ONU iragiriza M23 kugandagura abarimyi b'Abahutu muri Rutshuru

Ahavuye isanamu, Getty Images
Inyeshamba za M23 ziragirizwa ibitero ku barimyi n'abandi basivire mu buseruko bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo kuva mu ntango za Mukakaro (7) uno mwaka vyahitanye abantu 169, nk'uko ishami rya ONU ryabibwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters.
Nk'uko biri mu matohoza y'Ibiro rusangi vya ONU bijejwe agateka ka zina muntu (U.N. Joint Human Rights Office, UNJHRO), bisanzwe bikurikiranira hagufi Congo, ivyo bitero vyahitanye aba barimyi vyatanguye ku wa 9 Mukakaro muri teritware ya Rutshuru y'intara ya Kivu ya Ruguru.
Reuters ntiyashoboye guhinyuza ivy'ubu bwicanyi, ariko uwuharanira uburenganzira muri ako karere asubiramwo abavyiboneye bavuga ko abarwanyi ba M23 bakoresheje inkoho n'imipanga mu kugandagura abasivire batari bake.
Bertrand Bisimwa arongoye umuhari M23 yabwiye Reuters ko uno muhari uzokora amatohoza, ariko ko iki cegeranyo gishobora kuba ari ico kubambika ibara.
Umuhari M23, ubu wegukira urunani Alliance Fleuve Congo (AFC), uri mu biganiro na reta ya Congo kubera intambara yatanguye mu mpera z'umwaka wa 2021, ukaba warigaruriye uturere tutari duke tw'intara za Kivu ya Ruguru n'iy'Epfo, harimwo imigwa mikuru yazo, Goma na Bukavu.
Nk'uko bivugwa na UNJHRO, M23 yakoze iki gitero ku bantu yikeka ko ari abarwanyi b'inyeshamba za FDLR zirwanya reta y'Urwanda.
"Abasivire, cane cane abarimyi bamara imisi bakambitse mu mirima yabo muri iki gihe c'irima, baratewe, aho abatari bake bishwe: nibura 169 barahasize ubuzima", niko bivugwa na UNJHRO mu cegeranyo cayo cabonwe na Reuters.
Abagandaguwe nta kuntu bari "gushobora gutabarwa canke gukingirwa na gato", nk'uko bivugwa na UNJHRO isubiramwo amakuru yahawe n'amasoko yigenga.
Mu kwishura, Bisimwa arongoye M23 avuga ko uno muhari wamenyeshejwe ivyavuye muri aya matohoza ya UNJHRO, kandi ko uzoshinga umurwi wo gutohoza kuri ibi birego bitaremezwa.
Ati: "Twemera ko imbere yo gufata ibihano, inkuru zibanza kwemezwa mu guhinyuza nimba ibivugwa ari vyo koko, habanje gukorwa amatohoza.
"Uku kwihutira gutangaza amakuru atarahinyuzwa ni poropagande, intumbero yayo izwi gusa n'Ibiro rusangi vya ONU bijejwe agateka ka zina muntu", niko avuga, akongerako ko ibi birego bishobora kuba biri mw' "isekeza ryo gucafuza" rikorwa n'abakozi ba UNJHRO b'Abakongomani.
UNJHRO igizwe n'igisata kijejwe agateka ka muntu mu butumwa bwa ONU bwo kubungabunga amahoro muri Congo, hamwe n'ivyahoze ari ibiro vy'umukuru w'igisata ca ONU kijejwe agateka ka muntu muri Congo.
Ifise abakozi bakomoka muri Congo no mu bindi bihugu.
'Abarimyi b'Abahutu ni bo batewe'
Uwo muntu aharanira uburenganzira muri Rutshuru atashatse ko izina ryiwe rimenyekana ku mvo z'umutekano, yabwiye Reuters ko abarwanyi ba M23 bishe abasivire barenga 100, bagizwe ahanini n'abarimyi b'Abahutu b'Abakongomani.
Avuga ko imbere y'aho aba bishwe bari barahunze igihe M23 yasatira iyi teritware, ariko mu nyuma bakagaruka M23 ibemereye ko umutekano wabo uzokwubahirizwa.
Umuvugizi wa reta ya Congo Patrick Muyaya yabwiye Reuters ko ubu bwicanyi bw'i Rutshuru ari icerekana ko M23 ari umurwi wo guteza umudugararo udashobora kuzana ituze.
Mu kwa gatandatu, umukuru w'ishami rya ONU rijejwe agateka ka zina muntu Volker Turk yavuze ko M23, igisirikare ca Congo, n'imirwi y'abarwanyi ikorana na co, bose bakoze amabi mu buseruko bwa Congo, menshi ashobora kuba ivyaha vyo mu ntambara.
Reta y'Urwanda yagirizwa ko ari yo ifatiye umuriro M23, ivyo Urwanda rwagiye ruhakana, rukavuga gusa ko ingabo zarwo zifata ingingo zo gukingira igihugu ibitero vya FDLR.
Kigali na yo yagiriza igisirikare ca Congo gukorana n'izi nyeshamba zishaka gutembagaza ubutegetsi bw'Urwanda, reta ya Congo ikavuga ko ibi ari ivyitwazo kugira ruvogere ubutaka bwayo.
Icegeranyo c'ibanga c'umugwi w'abahinga ba ONU mu ntango z'ukwezi guheze, kivuga ko Urwanda ari rwo rwategeka rukongera rukagenzura abarwanyi ba M23 igihe bariko bigarurira uturere mu buseruko bwa Congo, kugira ngo rushobore kugira igihagararo muri poritike, be no kwigarurira uturere turwiriyemwo amabuye y'agaciro.













