Arabie Saudite iriyamiriza igitero ku nzu y'ubuserukizi bwayo muri Sudani

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mu 'majambo akaze cane', Arabia Saudite yiyamirije yivuye inyuma igitero cakozwe ku nzu y'ubuserukizi bwayo ku mugwa mukuru wa Sudani, i Khartoum.
Ubushikiranganji bw'imigenderanire bwa Arabie Saudite bwagirije imigwi yitwaje ibigwanisho gutera no gusambura iyo nyubakwa i Kharthoum, bwongerako ko ibintu n'amazu vy'abakozi b'ubwo buserukizi vyononywe.
Igihugu ca Arabie Saudite kiri kumwe na Reta zunze Ubumwe za Amerika vyaragize uruhara rukomeye mu kugerageza guhuza impande zishamiranye kuva intambara yaduka hagati y'ukwezi kwa kane.
Mwitangazo, ubwo bushikiranganji bwagize buti:"Ingoma ya Arabie Saudite irateye ivyatsi ubwicanyi n'ubwononyi bitumbereye ubuserukizi bw'ibihugu."
Bwavuze kandi ko bikenewe guhangana n'imigwi, kubw'ubwo bushikiranganji, iriko iragerageza kuburizamwo igarukanwa ry'ituze n'umutekano muri Sudani.
Iryo tangazo ryashizwe kuri Twitter, ntiridomako urutoke umugwi uri inyuma y'ico gitero.
Imigwi iriko itana mu mitwe n'igisirikare hamwe n'umugwi witwara gisirikare Rapid Support Forces (RSF) - iyo migwi ibiri ikaba irabana ayo ingwe kuva ifashanije gutembagaza ubutegetsi mu kwezi kwa cumi mu 2021.
Ibimenyeshamakuruvyo muri Arabie Saudite vyagumye bigerageza kutagira aho vyegamira mu gutangaza inkuru zijanye n'iyo ntambara. Ku musi wa kane, urubuga rwa Al Arabiya rwo muri ico gihugu rwamenyesheje ko mu kwezi guheze, igisirikare cavuze ko gishobora kutabandanya gucungerera umutekano abaserukira ibihugu vyabo, cagiriza RSF kugira ibitero ku nzu z'ubuserukizi bw'ibihugu.
Gushika mu ndwi iheze, igihugu ca Arabia Saudite caguma gitunganya ibiganiro vyo guhagarika intambara i Djeddah hagati y'abashamiranye.
Hagati aho urubeya rwinshi rwabonetse mu karere ko ku mugwa mukuru Khartoum karimwo ihinguriro ry'ibigwanisho biturutse ku mishamirano hagati y'abagwanyi ba RSF n'igisirikare.
Amafoto y'imbeya mu karere ka Yarmouk kari mu burengero bw'ico gisagara yashizwe ku mbuga hwaniro kandi zikaba zinagaragara ku mafoto y'ibigendajuru.
Abagwanyi ba RSF bavuga ko bari barigaruriye ako karere karimwo amahinguriro menshi, ikigo ca gisirikare hamwe n'ububiko bw'igitoro.
Ntitwashoboye kumenya uko uwo muriro watanguye, ariko amasanamu yo kuri uyu wa gatatu ya Nasa arerekana ibimenyetso vy'ubushuhe vyafashwe n'ibigendajuru mu bibanza vyinshi vyo muri ako karere.










