Kunywa itabi n'igisukari birongereza ukugeramigwa n'ingwara y'umutima ku bapfasoni

3D illustration of the female human heart anatomy

Ahavuye isanamu, Getty Creative

Abapfasoni banywa itabi, bafise ingwara y'igisukari canke iyo ivumbuka ry'umurindi w'amaraso bashora kugeramirwa n'ingwara y'umutima gusumba abagabo bafise izo ngwara, nk'uko ivyigwa vyakozwe na UK adults ryabisanze.

Abo bashakashatsi banditse muri BMJ, bavuga ko abapfasoni bakwiye kuvurwa co kimwe nk'abagabo kandi bakwiriye gufashwa guheba itabi.

Abaganga bategerezwa kumenya vyihuta abagwayi b'abapfasoni bageramiwe.

Abagabo barafatwa n'iyo ngwara y'umutima incuro zitatu gusumba abapfasoni.

Ivyo vyigwa, vyari birongowe n'abashakashatsi bo muri kaminuza ya Oxford, bakurikiranye abantu bababa 500.000 bafise hagati y'imyaka ya 40-50.

Mu myaka irenga indwi, abantu 5.081 baragwaye ingwara y'umutima ubwa mbere, kandi umwe muri batatu muri bo bari abapfasoni.

N'aho ugushobora kugeramirwa n'ingwara y'umutima kuri hasi cane mu bapfasoni ugereranije n'abagabo kandi ku myaka yose, bimwe mu bibitera bifise ingaruka nini ku bapfasoni.

Abapfasoni banywa itabi bashobora gufatwa n'ingwara y'umutima incuro zitatu gusumba abapfasoni batanywa itabi - Ariko mu bagabo banywa itabi biyongera incuro zibiri.

Umurindi w'ivumbuka ry'amaraso urongereza ukugeramirwa gushika 83% gusumba ku mugabo.

Ubwoko bwa 1 n'umbwa 2 bw'igisukari vyose bifise ingaruka nini ku ngwara y'umutima ku bapfasoni ugereranije n'abagabo, nk'uko ivyo vyigwa vyabisanze.

Abashakashatsi bavuga ko batazi igituma bifatira ku gitsina, kandi nta mwanzuro bashoboye gushikako ku kibitera n'inkurikizi, ariko barafise bimwe mu bigaragara bafatirako.

Woman clutching heart

Ahavuye isanamu, Getty Images

Uko abantu babayeho bishobora kuba ari yo mpamvu. Nk'akarorero, ubwoko bugira kabiri bw'igisukari, itegwa ahanini no kurya nabi n'ingene abantu babayeho, bishobora kugira ingaruka ku mitima y'abapfasoni gusumba ku bagabo.

Ariko ico cigwa kivuga ko abapfasoni kenshi atabona ko bageramiwe n'ingwara y'umutima kandi bakaba bashobora kuba badafatwa neza no kuvurwa n'abaganga.

Abo bahinga bavuga ko abagabo ari bo bakunze kugwara ingwara y'umutima ariko ko iyo ngwara ari yo ikunze guhitana abapfasoni benshi mu Bwongereza.