba.
Ati: "Abanya-Koreya barashize mu mutwe ko iyo utaguma wiyungura ubumenyi mu kazi usanga usigaye inyuma ukaba uwananiwe. Ubwo bwoba butuma dukora incuro kabiri kuruta uko twategerezwa.
"Rimwe na rimwe mu mpera z'indwi ndagenda kwiteza agashinge kongereza inguvu kugira ku wa mbere nzoshobore kuja ku kazi,'' akabivuga atwenga nk'uko coba ari igikorwa gisanzwe co mu mpera z'indwi.
Afise ubwoba asangiye n'abandi bagore bose navugishije - ko hamwe yofata umwanya akaja kuvyara umwana, atazi ko yoheza akagaruka ku kazi.
Yavuze ati: ''Hariho igitutu kitibonekeza c'abakoresha c'uko iyo uronse umwana utegerezwa guca uva mu kazi.'' Yarabonye bishikira umukobwa bavukana kandi vyarashikiye bagenziwe babiri bavuga amakuru ku mboneshakure.
'Ndazi vyinshi cane'
Umugore w'imyaka 28 akora mu gisata kijejwe abakozi avuga ko yabonye abantu bategetswe guheba ubuzi canke batadugijwe amapete mu kazi inyuma yo gufata akaruhuko ko kwibaruka. Ivyo bikaba bikwiye kugira bitume ashima kutaronka umwana.
Abagore n'abagabo baremerewe gufata akaruhuko k'ikiringo c'umwaka wose mu myaka 8 ya mbere y'umwana. Ariko mu 2022, abagabo 7% ni bo bakoresheje igice c'ako karuhuko, ugereranije n'abagore 70% bagafashe.

Ahavuye isanamu, JEAN CHUNG
Abagore bo muri Koreya barize cane ugereranije n'abandi bo mu bihugu bikize, ariko ico gihugu nico ca mbere gifise ubudasa bunini cane hagati y'impembo y'abagore n'abagabo n'urugero ruri hejuru y'urwo muri rusangi rw'abagore batagira akazi ugereranije n'abagabo.
Abashakashatsi bavuga ko ari nk'uko bahabwa guhitamwo: gukora akazi canke kugira umuryango. Abahitamwo umwuga baguma baba benshi.
Nahuye na Stella Shin aho yigisha icongereza abana b'imyaka itanu iyo bavuye kw'ishure.
Stella yavuze ati: ''Raba abo bana ingene ari beza''. Ariko ku myaka 39, Stella nta mwana afise muri bo, akavuga ko atari ingingo yari yashimye gufata.
Haheze imyaka itandatu arongowe kandi we n'umugabo wiwe barashaka umwana. Ariko bagumye bakora cane bongera biryohera basanga umwanya wabajanye. Ubu yaremeye ko ubuzima babayeho butuma "bidashoboka".
Stella yavuze ati: ''Abavyeyi bategerezwa guhagarika akazi kugira baje kurera umwana mu myaka ibiri ya mbere. Ivyo vyombabaza cane. Ndakunda akazi no kwitaho ubuzima bwanje bwite.''
Mu kanya ko kuruhuka , Stella aja mu vyigwa vy'intambo bita K-pop ari kumwe n'abagore bari mu zabukuru.
Ico kwitega ko abagore bafata akaruhuko k'imyaka ibiri canke itatu bafise umwana kiramenyerewe. Nabajije Stella y'uko yogabura n'umugabo ako karuhuko kagenewe abavyeyi, arampakanira andavye mu maso.
Ati: ''Ni nk'iyo ndamubwiye kwoza amasahani, hari igihe atabikora, sinomuharurako."

Ahavuye isanamu, JEAN CHUNG
Hafi ica kabiri c'abanyagihugu baba muri Seoul canke mu micungararo yaho, ahasanzwe haboneka ubuzi, bigatuma kuronka inzu bigora cane. Stella n'umugabo wiwe bagumye bigizwa kure y'igisagara begereza mu ntara bihana urubibe, kandi ntibashobora kugura ikibanza cabo.
Muri Seoul urugero rw'ukuvyara rwakorotse gushika ku 0,55, ni rwo rugero rwa mbere ruri hasi cane mu gihugu. Hanyuma hari amafaranga yo kurihira umwana mu mashure y'abikorera ku giti cabo.
Mu gihe amazu azimvye ari ikibazo kw'isi yose, iki ni ikindi kintu Koreya yisangije.
Kuva ku myaka ine abana bararungikwa mu vyigwa birenga ku vyo biga mw'ishure harimwo ibiharuro, icongereza, umuziki n'ibindi nka Taekwondo (ubwoko bw'urukino rwa karate).
Ivyo biramenyerewe cane ku buryo utarungitse umwana muri ivyo vyigwa uba usa n'uwemeye ko ayoberwa, ikintu kitabaho mu gihugu c'ihiganwa rikaze cane nka Koreya. Ibi vyatumye ico gihugu kiba ica mbere kw'isi kizimvye mu bijanye no kurera umwana.
Icigwa cakozwe mu 2022 cerekana ko abavyeyi babiri kw'ijana (2%) ari bo gusa batarihiye abana ivyigwa vy'inyuma y'ishure, mu gihe 94% bavuga ko vyabagoye kuriha.
Nk'umwe mu bigisha muri ayo mashure adasanzwe, Stella arazi neza uwo mutwaro. Aritegereza ingene abavyeyi bariha gushika ku madolari 890 ya Amerika ku mwana ku kwezi, n'ingene benshi badashobora kuyaronka.
Avuga ati: "Ariko abana baguma inyuma iyo batagiye muri ivyo vyigwa.
"Iyo ndi kumwe n'abo bana, ndifuza kuronka umwe ariko ndazi vyinshi cane."

Ahavuye isanamu, JEAN CHUNG
Kuri bamwe, uretse amafaranga atwara, ayo mashure azimvye cane arabaca intege.
"Minji" arifuza kuvuga ivyamushikiye, ariko atari ku mugaragaro. Ntashaka ko abavyeyi biwe bamenya ko ata bana azovyara. "Bobabara cane," niko avuga, ari aho aba n'umugabo wiwe i Busan, igisagara kiri ku nkengera z'ibahari.
Minji ahishura ko mu bwana bwiwe n'igihe yari ageze mu myaka 20 atabayeho ubuzima buryoshe.
"Namaze ubuzima bwanje bwose niga," niko avuga - ubwa mbere kugira aje muri kaminuza nziza, hanyuma gukora ibibazo vy'abakozi ba reta hamwe no gukora ikibazo c'akazi ka mbere yaronse ku myaka 28.
Aribuka imyaka yo mu bwana bwiwe yamaze mw'ishure gushika mw'ijoro yita ku biharuro, atanakunda kandi vyamugora, mu gihe we yifuza kuba umunyabugenegene (umuhanzi).
Ati: "Nategerezwa kwama ndiko ndahiganwa buri igihe, kandi aho hose sinaba ndiko ndarondera gushika ku co nifuza mu buzima bwanje, ahubwo ugasanga mbayeho ubuzima ataco bumaze. Biraruhisha cane."
Ku myaka 32, ubu niho Minji yumva ko yidegemvya kandi ashobora kwinezereza mu buzima. Akunda gufata ingendo kandi ariko ariga kwoga yibira.
Ico ashingiyeko cane ni uko atoshira umwana mw'ihiganwa rivuna nk'uko nawe vyamugendeye.
"Koreya si igihugu aho abana bashobora kubamwo banezerewe," niko arangiza avuga. Umugabo wiwe arifuza kuronka umwana, kandi baramaze kubipfa akatari gake. Ariko ubu yararushe aremera ivyo umugore yifuza. Nawe nyene aremera ko hari igihe agatima gakubita, ariko agaca yibuka igituma bidashoboka.
Ibintu bitesha umutwe
Hirya mu gisagara ca Daejeon, Jungyeon Chun abaye mu buzima yita "urugo aho urera abana uri umwe". Ahejeje gutora abana biwe kw'ishure - umukobwa w'imyaka indwi n'umuhungu w'imyaka ine - aca aguma abatembereza mu bibanza vyo gukina gushika umugabo wiwe ave ku kazi.
Yagize ati: "Sinari nzi ko mfashe ingingo ikomeye mu kuvyara abana, nibaza ko nzoca nsubira ku kazi vuba."
Ariko mu nyuma ibibazo vy'imibereho n'amafaranga vyaciye bitangura kumusugereza, kandi asanga ni we ategerezwa kwitaho abana wenyene. Umugabo wiwe, akorera sendika y'abakozi, ntiyamufasha mu kurera abana, canke ibikorwa vyo mu nzu.
Ati: "Narababaye cane. Narize cane kandi nigishijwe ko abagore n'abagabo bangana imbere y'amategeko. Rero sinavyemeye."

Ahavuye isanamu, Jean Chung
Aha niho ingorane nyamukuru zihagaze.
Mu myaka 50 iheze, ubutunzi bwa Koreya bwateye imbere ku muvuduko udasanzwe, abagore bariga amashure ahanitse baja no mu buzi, baraduza ivyo bifuza gushikako mu buzima. Ariko uruhara rwabo nk'umugore mu rugo na nyina w'abana ntirwakurikiye uwo murindi.
Bimubabaje, yaciye atangura kwihweza abandi bavyeyi. Ati: "Nca nsanga, 'Eh, urya mugenzi wanje areze umwana wenyene nawe ararushe kandi n'uriya mugenzi wanje hakurya y'ibarabara nawe nyene ararushe' nca mbona 'Oh, kumbe n'ikibazo mu gihugu'.''

Ahavuye isanamu, JEAN CHUNG
Yaciye atangura gufyatagura acapa ibijanye n'ubuzima bwiwe akabishira ku mbuga hwaniro. Igikorwa ciwe carakunzwe cane, kuko abagore mu gihugu cose baraciyumvisemwo, ubu Jungyeon akaba amaze gusohora ibitabo bitatu vyo gutwenza.
Ubu avuga ko yarenganye igihe co gushavura no kwicuza. Avuga ati: "Ese iyo menya kare ukuri ku bijanye no kurera abana, n'ingene ba nyina bategerezwa kwitanga. Igituma abagore ubu bahitamwo kutavyara abana ni uko basigaye bubahuka kubivuga."
Ariko Jungyeon avuga ko ababaye kubera "abagore bataronka amahirwe yo kwumva ivyiza vy'ubuvyeyi kubera ubuzima bubabaje babamwo."
Ariko Minji arashima ko ashobora guhitamwo ico ashaka. Ati: "Turi aba mbere bashobora guhitamwo ico bashaka. Kare wavyakira uko, twategerezwa kuvyara abana. None ubu turahitamwo kutavyara kuko tubishobora."
'Na 10 nobavyara iyaba ndabishoboye'
Dusubiye mu nzu kwa Yejin, abagenzi biwe barahejeje gufungura, ubu bariko baraharira ku kiguzi c'ibitabo vyiwe n'ibindi bintu atunze.
Aruhijwe n'ubuzima bwo muri Korea, Yejin yafashe ingingo yo kuva muri ico gihugu ngo aje kuba muri Nouvelle-Zélande. Umunsi umwe yaravyutse aribaza asanga nta n'umwe amuhatira kuguma aba ngaha.
Yararondeye ibihugu binganisha abagabo n'abagore, aca asanga Nouvelle-Zélande ni yo ya mbere. "Ni co gihugu aho abagore n'abagabo bahembwa imishahara ingana," niko avuga, asa n'uwutavyemera. "Rero ndagiye."
Nabajije Yejin n'abagenzi biwe niba hari ikintu cotuma bahindura ivyiyumviro.
Inyishu ya Minsung yarantangaje. "Ndifuza kuronka abana. Na 10 nobavyara iyaba ndabishoboye." None ni igiki kibimubuza? Naramubajije. Uwo mukobwa w'imyaka 27 ambwira ko ashobora kugira imigenderanire mpuzabitsina n'abagore nka we canke abagabo kandi ko ategekanya kubana n'umugore nka we.

Ahavuye isanamu, Jean Chung
Kurongorana mufise ibitsina bisa ntivyemewe n'amategeko muri Koreya y'Epfo kandi abagore batarongowe ubundi ntibemerewe gukoresha imbuto zatanzwe n'abagabo kugira basame.
Yavuze ati: "Kumbure umusi umwe ibi bizohinduka, nshobore kurongorwa ndonke abana ku muntu nkunda."
Abo bagenzi bavuze ko bitumvikana baravye ingene abantu batakigwira ariko abagore bifuza kuvyara ntibavyemererwe.
Ariko bisa n'uko buke buke abanyaporitike bariko barumva ko iki kibazo gikomeye kandi gihambaye cane.
Muri uku kwezi umukuru w'igihugu ca Koreya y'Epfo, Yoon Suk Yeol, yavuze ko inzira bagerageje ngo batorere inyishu ico kibazo "ntizakoze" kandi ko Koreya "irenza urugero mu guhiganwa kandi bidakenewe".
Yavuze ko ko reta yiwe izofata ikibazo c'urugero ruto rwo kuvyara nk'ikibazo c'itunganywa ry'igihugu, n'ubwo atawuramenya ingene ivyo bizoshirwa mu migambi.
Ubu vuba, nasubiye guhura na Yejin avuye muri Nouvelle-Zélande, aho amaze amezi atatu aba.
Yariko aravuga uko ubuzima bwiwe bushasha bumeze n'akazi kiwe ko gukora mu gikoni c'akabare. Avuga ko ubu ashobora kuronka akanya ko kubonana n'abagenzi mu ndwi hagati.
Ati: "Numva mfise icubahiro ku kazi kandi n'abantu ntibagucira imanza."
"Bituma ntashaka gusubira iwacu."
Andi makuru y'inyongera yatororokanijwe na Leehyun Choi, Hosu Lee na Wonjung Bae










