Ku myaka ibiri yikurikiranya abantu mu Bushinwa bagenda bagabanuka

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Frances Mao
- Igikorwa, BBC News
Abantu mu Bushinwa bagabanutse muri iyi myaka ibiri yikurikiranya bituma amadidane yongerekana ku kwiyongera k'ubutunzi kuri ico gihugu kigira kabiri muri bwo kw'isi.
Ibiharuro vyashizwe ahabona kuri uyu wa gatatu vyerekana ko gushika mu mpera za 2023 abantu bangana imiriyaridi 1.409 - n'ukuvuga abantu imiriyoni 2.08 bagabanutse ugereranije no mu mwaka wa 2022.
Abantu bagabanutse ubu ni incuro zibiri ugereranije n'abo mu mwaka w'imbere, wabaye uwa mbere wabonetsemwo igabanuka ry'abantu mu myaka 60 iheze.
Ariko abahinga bavuga ko uko kugabanuka kwari kwitezwe bivuye ku kwiyongera kw'abantu baja kuba mu bisagara hamwe n'igitigiri c'abavuka.
Abo bahinga bavuga ko, Ubushinwa buriko burakurikira akarorero k'ibindi bihugu vyagiye biheba gukoresha amahinguriro vyihuse, n'aho umuvuduko w'impinduka wihuse cane.
Prof Stuart Gietel-Basten, umuhinga muri poritike y'igwirirana ry'abantu kuri kaminuza yigisha ubuhinga ya Hong Kong agira ati:"Si igitangaro. Bafise urugero rw'irondoka ruri hasi cane kw'isi, n'ivyo rero bica bishika: Abantu baca bareka kwongerekana bagaca batangura kugabanuka.
"Bisa n'ivyiyugaye ubu.. si umwaka uza gusa muri iki kiringo gishasha c'igabanuka ry'abantu."
Kuri uyu wa gatatu, Ubushinwa bwamenyesheje ko urugero rw'abana bavuka ubu rwamanutse gushika ku 6,39 ku bantu 1000, ku rugero rumwe n'ibindi bihugu biteye imbere vya Asia y'Ubuseruko nk'Ubuyapani na Corea ya ruguru.
Ico gihugu kimaze imyaka irenga mirongo ibiri urugero rw'abana bavuka ruguma rugabanuka - inyuma yo gushiraho mu myaka ya 1980 poritike itavugwako rumwe, yo kuvyara umwana umwe kuri buri muryango kugira bagabanye igitigiri c'umurengera w'abantu.
Reta yakuyeho iyo poritike mu 2015 kugira itorere inyishu iryo gabanuka ry'abantu, inashiraho ingingo zituma abantu bijukira kuvyara nko kubariha amahera mu kubatera intege ngo barondere abo bubakana.
Mu 2021, reta yarasubiriye irorosha iyo poritike mu kurekurira abubakanye kuvyara gushika ku bana batatu.
Ariko izo ngingo nta co zashitseko ku bakiri bato baba mu bisagara biteye imbere, bavuga ko hari inzitizi zijanye n'ubuzima buzimvye no gutera intambwe mu kazi inyuma y'imyaka itatu ya Covid.
Wang Chengyi umugore w'imyaka 31 aba i Pékin agira ati:"Jewe n'umugabo wanje turipfuza umwana ariko ubu ntitwobishobora."
Yabwiye BBC ko we n'umugabo wiwe bakeneye kubika amahera nk'iyindi myaka itatu, kugira baronke ayo kwifashisha igihe bazoba baronse umwana - bafatiye ahanini kuvyerekeye amashure.
Yongeye agira ati:"Nshaka gutwara imbanyi nkiri muto kuko ari vyiza ku magara yanje. Ariko nta mahera mfise akwiye ubu, nta kundi ntegerezwa kurindira. Birababaje kandi rimwe na rimwe bintera ubwoba."
Kuri uyu wa gatatu, abahinga bavuze ingaruka z'ikiza kw'igabanuka ribandanya ry'imvyaro. Ariko bakavuga ko ingorane zikomeye zijanye n'ubutunzi ari zo zibituma gusumba.










