Itiro: Kubera iki ari ngombwa gusinzira n'imiburiburi amasaha atanu buri joro?

JASMIN MERDAN

Ahavuye isanamu, JASMIN MERDAN

Nk'uko abashakashatsi babivuga, itiro ry'amasaha atanu n'imiburiburi rishobora kugabanya ingorane z'amagara ku bantu barengeje imyaka mirongo itanu.

Bemeza ko ingorane z'amagara zishobora gutuma utaronka itiro, ariko gusinzira nabi bishobora kuba ikimenyetso c'amagara mabi. Biamaze kwemezwa ko itiro rituma umuntu aruhuka, umubiri n'umushaha bigasubira itoto, ariko kuba umwanya umuntu amara asinziriye ushobora kuba ari ngirakamaro ntibizwi neza.

Icigwa ca PLoS Medicine carakurikiranye amagara n'itiro ku bakozi ba reta b'abongereza.

Ikibazo gikurikira ni co cabajijwe umwe wese ku bantu 800 bagizweko amatohoza: "Musinzira amasaha angahe mw'ijoro mugereranije buri indwi?"

Bamwe muri bo bari bafise isaha ku kuboko yo gukurikirana itiro ryabo.

Kandi baragiriwe ibipimo vy'ingwara zidakira harimwo ingwara y'igisukari (Diabete), kansere (cancer) n'ingwara ziterwa n'umutima, mu kiringo c'imyaka 20.

Abasinzira n'imiburiburi amasaha atanu bafise imyaka 50 bagaragara nk'abashobora kugwara ingwara ku bice 30% kurusha abaryama amasaha indwi.

Ivyo vyigwa vyerekanye kandi ko kuryama umwanya muto ufise imyaka 50 ushobora gupfa, cane cane uzize ingwara zidakira.

Kenshi abahinga basaba ko umuntu asinzira amasaha indwi canke umunani, nk'uko bivugwa n'abashakashatsi bo muri kaminuza za College London na Paris Cite.

Kubera iki dusinzira?

Abahinga ntavyo baramenya neza, ariko birazwi ko itiro rifasha ubwonko kuguma bwibuka no kugumana akanyamuneza no gukora udakebaguzwa.

Itiro kandi n'akaryo ku bwonko ko kwigizayo imicafu.

Umuntu aryamye

Ahavuye isanamu, Getty Images

Impanuro kugira usinzire neza

  • Iruhishe ku murango mu gukora ibikorwa, ariko ugabanye umurindi hageze ko uryama.
  • Reka kuryama ku murango
  • Gira inyifato imwe mw'ijoro kandi ukore ku buryo icumba cawe kiruhura ku buryo gituma usinzira: ibitambara bipfuka amadirisha bifise intimbambatimba nini, ubushuhe bugereranye n'igitanda gishashe neza; kureka gusamara nko kuguma kuri telefone uryamye.
  • Kugabanya canke kureka burundu ibintu birimwo ikawa n'inzoga hegereje kuryama.
  • Bishitse ntusinzire, ntiwihate kandi ntushavure - Vyuka urabe ikintu ukora gisamaza akanya gato, nko gusoma igitabo, hanyuma ugaruke uryame wumvise itiro.
  • Mu gihe ukora amasaha atandukanye, gerageza kuryama ku murango gato imbere y'uko utangura gukora urukurikirane rw'imisi y'ijoro, kugira habe kumenyera.

Prof Derk-Jan Dijk arongoye ikigo Surrey Sleep yabwiye BBC News ati: "Ivyo bikorwa vyaje kwemeza ko kuryama umwanya muto atari vyiza kuri twebwe. Muri rusangi, si vyiza ku magara yacu - n'aho kuri bamwe, bisa n'uko ataco bitwaye.

"Ikibazo gikomeye n'ukumenya kubera iki abantu bamwe bamwe baryama umwanya muto. Biva kuki? Hari ico dushobora kubikorako? Itiro n'ikintu gishobora gutuma ubuzima buhinduka ku ruhande rumwe."

Igihe kirekire co kudasinzira neza gishobora kugira ingaruka mbi ku kungene umuntu abaho.

Abaganga ubu bandikira gake abagwayi imiti yo gusinzira, ishobora kugira ingaruka zishobora gutuma umuntu aca ayimenyera.

Ariko ingorane z'itiro zishobora gutorwa inyishu kandi uburyo bwo gufashwa buriho.