Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ukraine - Russia: amamine yuzuye irya n’ino ntiyorohereje Kyiv mu ntambara yayo yo kwikura umwansi
- Umwanditsi, Andrew Harding
- Igikorwa, BBC News, i Predtechyne na Neskuchnoye, Donbas
Turabona umusirikare yikwega mu vyatsi birebire, akwega akaguru kamwe. Haciye amasegonda makeya, habonetse uwundi mwotsi hirya gatoya, ku metero nkeya, ahari hahejeje guturika ikindi gisasu ca mine.
Mu gihe uwundi musirikare agira kabiri yakomeretse yikwega aja hafi y’imodoka ntamenwa hasa n’ahatekanye – yayaya amaboko nk’umuntu ariko aroga mu ruzi agerageza kwizirikira ku bwato bw’ubutabazi – aho yaca hasigara amaraso.
Ibi vyose ni ivyabonywe ikibiriraho mu ndwi iheze, n’indege y’igisirikare ca Ukraine itagira umudereva yariko ica hejuru ku rwasiro mu bumanuko bw’igisagara ca Bakhmut kiri mu ntara ya Donbas. Amasanamu yafatiwe mu kirere yerekana iceru kirimwo ibinogonogo cuzuye amamine.
"Amamine arateye ubwoba. Aranteye ubwoba gusumba ikintu ico ari co cose”, bivugwa na Artyom, umusirikare wa Ukraine w’imyaka 36 wo muri Brigade ya 108. Imisi ibiri imbere y’aha, babiri muri bagenziwe bari bahonyoye utumine dutoya dusa n’urwatsi rutoto twari twakwiragijwe n’amaroketi y’Uburusiya mu karere k’urwasiro kose.
"Abahungu bacu bari bazi ubuhinga bwinshi. Ariko ntivyoroshe kubona vyose. Bompi baciwe amaguru. Umwe umwe ukuguru kumwe. Inyuma y’intambara imwe imwe yose twama dufise abantu bakomerekejwe n’amamine”, bivugwa na Artyom, yize ivyo gutegura amamine, aho yariko asigura ko amaroketi yashoboje ingabo z’Uburusiya gutega amamine mashasha mu turere twari twamaze kubohozwa n’ingabo za Ukraine.
Ni mu gihe igitero rurangiza ca Ukraine cari citezwe kuva kera kitarashobora kugira umurindi n’inguvu bamwe bari biteze – harimwo na Perezida Volodymyr Zelensky we nyene ubwiwe yemeye ko ibikorwa “bigenda bukebuke gusumba uko twavyipfuza”. Abasirikare batari bake twavuganye ku birindiro bitandukanye ku rubuga rw’intambara baravuga ko ibi bisasu vya mine biri mu bituma ata ntambwe nini batera.
"Ni vyo koko, biratuma ingabo zitanyaruka”, bivugwa n’umukuru w’umurwi w’abasirikare icenda b’abahinga mu gutegura amamine azwi kw’izina ry’ubuhizi Dill. Yari yahejeje gutegura amamine yari ku rwasiro rw’aho hafi mu buseruko bw’ikigwati gito ca Predtechyne gisigaye ari umusaka, hanze ya Bakhmut. Yashanje hasi ibisasu vya mine vy’Uburusiya vyateguwe, yinyegeje musi y’igiti kugira ngo amadrone y’Uburusiya amuca hejuru ntahave amurabukwa.
Liyetena Serhii Tyshenko wo muri Brigade ya 3 aho yari ari yikinze, agira ati: "Umwansi nta mpuhwe agirira abasirikare biwe bwite. Bakoreshwa nk'incungu. Ariko turabandanya gusatira dutakaje bake bashoboka”.
Tumaze kugenda hafi amasaha atatu amaja mu bumanuko, aho twagenda duca ku biraro vyo kwifashisha vy’igihe gito, twaciye ku basirikare ba Ukraine bategura amamine bicaye ku ruhande rw’ibarabara, bategura igisasu gikomeye ca mine co mu bwoko bwa Claymore cari catezwe hampande y’igiti c’umuyagankuba, kugira ngo kirungike ibivunji mu basirikare barwanira hafi canke ku mamodoka y’intambara.
"Aka kazi ndakanka", niko Artyom avuga, akanya gato inyuma yo gutegura iki gisasu. Ubwo nyene twagiye twumva ifirimbi, hanyuma igiturika igihe igisasu ca roketi y’Uburusiya cari kiguye hafi yaho.
Hejuru ku gasozi kari hafi, abasirikare barwanira hasi bariko batera intambwe buke buke baja amaja mu bumanuko, mu kigwati ca Rivnopil cari giherutse kubohozwa. Agashavu ka Artyom ntikava gusa ku mabi aterwa n’aya mamine, ariko ku mubabaro yari afise wo kubona umwansi ahitamwo gutega aya mamine y’iyindi mitego mibi, hakwemera ugahangana n’umwansi wawe “amaso mu yandi”.
Haciye umwanya, aho bari ku kirindiro cabo kw’ihema ryari ku birometero bitari bike, abasirikare bari bababajwe n’ukubura ibikoresho vyo gutegura amamine, kandi n’abahinga bo kuyategura bakaba bake – bane muri bo hakaba hari haciye amayinga atari make barakomeretse.
Ariko rero, Artyom yaciye atwereka umunara muremure hanyuma azana imashini nyabwonko ngendanwa (laptop) atangura kutwumvisha amajwi avuga ko ari ayo bari baherutse gufata y’ingene abasirikare b’Abarusiya bariko baravugana. Aya majwi yari yuzuye ibitutsi yasa n’ayerekana akajagari no gucika intege.
"Drone yacu y’ubwiyahuzi yateye imodoka [yacu]. Hari umwe yapfuye, uwundi nawe arakomereka. Ivyo [ijambo ry’igitutsi] bivane ng’aho".
" [Abasirikare] bariko barahunga. Bamwe muri bo bariko bariba amamodoka … abantu 50 bahunze. Izo [Ijambo ry’igitutsi] zahunze…"
Aya majwi y’itumatumanako yafashwe yerekana ko ingabo z’Uburusiya zariko zirata ibirindiro inyuma y’ibibombe vyatewe n’ingabo za Ukraine.
Artyom ati: "Ibi vyama vyabaye igihe cose. Bari mu turwi tw’abantu 10 canke 20 – Abarusiya barahunga batanasavye uruhusha. Abarusiya barazi ko dushobora kwumva ivyo bavugana ariko rimwe na rimwe bariyibagira”.
Indege zibiri za Ukraine z’intambara zaciye hejuru yacu zidahinda n’ijwi rinini, zikurikirwa n’urukurikirane rw’ibiturika vyumvikana ku rwasiro hirya mu bumanuko. Inyuma y’aho gato, twarashobora kwumva vyamuzinga vyasirana vyumvikana nk’ibisasu vya roketi vyo mu bwoko bwa HIMARS biriko biterwa ku birindiro vy’Uburusiya.
Igitero ca Ukraine co kwivuna umwansi gishobora kuba kigenda bukebuke, kandi mu bwitonzi bwinshi muri kino gihe. Ariko intwazangabo imwe, ibona ko ubu bwitonzi buzoruhira kuvamwo ikintu ciza gikomeye mu buryo butari bwitezwe, kuko ibitero vya muzinga zirasa ku ntera ya kure vyashoboye kubuza Uburusiya gushikana uburyo ku ngabo zabwo ziri ku rwasiro, kandi ugucika intege kw’ingabo z’Uburusiya kwahaye ingabo za Ukraine amahirwe yo gutera intambwe zikomeye.
Ati: "Rindira mu misi ibi uzobibona”.
N’aho uturere tutari duto twuzuye amamine atorohereza iki gitero ca Ukraine, Dill, umukuru w’ingabo zitegura amamine hafi ya Bakhmut, arafise icizere kandi aratuje.
Ati: "Turiko turiga ingene dukoresha uburyo dufise no kurondera inzira zinyaruka kandi zitekanye muri ayo mamine. Ariko umwansi duhanganye ni mubi cane”.