Russia: abitwaje inkoho bishe 11 bari mu myimenyerezo ya gisirikare i Belgorod

Ingabo Russia

Ahavuye isanamu, EPA

Abagabo bitwaje inkoho bishe abantu 11 ejo ku wa gatandatu mu gitero cabaye ahariko hatangirwa inyigisho za gisirikare mu Burusiya .

Mu gihe bariko bigishwa gukoresha inkoho, abagabo babiri barugururiye umucanwa ku murwi w’abiyandikishije ngo baje ku rugamba muri Ukraine, nk’uko bitangazwa n’itororokanirizo ry’amakuru rya reta, Ria.

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw’Uburusiya butangaza ko abakoze iki gitero ari abava muri kimwe mu vyahoze bigize Ubumwe bw’Abasoviyeti, ariko nta zindi nsiguro bwatanze.

Aba bantu kandi biciwe mu karere k’Uburusiya ka Belgorod, gahana urubibe na Ukraine.

Abandi bantu 15 bakomeretse.

Ria isubiramwo itangazo ry’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi rivuga riti: "Mu gihe abemeye kwitanga ngo baje gufasha mu gikorwa kidasanzwe ca gisirikare [muri Ukraine] bariko bahabwa inyigisho zo gukoresha inkoho, izi nkorabara zabugururiyeko umucanwa n’inkoho ntonto”.

"Ibi vyatumye abantu 11 bicwa. Abandi 15 bakomeretse ku ngero zitandukanye baciye banyarukanwa kw’ivuriro”.

Umukuru w’iyi ntara avuga ko ata munyagihugu wa Belgorod yishwe canke ngo akomereke.

Mu kwezi guheze, Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya yategetse ko Abarusiya 300.000 bigeze kuja mu myimenyerezo ngombwa ya gisirikare batumwako.

Iri tegeko ryatumye haduka imyiyerekano mu Burusiya, hamwe n’indiri y’abantu bagerageza guhunga igihugu.

Haciye akanya gato iri tegeko risohotse, umusirikare yandika abinjira ku kigo kimwe co muri Siberia yararashwe.

Hirya y’ejo, Putin yavuze ko abarenga 200.000 bari bamaze kwinjizwa, akabona ko ata kandi kamo kari gakenewe.