Intambara muri Sudani: Agahengwe kari kitezwe ntikubahirejwe hose

Khartoum

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umuduga wa RSF mu mabarabara ya Khartoun ku wa mbere
    • Umwanditsi, James FitzGerald
    • Igikorwa, BBC News

Agahengwe gashasha ko guhagarika intambara kararenzweko buno nyene kagitangura kuja mu ngiro ku wa mbere mw’ijoro mu masaha yo muri Sudan.

Ako gahengwe k’indwi imwe kabonetse inyuma y’ibiganiro vyahagarikiwe na Arabia Saudite na Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Ni vyo biganiro vya mbere nyavyo kuva iyo ntambara itanguye haraheze amayinga atanu.

Gashimikiye ahanini ku kworohereza itangwa ry’imfashanyo ikenewe cane ku bantu batakigira cepfo ca ruguru.

Ako gahengwe katanguye icese isaha zitatu z’ijoro n’iminota 45 (21h45) mu masaha yo muri Sudan (19h45 kw’'isaha mpuzamakungu ya GMT).

Ariko abavyiboneye bavuze ko habaye izindi ntureka ku murwa mukuru, Khartoum, n’ahandi.

Ariko gushika ubu nta ngwano ziravugwa kuva mu gitongo co ku wa kabiri.

Intanbara muri Sudan yatanguye haraheze amayinga atanu, yadutse kubera ukunyinyanira ubutegetsi hagati y’abasirikare babiri, umwe arongoye igisirikare c’igihugu, uwundi nawe atwara umugwi umeze nk’igisirikare.

Hamaze kugeragezwa kenshi gushika ku gahengwe muri ico gihugu co mu buraruko bushira ubuseruko bwa Afrika, ariko buri gihe ntigafate canke ntikarame.

Hari habaye icizere kurusha mbere muri aka gahengwe gashasha kashitsweko inyuma y’ibiganiro.

Niko gahengwe ka mbere kemejwe nyavyo kandi kagashirwako umukono n’impande zibiri zigwana.

Nta rwego rwo kugashira mu ngiro ruhari, ariko hari urwo gusuzuma ko kubahirizwa, n’ico ni gishasha.

Ariko uwo mugwi uteye bwa gisirikare, Rapid Support Forces (RSF), waciye usohora ubutumwa bw’intambara amasaha make imbere y’uko uwo mwumvikano utangura kuja mu ngiro.

Ibarabara rya Khartoum muri iki gitondo co kuwa 23/05/2023

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Menshi mu mabarabara ya Khartoum yagaragara mu gitondo c'uno munsi
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Jenerari Mohamed Hamdan Dagalo – azwi cane nka Hemedti – yafashwe amajwi ariko avuga ko ingabo ziwe zitazoruhuka ‘’gushika duhejeje iri tembagazwa [ry’ubutegetsi]’’.

Moe Faddoul aba Khartoum yabwiye BBC ko haheze iminota agahengwe gatanguye, habaye ibitero bibiri bikomeye vyo mu kirere mu burengero bw’igisagara, ahari ikambi nkuru y’indege y’igisirikare.

‘’Inzu ndimwo yanyiganyize, niko avuga.

Hanabaye ugutana mu mitwe, ariko kurwana kuva ico gihe vyaciye bihagarara, nk’uko Faddoul avuga.

Yavuze ko ico gisagara gihakwa kumera nk’ico ‘’abantu bahevye’’.

Abantu benshi barahunze, nta modoka mu mabarabara, abantu bake cane nibo bagendegenda mu mabarabara barondera ivyankenerewa, nk’uko Faddoul avuga.

Hagati aho abanyagihugu basanzwe babwiye Reuters ko bumvise inkoho zivuga muri Omdurman na Bahri, ibisagara birabana na Khartoum.

Ariko nta bikorwa bihambaye bavuze vyo kurenga ku gahengwe.

Intambara yadutse Khartoum ku wa 15 Ndamukiza (4) inyuma y’iminsi y’icuka kibi kuva aho abagwanyi ba RSF basubiriye kurungikwa irya n’ino mu gihugu, ivyo igisirikare cabonye nk’ibibangamye.

Ukunyinyana kuri gahati ya Jenerari Dagalo n’umukuru w’igisirikare Jenerari Abdel Fattah al-Burhan – asanzwe ariwe atwara igihugu kuva hatembagajwe ubutegetsi bwa perezida Omar al-Bashir mu 2019.

Abantu amajana baramaze kwicwa muri iyo ntambara kandi ONU igabisha ko ibintu bitera vyunyuka mu gihugu aho abantu benshi bari basanzwe babeshejweho n’imfashanyo n’imbere y’uko intambara yaduka.

Abantu barenga umuriyoni baramaze guhunga ingo zabo kuva intambara itanguye.