Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ivyo inyandiko za Pentagon zanyerejwe zerekana
- Umwanditsi, Paul Adams, Jean Mackenzie na Antoinette Radford
- Igikorwa, BBC News
Inyandiko nyinshi zikiri mw’ibanga za Reta Zunze Ubumwe za Amerika zanyerejwe zikaja ahabona ku mbuga hwaniro ziratanga umuco ku butasi bwa Amerika ku bindi bihugu.
Amasanamu y’izo nyandiko yagaragaye kuri app yo guhanahana ubutumwa ya Discord kuva mu ntango y’ukwezi kwa Ntarante (kwa gatatu).
Izo nyandiko, ziriko ibirangaminsi n’impfunyapfunyo z’amajambo ya gisirikare, zimwe zanditseko ‘’mw’ibanga rihanitse’’, zerekana mw’ido n’ido ishusho y’intambara yo muri Ukraine kandi zigantanga amakuru ku Bushinwa n’ibihugu vy’incuti.
Abategetsi ba Pentagon bivugwa ko bemeza ko izo nyandiko ari izo ukuri.
BBC News n’ibindi bigo vyo kumenyesha amakuru vyarihweje izo nyandiko, ibikuru bikuru bizirimwo bikaba ari ibi.
Umunyamabanga mukuru wa ONU ''aratahura cane'' Uburusiya.
Reta Zunze Ubumwe za Amerika zemera ko aho umunyamabanga mukuru wa ONU ahagaze ku mwumvikano ukomeye werekeye intete wahungabanije kugerageza ko Uurusiya bubazwa ibiriko birabera muri Ukraine.
Antonio Guterres yari yiteguriye cane kwumva inyungu z’Uburusiya, ku bw’izo nyandiko zerekana ko Abanyamerika bagumye bamukurikiranira hafi.
Inyandiko nyinshi ziravuga ku vyo Guterres yayaze n’icegera ciwe.
Imwe muri izo nyandiko ishimikiye ku mwumvikano w’intete zicishwa mu Kiyaga Cirabura (Black Sea/ Mer Noire), washitsweko bifashijwemwo na Turkia hamwe na ONU muri Mukakaro (7) bitumwe n’ubwobwa ko hashobora kuba akaga k’ubukene bw’ivyo kurya kw’isi.
Iyo nyandiko yerekana ko Guterres yashaka cane ko uwo mwumvikano ukomeza ku buryo yari yiteguriye kwemera ibisabwa n’Uburusiya – ‘’ivyahungabanya’’ utwigiro muri rusangi tw’uko Uburusiya bubazwa [ibijanye n’intamnbara ya Ukraine]’’
Yorodaniya yaratinye ukwihora kw’Ubushinwa kuri Huawei
Mu gihe ahanini izo nyandiko zanyerejwe, mu nzira imwe canke iyindi, zerekeye intambara yo muri Ukraine, hariho izindi zerekeye ibindi bibazo ataho bihuriye n’iyo ntambara.
Vyinshi bitanga umuco ku myitwarariko ya Amerika ku bibazo vy’isi.
Nk’ikwirakwira n’ikigamijwe n’ubuhinga bw’Ubushinwa.
Inyandiko zitatu zishingiye ku butasi bwo mu mpera za Ruhuhuma (2) zivuga ido n’ido z’ivyo abategetsi b’abanya-Yorodaniya bavuganye ku kwemera canke kwanka kompanyi y’Ubushinwa Huawei ku migambi yayo yo gutanguza imihora ya G5.
Umuganwa Samuragwa wa Yorodaniya Hussein, yari ajejwe gushira mu ngiro uwo mugambi, muri iyo nyandiko bivugwa ko yari afise ubwoba ko kwihora kw’Ubushinwa hamwe Huawei itokwemererwa.
Kandi si aho honyene ubwoba bw’ukwihora kw’Ubushinwa bugaragara.
Iyondi nyandiko yo ‘’mw’ibanga rihanitse’’ yerekeye ‘’uguteza imbere ubushobozi bw’Ubushinwa bwo gukaba ibitero vyo kuri internet.’’
Ivuga ko [ubwo bushobozi] bugamije ‘’guhakana, gukorerako, guhushisha imihora y’ibigendajuru mu nzira y’umukenyuro wabwo wo kugenzura amakuru, ivuga ko ari urubuga rukomeye rwo kurwana intambara.’’
Ukutuvikana kw'Abarusiya ku gitigiri c'abagwa ku rugamba
Inyandiko ziherutse gutorwa zerekana ko abategetsi b’Uburusiya badacana uwaka ku bijanye no kuvuga abagwa muri Ukraine.
Urwego rukuru w’ubutasi, FSB, ‘’rwagirije’’ ubushikiranganji bw’igihugu bujejwe kwivuna abansi kugira ikintu gito ingaruka z’intambara ku bantu, nk’uko izo nyandiko zibigaragaza.
Ivyo biherutse gutorwa vyerekana ingene inzego z’ubutasi za Amerika zishika kure mu gucengetera inzego z’ubutasi n’igisirikare vy’Uburusiya.
Ingabo zidasanzwe z’ibihugu vy’iburengerazuba zikorera muri Ukraine
Inyandiko imwe, yo kw’itariki ya 23 Ntwarante(3), ivuga ko igitigiri gito c’ingabo zidansanzwe z’ibihugu vy’iburengerazuba zikorera imbere muri Ukraine, itavuze ico zikora n’aho zitumbereye.
Ubwongereza nibwo bufise abantu benshi (50), hagakurikira Latvia (17), Ubufaransa (15), Amerika (14) hamwe n’Ubuhorandi (1).
Ibihugu vy’iburengarazuba ku bisanzwe biririnda kugira ico bivuze kuri bene ivyo bibazo nkoramutima, ariko ivyo ubutegetsi bw’Uburusiya ntibuzoreka kubisimbirako, mu gihe ubu vuba bwavuze ko budahanganye na Ukraine gusa, buhangane kandi na Otan.
Izindi nyandiko zivuga ryari inteko nshasha za Ukraine -ziriko zirategurwa ngo zigabe igitero mu ndwi nkeya – zizoba zimeze magabo.
Zerekana mw’ido n’ido, urutonde rw’ibiduga vy’intambara (chars), imiduga itamenwa n’amasasu n’ibikoresho vyo kurasa vya muzinga Ukraine iriko irahabwa n’ibihugu vy’iburengerazuba bicuditse.
Ikarata imwe irimwo ikirangaminsi cihweza ingene ku butaka hazoba hameze muri Ukraine y’ubuseruko mu gihe igihe gikurikira ic’ubukonje (spring/printemps) kiriko kiraza.
Amerika nta mahirwe menshi aha igitero ca Ukraine
Ku bw’ikinyamakuru Washington Post, imwe mu nyandiko zo mu ntango z’ukwezi kwa Ruhuhuma (2) yerekana amahirwe make y’uko Ukraine yogira ico ishikako muri ico gitero cimirije co gusubiza inyuma ingabo z’Uburusiya, ivuga ko ingorane zo kuronka no gushigikira zishobora gushika ku ‘’kugaruza ubutaka kudashemeye’’.
Ingorane za Ukraine zo kubungabunga uburyo ikeneye cane bwo kwivuna biciye mu kirere nazo zirihwezwa, aho hari ukugabisha kuva mu mpera za Ruhuhuma ko Ukraine ishobora guheranwa n’ibisasu vya misire nkenerwa cane.
Ibitigiri vy’abagwa n’abakomerekera ku rugamba navyo birimwo.
Inyandiko imwe yerekana ko abasirikare b’Abarusiya bashika ku 223.000 bapfuye canke bakomeretse, abanya-Ukraine nabo bakaba bashika 131.000.
Bamwe mu bategetsi ba UKraine bariyamirije izo nyandiko zanyerejwe, bavuga ko zishobora kuba ari iz’isekeza ry’Uburusiya ryo gukwiragiza amakuru atari yo. Ariko hari kandi n’ibimenyetso vyo kubabara no gushavura.
Umwe mu bajenama b’umukuru w’igihugu, Mykhailo Podolyak, yanditse kuri Twitter ati:
‘’Dukeneye umwanya muto kuri izo nyandiko zanyerejwe n’ibigwanisho birasa kure kugira intambara irangire neza’.’
Misiri yaragize umugambi wo guha roketi Uburusiya
Washington Post yararonse iyindi nyandiko yo kuva hagati mu kwezi kwa kabiri, aho basanga Misiri yari ifise imigambi yo gukora roketi 40.000 z’Uburusiya mu mpisho.
Washington Post ivuga ko prezida Abdul Fatah al-Sisi yabwiye abategetsi ko ikorwa ry’izo roketi n’ukuzirungika vyoguma mw’ibanga kugira "hirindwe ingorane n’ibihugu vy’iburengaruza”.
Umutegetsi asubirwamwo avuga ko “azotegeka abakozi biwe gukora bakurakuranwa bibaye ngombwa kuko nico kintu Misiri ishoboye gukora kugira irihe Uburusiya imfashanyo itavuzwe iyo ariyo [bwahaye Misiri]”.
Ntibizwi ico imfashanyo yari yaratanzwe bisigura. Mu kwezi kwa Nzero, Reuters yari yavuze inkuru y’uko uruhara rw’Uburusiya mu ngano Misiri igurira hanze rwongerekanye mu 2022, isa n’iyibaye insiguro imwe.
Nta cerekana ko Misiri - igihugu gisanzwe kironka imfashanyo ya Amerika mu vy’umutekano, ishika ku muriyaridi w’ama dorari ku mwaka – yoba yaragurishije ivyo bigwanisho ku Burusiya.
Umutegetsi atavuzwe izina yasubiwemwo n’ibinyamakuru vyo mu Misiri yavuze ko ibivugwa “ata shingiro na rito bifise” kandi ko Misiri ata ruhande yigeze ifata muri iyo ntambara.
Uburusiya bwavuze ko ari “ikindi gihuha kitagira ishingiro”, ibiro vya prezida wa Amerika navyo bikavuga ko “ata kimenyetso” kihari ko Misiri yahaye ibigwanisho Uburusiya.
Korea y’Epfo yabuze uko igira ku guha ibigwanisho Ukraine
Inyandiko ikiri mw’ibanga, yabonywe na BBC, ihishura ko Korea y’Epfo yabuze ico ifata n’ico ireka ku bijanye no kugurisha ibigwanisho vyokoreshwa muri Ukraine.
Ico cegeranyo, gishingiye ku butasi bw’ibimenyetso vy’ihererekanywa riciye mu mishwarara (signals intelligence), ritanga ido n’ido ry’ibiyago vy’amabanga hagati y’abajenama mu bijanye n’umutekano.
Babura ico bafata n’ico bareka hagati y’igitsure ca Amerika co kurungikira Ukraine ibigwanisho na poritike yabo yo kudaha ibigwanisho ibihugu biri mu ntambara.
Umwe mu bajenama atanga iciyumviro c’uko ahubwo ibisasu vyorungikirwa Pologne, kugira berekane ko batatinye igitsure ca Amerika.
Ku mwumvikano wo kugura ibindi bigwanisho mu mwaka uheze, Korea y’Epfo yarashimitse yihaniza ko Amerika itoha ivyo bisasu Ukraine.
Korea y’Epfo yagumye igonanwa guha ibigwanisho Ukraine, kubera ubwoba bwo guhangana n’Uburusiya.
Iyo nyandiko yateye impungenge muri Korea y’Epfo, abatavuga rumwe na reta bakibaza ingene Amerika yoba yarashoboye kwabura ikiyago nk’ico co mu rwego rwo hejuru.
Ubushinwa bwarakoze igeragezwa ry’ibigwanisho bidasanzwe canke bitamenyerewe (experimental weapons)
Washington Post yatoye ko Ubushinwa bwagerageje imwe muri misire ziri mu bwoko bw’ivyo bigwanisho – DF-27 inyaruka kurusha ijwi - ku wa 25 Ruhuhuma.
Iyo misire yagenze mu kirere iminota 12 ahantu hareha na km 2.100, ku bw’izo nyandiko.