Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Intambara ya Ukraine: Putin avuga ko Uburusiya butanka ibiganiro vy’amahoro
Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya avuga ko atanka iciyumviro c’ibiganiro vy’amahoro na Ukraine.
Mw’ijambo yashikirije inyuma y’inama n’abakuru b’ibihugu vya Afrika mu gisagara ca St Petersburg, yavuze ko umugambi w’amahoro wa Afrika hamwe n’uw’Ubushinwa ishobora kuba ishingiro ry’ibiganiro vy’amahoro.
Hagati aho, Perezida Putin avuga kandi ko bigoye guhagarika intambara mu gihe Ukraine iri mu gitero co kwivuna ku ngabo z’Uburusiya.
Imbere y’aha, Ukraine n’Uburusiya vyavuga ko bidashobora kwitaba ibiganiro hatabanje gushirwa mu ngiro ivyo vyasaba.
Ukraine ikeneye ko imbibe zisubira uko zari mu 1991, ivyo Kremlin idakeneye kwumva mu matwi.
Moscou nayo ahubwo ivuga ko kugira ngo habe ibiganiro, Kyiv itegerezwa kwemera imbibe nshasha z’igihugu cayo.
Mu kiganiro yaraye agiranye n’abanyamakuru mu masaha yitereye na nijoro ku wa gatandatu, Perezida Putin yavuze ko ata nteguro zihari ubu zo kwongereza ibikorwa vya gisirikare ku rubuga rw’intambara muri Ukraine muri uno mwanya.
Umukuru w’igihugu c’Uburusiya yabwiye abamenyeshamakuru ko Moscou yakoze “ibitero vyo gukinga” inyuma y’igitero cakozwe ku kiraro kimwe co mu karere ka Crimée/Crimea mu ntango za kuno kwezi.
Inyuma y’iki gitero kuri kino kiraro - cahitanye ubuzima bw’abantu babiri – Perezida Putin yararahiye ararengwa ko yategerezwa kwihora kuri iki gitero yavuga ko cari “ic’iterabwoba” cakozwe na Ukraine.
Kyiv ntiyemeje ku mugaragaro ko ari yo yakoze ico gitero kuri iki kirago gifatanya aka karere n’ubutaka bw’Uburusiya.
Ikoraniro ryahuje Uburusiya na Afrika ryabaye inyuma y’aho umurwi w’abakuru n’abaserukizi b’igihugu vya Afrika babonaniye na Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine na Perezida Putin mu kwezi guheze.
Hagati aho, abantu babiri barishwe uwundi umwe arakomereka mu gitero c’igisasu ca misire mu gisagara ca Zaporizhzhia kiri mu bumanuko bwa Ukraine ejo ku wa gatandatu, nk’uko bivugwa n’umutegetsi.
Anatoliy Kurtiev, umunyamabanga w’Inama Mpanuzajambo y’igisagara, avuga ko iki giturika cavuye ku ”gitero ca misire cakozwe n’umwansi” camenaguye amadirisha y’inyubakwa ituwemwo n’abanyagihugu, conona n’ikigo c’indero hamwe n’inyubakwa y’akaruriro.
Perezida Zelensky aherutse kugendera ingabo zidasanzwe za Ukraine hafi y’igisagara ca Bakhmut kiriko kiberamwo intambara zikomeye cane.
Abategetsi ba Ukraine bavuga ko ingabo za Kyiv ziriko ziratera intambwe bukebuke muri iki gisagara cigaruriwe n’ingabo z’Uburusiya mu kwa gatanu.
Haburijwemwo igitero ca drone muri Crimea – Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi
Mu tundi turere, ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe kwivuna abansi butangaza ko bwaburijemwo igitero mu karere ka Crimée/Crimea mu bumanuko bwa Ukraine kigaruriwe n’Uburusiya, hakoreshejwe indege zitagira abadereva 25.
Ubu bushikiranganji buvuga buti: “Indege zitagira abadereva 16 za Ukraine zasambuwe n’ubuhinga bwo gukingira ikirere. Ayandi madrone icenda ya Ukraine yasambuwe n’ubuhinga bwa elektroniki, aca akorokera mu Kiyaga Cirabura [Mer Noire/Black Sea] no mu karere ka Tarkhankut atarashika aho yari arungitswe”.
Nta ruhande rwigenga rurashobora kwemeza aya makuru.
Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi buvuga ko ata muntu yakomeretse canke ngo ahasige ubuzima.
Umusi umwe imbere y’aha, igisirikare ca Ukraine cari catangaje ko ingabo za Ukraine “zateye ikiraro ca Chongar" – inzira ya hafi cane uva muri Crimea uja muri Melitopol no hirya ku rwasiro rwo mu bumanuko, aho igisirikare ca Ukraine kiriko kiragerageza kumenera.
Imbere y’aha, Vladimir Saldo, umukuru w’ubutegetsi bw’intara ya Kherson yashizweho n’Uburusiya, yatangaje ko mw’ijoro ryo ku wa 29 z’uku kw’indwi, ingabo za Ukraine zarashe ibisasu vya misire 12 biraswa kure vyo mu bwoko bwa Storm Shadow amaja kw’ibarabara ry’indarayi hagati ya Kherson na Crimea. Ibi vyumvikana ko igisirikare ca Ukraine kiriko kiragerageza kuzibira inzira ishobora gushikana uburyo ku ngabo z’Uburusiya ziri muri Crimea.