Uwuserukira u Rwanda muri DR Congo yasabiwe gukura meza

Vincent Karega

Ahavuye isanamu, fACEBOOK/Vincent Karega

Inama Nkuru yo kwivuna abansi (Conseil Supérieur de la Défense) muri Repubulika y’Intwaro Rusangi ya Congo isaba reta y’iki gihugu kwirukana uwuserukira Urwanda muri ico gihugu, Vincent Karega.

Mw’ikoraniro ry’abagize iyo Nama Nkuru yo kwivuna abansi yari irongowe na Perezida Félix Tshisekedi ejo ku wa gatandatu, basubiye kwagiriza Urwanda ko “rubandanya rwihisha inyuma y’umurwi w’iterabwoba wa M23 mu gutera Congo”, nk’uko biri mw’itangazo ryaraye risohowe na Patrick Muyaya, umuvugizi wa reta ya Congo.

Haraciye imisi intambara zibica bigacika hagati y’ingabo za Repubulika y’Intwaro Rusangi ya Congo n’umuhari M23, reta ikagiriza Urwanda ko rufasha M23, ivyo reta y’Urwanda na M23 nyene bamirira kure.

Gushika ku wa gatanu, M23 ivugwa ko yari yamaze kwigarurira uturere hafi twose twa Busanza, Jomba, Bweza na Kisigari, hamwe n’ibigwati bimwe bimwe vy’akarere ka Rugari, kari ku birometero 30 mu buraruko bw’igisagara ca Goma.

Iri tangazo rivuga ko iyo nama yari iyo kwihweza ingene ibintu bimeze mu ntara ya Kivu ya Ruguru imaze igihe “irangwamwo ibitero hamwe n’uturere tumwe tumwe twa Congo, muri teritware (Territoire) ya Rutshuru, twigaruriwe na M23 ifashwe mu mugongo n’Urwanda”, nk’uko biri muri iryo tangazo.

Rivuga riti: “Ku vyegeranyo biva ku rubuga, harimwo n’Ikigo Rusangi c’Ibikorwa vya gisirikare (Centre Conjoint des Opérations) gifise n’ama drones [za ndege zitagira abadereva] z’inderetsi, biraboneka muri ino misi, ko ingabo z’igisirikare c’Urwanda zinjira ku bwinshi gufasha umuhari w’iterabwoba wa M23 mu ntumbero yo gukora igitero gikomeye ku birindiro vy’ingabo za Repubulika y’Intwaro Rusangi ya Congo”.

“Inama Nkuru yo Kwivuna abansi yibutsa ko iki gitero ca M23 gifashwe mu mugongo n’igisirikare c’Urwanda congeye guhonyanga ku ncuro yindi umugambi w’amahoro wa Nairobi na Luanda umaze amezi atari make”.

Hampande y’uko Urwanda rwagirizwa gufasha M23, iyo nama yagiriza abategetsi b’iki gihugu kibanyi “ubwibone n’agasuzuguro”, mu guhonyanga umugambi w’amahoro wa Nairobi na Luanda ndetse n’ibisabwa n’amakungu ko “ibikorwa vy’iterabwoba vya M23 hamwe n’imfashanyo yo hanze ironka” bihagarara.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

“Rero, dufatiye kuri ivyo bihejeje gushikirizwa, Inama Nkuru yo kwivuna abansi isaba reta kwirukana, mu masaha 48 kuva abimenyeshejwe, nyakwubahwa Vincent Karega, umuserukizi w’Urwanda muri Repubulika y’Intwaro Rusangi ya Congo”.

Iyo nama kandi isaba reta “gufatira Urwanda izindi ngingo zo kutinjira ku butaka bwa Congo”.

Itera akamo abanyagihug kwirinda “amajambo ayo ari yo yose, ubugizi bwa nabi canke inenwa vyokorerwa abanyagihugu bavuga ururimi rw’ikinyarwanda kugira ngo umwansi ntaronke inyendamuvano”, igasaba inzego zibijejwe ko zihagararira iki cipfuzo.

Reta y’Urwanda ntaco irashikiriza kuri ibi bisabwa n’Inama Nkuru ijejwe kwivuna abansi ya Congo, hamwe n’ivyo rubandanya rwagirizwa vyo gufasha M23.

Hagati aho, yaba reta, waba umuhari wa M23, bose bamye biyamiriza ivyo baregwa na reta ya Congo, ahubwo bakayagiriza ko ikorana n’umuhari w’inyeshamba FDLR urwanya reta y’Urwanda, hamwe n’interahamwe zagirizwa jenoside yo mu Rwanda, mu 1994.

Reta ya Congo ivuga ko ivyo yagirizwa n’Urwanda vyo gukorana na FDLR ari urwitwazo rwa leta y'ico gihugu kidafitiye ivyemezo rugituma ibandanya isotora Congo.

Lord (Tariq)Ahmad of Wimbledon, umushikiranganji wa reta y’Ubwongereza ajejwe Aziya y’epfo, uburasirazuba bwo hagati, ONU n’uburenganzira bwa muntu, akongera kaba n’intumwa idasanzwe y’umushikiranganji wa mbere mu kurwanya ihohotera rishingiye ku gitsina, amenyesha ko reta y’Ubwongereza yiyamiriza iyi ntambara n’ingene M23 igenda yigarurira uturere.

Mu butumwa yacishije ku rubuga rwa Twitter, Lord (Tariq)Ahmad avuga ati: “Imishamirano itegerezwa guhagarara. Gufasha M23 bitegerezwa guhagarara. Impande zompi zitegerezwa kuja mu biganiro”.