Ihindagurika ry’ibihe: Ibihugu bitunze vyagirizwa n’ibikenye ‘guhemuka’ mu biganiro vy’i Bonn

Ibihugu bikenye vyagiriza ibitunze ko vyabihemukiye mu gukwega ibirenge mu gushumbusha ku bidukikije vyononywe mu myaka amajana.

Bari bizeye ko ico kibazo c’inshumbusho kija ku rutonde rw’ibizokwigwa mu nama y’ishirahamwe mpuzamakungu ya 27 kw’ihindagurika ry’ibihe - Cop27 - yimirije mu kwezi kwa Munyonyo (kwa 11).

Ariko haracari amadidane kuri uno munsi wa nyuma w’ibiganiro bibera i Bonn mu Budage.

Ibihugu bikenye bimaze imyaka amajana biterwa n’ibihugu bitunze.

Bivuga ko bikeneye amafaranga yo guhangana n’ingaruka z’ihindagurika ry’ibihe kuko bihanzwe gusumba ibihugu bitunze kandi bikaba bifise uburyo buke bwo kwirwanako.

Amazinga (ibirwa) hamwe n’ibihugu bikenye vyemeye kugabanya ibikorwa bituma imyuka yonona ikirere irwira, mu nama y’ibihugu yabaye umwaka uheze kw’ihindagurika ry’ibihe - Cop26 -, bifatiye ku muhango vyari vyahawe n’ibihugu bitunze ko bizoca bitanguza umugambi wo gutanga inshumbusho.

Ariko mu biganiro vyabereye i Bonn, bavuga ko ico kibazo cashizwe ku ruhande n’ibihugu vyo ku mugabane wa Bulaya na Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Alex Scott wo mu kigo E3G kijejwe guterera ivyiyumviro ku bidukikije yagize ati: “Umwumvikano wabaye n’uko hoca hatangura ibiganiro no gufata ingingo zo kuraba ingene iyo nshumbusho ku vyatakajwe canke vyononekaye kubera ihindagurika ry’ibihe yoheza ikagenda”.

"Kandi ntaco nabonye turashikako hano. Ahubwo twabonye icahawe umwanya wo kuganirwako ari uburyo ingorane zimwe zimwe zihari zotorerwa umuti."

Kuri benshi mu bari muri iyo nama, ico bita ‘ivyatakaye n’ivyononekaye’ vyabaye ikibazo nyamukuru mu biganiro mpuzamakungu kw’ihindagurika ry’ibihe.

"Erega tumaze imyaka itari munsi ya 25 dutakaza ibintu ibindi vyononekara”, Uko niko Adriana Vasquez Rodriquez wo mw’ishirahamwe rijejwe gukingira ibidukikije ‘La Ruta del Clima’ ryo muri Costa Rica avuga.

Agira ati: “Dufise imiryango yatakaje ingo, imirima, ubuzima, kandi nta n’umwe ariko arabashumbusha kuri ivyo, ibidutunze bitera biyoyoka, kandi aho ni mu gihe dutunzwe n’amadeni.”

Ibihugu biriko biratera imbere bivuga ko ihindagurika ry’ibihe biteze ryatumwe n’iduga ry’urugero rw’imyuka yonona igisenge c’isi imaze imyaka isukwa mu kirere, ituruka mu bihugu bitunze.

Bavuga ko ibihugu vya Bulaya na Leta zunze Ubumwe za Amerika bifise inshingano zo gushumbusha ibindi bihugu ku vyononekaye n’ivyatakaye burundu.

Bitinya ko hamwe vyokwemera gutanga inshumbusho kuri iyo myuka yasutswe mu kirere muri kahise, bishobora gutuma ivyo bihugu bihahombera miriyaridi z’ama dorari vyotegerezwa gutanga mu myaka igera ku mirongo ndetse n’amajana muri kazoza.

Icari cashitsweko mu nama ya Glasgow ni ugushiraho ibiganiro ku vyatakaye n’ivyononekaye, ari nayo bimwe mu bikorwa vyatanguriye i Bonn vyari vyerekeye.

Ibihugu bikenye vyari vyizeye ko iyo nama y’abahinga ica iheza igashira ico kibazo c’ivyatakaye n’ivyononekaye ku rutonde rw’ibizokwigwa mu nama y’i Sharm El-Sheikh mu kwezi kwa Munyonyo (kwa 11).

Ariko kugeza ubu ivyo ntibirashoboka kubera ibihugu vyinshi bitabishigikiye.

Hamwe ata ntambwe yoterwa, abenshi baravuga ko coba ari ikibazo kigumye kuko bitokworoha guhuza mu nama yimirije ya Cop27.

Conrod Hunte, aserukira urunani rw’amazinga mato mato - AOSIS (Alliance of Small Island States) - yagize ati: “Vyoba bigoye cane”, ati: "Mbe n’iki turashikako hano, nta kintu kinini, niko novuga, hari vyinshi tugikeneye gukora. None biranezereye? Oya, sinezerewe.”

Abaharanira gukingira ibidukikije bo barushije abaserukira ibihugu mu gushikiriza ivyo biyumvira.

Aciye ku rubuga rwa Twitter, Tasneem Essop wo mu runani ‘CAN International’ (Climate Action Network) yagize ati:

“Ibihugu bigeramiwe vyarahemukiwe n’ibihugu bitunze. Bulaya, Amerika n’ahandi, nibo babereye intambamyi umugambi wo gutanga inshumbusho ku vyatakaye n’ivyononekaye”

Yavuze ati "ibiriko bibera mu biganiro hano Bonn biratubabaje cane.”

Bamwe barafashe intumbero igihe intumwa ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika kw’ihindagurika ry’ibihe John Kerry yabwira BBC ko isi igiye “gusha bwa nkono”, hamwe imyuka yonona igisenge itogabanywa mu buryo bwihuta.

Rachel Rose Jackson wo mw’ishirahamwe ‘Corporate Accountability’ we avuga ko “Ibihugu vyo mu bumanuko bw’isi atako bitagira mu kugondoza Amerika, ari nayo isohora imyuka myinshi, kugirango ishumbushe ku vyo yononye.“

"Aho ni mu gihe Amerika ikomeza gucanira inkono y’ikinyoma kigamije gutevya no kwongera gutevya impamvu zose zotuma basabwa gutanga inshumbusho kw’ihindagurika ry’ibihe. Amerika ntiriko irasha ahubwo niyo icaniriye inkono”.